ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/4 rup. 32
  • Afashijwe na Bibiliya, yaratsinze inyosha mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Afashijwe na Bibiliya, yaratsinze inyosha mbi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/4 rup. 32

Afashijwe na Bibiliya, yaratsinze inyosha mbi

Inyosha mbi zariraye muri iyi si ya none. Gukurikiza ingingo mfatirwako za Bibiliya ntivyoroshe. Nk’akarorero, bishobora kuba ari urugamba gukurikiza impanuro ya Bibiliya igira iti: “Muhunge ubushakanyi”.—1 Ab’i Korinto 6:18.

Icabona ca Yehova dutaziriye Sebastian yakora mw’ishirahamwe ry’ivy’ubudandaji ryo mu bihugu vyo mu karere ka Scandinavie, rikorera muri Polonye. Yategerezwa kurwana urugamba rukomeye rwo kuguma ari intadohoka.

Sebastian yaramenyekanye ko ari Icabona ca Yehova. Kubera ko abakoresha biwe bashima ingene ari umunyabikorwa kandi akagira ingeso nziza, baramushimiye mu kumushinga ayandi mabanga ku kazi. Ariko rero, vyahavuye bigaragara yuko ayo mabanga yarimwo no kwitaba amanama y’ivy’ubudandaji, aho wasanga bacishamwo bakinezereza mu buryo buteye amakenga.

Bidatevye Sebastian yaratanguye kwijijanya imitima. “Databuja arazi ko ndi Icabona ca Yehova. Ni co gituma anyizigira kandi akaba ari jewe yikorako. Ninaramuka ntagiye muri ayo manama, nzokurwa mu kazi, n’ukuntu kangoye kuronka. Hari ico vyoba bitwaye ngiye muri izo nama, yamara sinje muri ivyo vy’ukwinezereza?”.

Hari n’ibindi bintu Sebastian yahavuye amenya. Vyari vyitezwe ko ari we ngo yokwitwararitse abaguzi baje bava mu bindi bihugu mu kubaronderera abakobwa bararana. Mbega yobikitse gute?

Sebastian yafashe ingingo yo kwibutsa uwo mukoresha inyifato yiwe ishingiye kuri Bibiliya ku bijanye n’ubuhumbu. Ntivyatevye kuboneka ko Sebastian atabereye ako kazi kandi ko bitebe bitebuke yokwirukanywe. Yararonse akandi kazi k’umushahara mutoyi yamara katarimwo inyosha mbi nk’izo. Ubu yifitiye ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.

Wewe wokora iki mu gihe hari umuntu akwoheje kuja mu vy’ubuhumbu canke kuburenzako uruho rw’amazi? Woba wokwemera n’umutima ukunze kugira ihinduka riboneka? Ivyo ni vyo Yozefu wo mu bihe vya kera yagize, nk’uko mw’⁠Itanguriro 39:7-12 habivuga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika