ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 32
  • “Nariboneye ubugenzi, urukundo be n’ukwitwararikana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nariboneye ubugenzi, urukundo be n’ukwitwararikana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 32

“Nariboneye ubugenzi, urukundo be n’ukwitwararikana”

“NI MWAGIRIRANIRA urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje” (Yohana 13:35). Nk’uko Yezu yari yarabivuze, urukundo ni rwo rwaranze ikivukano ca gikirisu co mu ntango. Tertullien, igihe yandika hashize imyaka irenga ijana Kirisitu apfuye, yasubiyemwo ivyo ababitegereza bavuga ngo: ‘Raba ingene bakundana n’ingene kandi biteguriye umwe wese gupfira mugenziwe’.

Mwene urwo rukundo rwoba rukiriho mw’isi? Ego cane. Rimbura nk’akarorero ikete ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Berezile vyaronse. Uwanditse iryo kete, akaba ari umugore yitwa Marília, yanditse ati:

“Mu gihe naba i Villa Mercedes muri Arijantine, mawe, na we akaba ari Icabona ca Yehova, yararwaye ya ndwara y’ibungika ryo mw’ifatanirizo ry’amagufa, iramumugaza guhera mu kiyunguyungu kumanuka. Mu mezi umunani ya mbere afashwe n’iyo ndwara, Ivyabona b’i Vila Mercedes ni bo bamwitwararikana urukundo n’umutima mwiza. Baritwararika akantu kose, bagasukura inzu yiwe bakongera bakamutegurira imfungurwa. N’igihe mawe yari mu bitaro, hama hari umuntu ari kumwe na we ijoro n’umutaga.

“Mu nyuma twe na mawe twahavuye dusubira muri Berezile, aho hakaba ari ho ariko aratorera mitende. Ivyabona b’aho tuba ubu bariko bakora ivyo bashoboye vyose kugira bafashe mawe gukira”.

Marília asozera ikete ryiwe avuga ati: “Ndiyemerera ko ubwanje ntari Icabona, mugabo nariboneye ubugenzi, urukundo be n’ukwitwararikana mu Vyabona”.

Vyemere, haracariho abantu bakora mu buryo buranga urukundo nyakuri rwa gikirisu. Mu kubigenza gutyo, baragaragaza ububasha inyigisho za Yezu zishobora kugira ku buzima bwacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika