Ya mpinduro yitwa la Bible polyglotte Complutensis ni igikoresho kidasanzwe cafashije mu vy’ubuhinduzi
NKO mu mwaka wa 1455, harabaye ihinduka ryibonekeje mu bijanye n’ugucapura Bibiliya. Uwitwa Johannes Gutenberg yarakoresheje imashini icapura ikoresheje inyuguti ziri ku twuma dupangwa tukongera tugapangurwa, kugira ngo asohore Bibiliya ya mbere icapuwe muri ubwo buryo. Bibiliya yari igiye yaboneka mu mero nziza kuruta, atari muri bwa buryo bw’ivyandikano vyandikishwa iminwe. Hari hagiye hasohorwa Bibiliya nyinshi kandi ubiravye zobaye zizimbutse kuruta. Bibiliya ntiyotevye kuba co gitabu gikwiragijwe kuruta ibindi vyose kw’isi.
Bibiliya yasohowe na Gutenberg yari mu kilatini. Ariko incabwenge z’i Buraya ntizatevye gutahura yuko hakenewe igisomwa ca Bibiliya cokwizigirwa, kiri mu ndimi z’intango, izo na zo zikaba ari igiheburayo n’ikigiriki. Ekeleziya Gatolika yabona ko ya mpinduro y’ikilatini Vulgate ari yo mpinduro ya Bibiliya yonyene yemewe, yamara hariho ingeramizi zibiri zihambaye. Mu kinjana ca 16, abantu benshi ntibatahura ikilatini. Vyongeye, mu myaka irenga igihumbi, ivyanditswe vyo muri iyo mpinduro vyari bimaze kujamwo amakosa menshi ashizwemwo n’abaza barimura iyo mpinduro.
Baba abahinduzi, zaba incabwenge, bose bari bakeneye Bibiliya mu ndimi z’intango be n’impinduro iryohoye y’ikilatini. Mu 1502 Karidinali Jiménez de Cisneros, akaba yari umuhanuzwajambo w’Umwamikazi Isabella wa mbere wa Esupanye mu vya politike be no mu vy’idini, yarafashe ingingo yo kubaronsa ico kintu bari bakeneye mu gusohora Bibiliya imwe irimwo ivyo vyompi. Ico gikoresho kidasanzwe mu vyo guhindura Bibiliya ciswe La Bible polyglotte Complutensis. Cisneros yiyemeje gusohora Bibiliya y’indimi nyinshi irimwo igisomwa ciza kuruta ibindi co mu giheburayo, co mu kigiriki no mu kilatini harimwo n’ibice bimwebimwe vyo mu giharameya. Kubera ko ubuhinga bwo gucapura ari ho bwari bugitangura, icapurwa ry’iyo Bibiliya ryobaye ikintu c’intibagirwa mu bijanye n’ubwo buhinga.
Ico gikorwa kitoroshe na gato Cisneros yagitanguye mu kugura ivyandikano vya kera vyandikishijwe iminwe vy’igiheburayo, ivyo vyandikano bikaba vyari vyinshi muri Esupanye. Yaranatororokanije ivyandikano bitandukanye vyandikishijwe iminwe vyo mu kigiriki no mu kilatini. Ivyo ni vyo bokwisunze mu gutegura igisomwa c’iyo mpinduro. Ico gikorwa co gushira hamwe ivyo vyandikano Cisneros yagishinze umugwi w’incabwenge yatunganirije kuri Kaminuza y’i Alcalá de Henares muri Esupanye yari iherutse gushingwa. Mu ncabwenge zasabwe kugira uruhara muri ico gikorwa harimwo na Érasme w’i Rotterdam, yamara uwo muhinga karuhariwe mu vy’indimi yaranse kukijamwo.
Izo ncabwenge zamaze imyaka cumi zishira hamwe ivyandikano vyahavuye biba muri iyo mpinduro amahanga, maze icapurwa ubwaryo ritwara iyindi myaka ine. Ubuhinga muri ivyo bintu bwarimwo ingorane nyinshi kubera yuko abacapuzi b’Abasupanyoli batari bafise indome z’igiheburayo, z’ikigiriki canke z’igiharameya. Ni co gituma Cisneros yashinze umucapuzi karuhariwe Arnaldo Guillermo Brocario igikorwa co gutegura indome zo muri izo ndimi. Amaherezo, abacapuzi batanguye guhingura iyo Bibiliya mu 1514. Imbumbe z’iyo mpinduro uko ari zitandatu zarangiye ku wa 10 Mukakaro 1517, neza na neza amezi cumi imbere y’uko wa mukaridinali apfa. Igitwengeje ni uko amakopi ashika ku majana atandatu y’iyo mpinduro yose uko ingana yasohowe mu gihe nyene ya Sentare ya Gatolika yo muri Esupanye yari igeze aho ikomera canea.
Ukuntu iyo mpinduro yari itunganijwe
Urupapuro rwose rw’iyo mpinduro rwariko amakuru menshi. Mu mbumbe zine z’ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ku rupapuro rwose, igisomwa cakuwe muri ya mpinduro y’ikilatini Vulgate cari hagati na hagati; igisomwa c’igiheburayo cari kigize inkingi y’amaja ku mubari w’urupapuro; igisomwa c’ikigiriki na co, kirimwo n’insobanuro yaco y’ikilatini, kikaba kigize inkingi y’amaja kw’ifatanirizo ry’impapuro. Mu myanya isigaye igaragara yo ku mubari, hariko amatsitso y’amajambo menshi y’igiheburayo. Amaja epfo ku mpapuro zose za vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya, abanditsi barahashize n’igisomwa ciswe ngo Targoum d’Onkelos (kikaba ari igisomwa ca vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya cavuzwe mu bundi buryo mu giharameya) kiri kumwe n’impinduro yaco mu kilatini.
Imbumbe igira gatanu y’iyo mpinduro yarimwo igisomwa c’ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki kigabuwe mu nkingi zibiri. Inkingi imwe yarimwo igisomwa c’ikigiriki, iyindi na yo ikabamwo impinduro yaco yo mu kilatini ikuwe muri ya mpinduro Vulgate. Isano riri hagati y’ivyo bisomwa vyo muri izo ndimi zompi, ryerekanwa n’utudome twatuma umusomyi atora ijambo ryo mu nkingi imwe rijanye n’iryo mu yindi nkingi. Igisomwa c’ikigiriki c’iyo Bibiliya ni co cabaye Ivyanditswe vy’ikigiriki (ivyitwa Isezerano rishasha) vya mbere vyacapuriwe mu gitabu kimwe, mu nyuma hakurikira impinduro yateguwe na Érasme.
Incabwenge zaritonze cane mu gusuzuma igisomwa c’iyo mbumbe igira gatanu, ku buryo mu kuyicapura hagiyemwo amakosa 50 gusa. Kubera ukwo kuntu izo ncabwenge zayitondeye, abihweza ibintu n’ibindi bo mu gihe ca none babonye ko iruta ya mpinduro rurangiranwa y’ikigiriki ya Érasme. Indome zibereye ijisho z’ikigiriki zari zifise ubwiza bumeze neza na neza n’ubw’indome zo mu vyandikano vya kera vyandikishijwe iminwe mu buryo buryohoye (bita uncial). Mu gitabu ciwe (The Printing of Greek in the Fifteenth Century), uwitwa R. Proctor avuga ati: “Esupanye irakwiye guhabwa icubahiro co kubona indome z’ikigiriki za mbere zatunganirijwe muri ico gihugu, ata nkeka ko ari zo zari nziza kuruta izari zimaze gutunganywa zose”.
Imbumbe ya gatandatu y’iyo Bibiliya yarimwo ibintu vyinshi bifasha kwiga Bibiliya. Yarimwo inyizamvugo y’igiheburayo n’igiharameya, insobanuro y’amazina y’ikigiriki, ay’igiheburayo be n’ay’igiharameya, indimburo y’igiheburayo be n’ironderero ry’amajambo y’ikilatini ari muri iyo nyizamvugo. Ntibitangaje kubona vyaravuzwe yuko ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis ari “igikorwa gikomeye kiranga ubuhinga bwo gucapura indome no kwiga Ivyanditswe”.
Cisneros yari afise intumbero yo “kuvyura umwete wo kwiga ivyanditswe wari warayamye”, yamara akaba atipfuza ko iyo Bibiliya ishika mu minwe y’abanyagihugu batobato. Yibaza ko “Ijambo ry’Imana rikwiye kuguma ari ikinyegezwa kidakwiye guhishurirwa abantu batobato”. Yemera kandi ko “Ivyanditswe bikwiye kuguma biri mu ndimi zitatu za kera Imana yemeye ko zandikwa kuri ca candikano cari hejuru y’umutwe w’Umwana wayo igihe yari ku musaraba”b. Ku bw’iyo mvo, iyo Bibiliya ntiyigeze ijamwo impinduro y’igisupanyoli.
Ya mpinduro Vulgate igereranijwe n’izindi ndimi zo mu ntango
Ivyari bigize ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis ubwavyo, vyaratumye incabwenge zariko zirayitegura zitavuga rumwe. Ya ncabwenge rurangiranwa w’Umusupanyoli yitwa Antonio de Nebrijac, yarashinzwe gusuzuma igisomwa ca ya mpinduro Vulgate cogiye muri iyo Bibiliya. Naho Ekeleziya Gatolika yabona ko ya mpinduro Vulgate ya Jérôme ari yo yonyene yemewe, Nebrija yabonye ko bikenewe kugereranya iyo mpinduro n’ibisomwa vyo mu ntango vy’igiheburayo, igiharameya be n’ikigiriki. Yashaka gukosora amakosa agaragara yagiye arisobekanga mu makopi y’iyo mpinduro Vulgate yari ahari.
Kugira ngo bakosore akantu kose ko muri ya mpinduro Vulgate kadahuje n’ibiri mu ndimi zo mu ntango, Nebrija yahimirije Cisneros ati: “Nusubire watse vya bimuri bibiri bitakijwe bimurikira idini yacu, ni ukuvuga ururimi rw’ikigiriki n’urw’igiheburayo. Nushimire abitanga batiziganya muri iki gikorwa”. Ikindi kandi, yaratanze n’iciyumviro gikurikira: “Igihe cose habonetse ubudasa hagati y’ivyandikano bitandukanye vy’ikilatini vyo mw’Isezerano rishasha, twari dukwiye gusubira inyuma tugatohoza ivyandikano vy’ikigiriki. Igihe cose habaye ukudahuza hagati y’ivyandikano bitandukanye vy’ikilatini canke hagati y’ivyandikano vy’ikilatini n’ikigiriki vyo mw’Isezerano rya kera, dukwiye kurondera ukuri mu vyandikano vy’igiheburayo vyemewe”.
None Cisneros yavyakiriye gute? Mu majambo yiwe y’intangamarara ya ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis, Cisneros yaratomoye aho ahagaze. Yanditse ati: “Twafashe impinduro ya nyaguhezagirwa Jérôme tuyishira hagati y’Isinagogi [ni ukuvuga igisomwa c’igiheburayo] na Ekeleziya yo mu Buseruko [ari co gisomwa c’ikigiriki], nka kurya nyene Yezu yari amanitse hagati ya vya bisuma bibiri, uwo na we akaba agereranya Ekeleziya ya Roma canke y’ikilatini”. Ni co gituma Cisneros atemereye Nebrija gukosora ya mpinduro y’ikilatini Vulgate yisunze igisomwa kiri mu ndimi zo mu ntango. Impera n’imperuka, Nebrija yahisemwo gukura akarenge muri ico gikorwa hako amenyekana ko yagize uruhara muri ico gikorwa kirimwo agahaze.
Icataziriwe Comma Johanneum
Naho nyene iyo Bibiliya yahinduriwe i Alcala de Henares yabaye intambwe ihambaye igana kw’isohorwa ry’igisomwa kinonosoye co mu ndimi z’intango za Bibiliya, imigenzo mpererekanwa rimwe na rimwe yararengera ubumenyi bw’incabwenge. Ya mpinduro Vulgate yarubahwa cane ku buryo akenshi abanditsi bumva ko bategerezwa gukosora igisomwa c’ikigiriki co “mw’Isezerano rishasha” kugira ngo bagerageze kugihuza n’ikilatini, aho gukosora igisomwa c’ikilatini. Kamwe muri ubwo burorero ni ca gisomwa karuhariwe kirimwo amakosa cataziriwe comma Johanneumd. Nta candikano na kimwe co mu ntango c’ikigiriki kirimwo iyo mvugo, bikaba bigaragara ko yasobetswemwo inyuma y’ibinjana bitari bike Yohani yanditse ikete ryiwe. Vyongeye, iyo mvugo ntiyari no mu vyandikano vya kera vyo muri iyo mpinduro Vulgate. Ni co gituma mw’“Isezerano rishasha” ry’ikigiriki rya Érasme, ayo majambo y’inyongera yayakuyemwo.
Abanditsi ba ya mpinduro La Bible polyglotte Complutensis baratinye gukuramwo umurongo wari umaze ibinjana n’ibindi uri mu gisomwa ca ya mpinduro Vulgate cemerwa kuva kera. Ku bw’ivyo, baragumije mu kilatini ico gisomwa c’amakosa, ariko bafata ingingo yo kugihindura maze bakagishira mu gisomwa c’ikigiriki kugira ngo za nkingi zibiri zihuze.
Ishimikiro ry’izindi mpinduro za Bibiliya
Agaciro ka ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis ntigahagaze gusa ku vy’uko irimwo integuro ya mbere yacapuwe y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vyuzuye be n’integuro yacapuwe ya ya mpinduro yitwa Septante. Nk’uko nyene “Isezerano rishasha” ry’ikigiriki rya Érasme ryabaye Igisomwa cemewe c’Ivyanditswe vy’ikigiriki (kikaba ari igisomwa bishimikije mu guhindura Bibiliya nyinshi mu zindi ndimi), ni ko n’igisomwa c’igiheburayo c’iyo Bibiliya cabaye igisomwa ciza cane c’ishimikiro c’Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’igiharameyae. William Tyndale yakoresheje igisomwa c’igiheburayo c’iyo mpinduro mu guhindura Bibiliya mu congereza.
Ku bw’ivyo, igikorwa kiranga ubwenge cakozwe na wa mugwi wasohora ya mpinduro yitwa La Bible polyglotte Complutensis caraterereye cane kw’iterambere ry’ubumenyi bw’Ivyanditswe. Isohorwa ry’iyo mpinduro ryahuriranye n’igihe ukurushiriza kwitwararika ivya Bibiliya hirya no hino i Buraya, kwari gutanguye kuremesha ihindurwa ryayo mu ndimi kavukire z’abanyagihugu. Iyo mpinduro yarabaye kandi intambwe igana ku zindi ntambwe zafashije mw’inonosorwa n’izigamwa ry’igisomwa c’ikigiriki be n’ic’igiheburayo. Ivyo vyose birahuye n’umugambi w’Imana w’uko ‘ijambo ry’Uhoraho ryavugutiwe’, ni ukuvuga ko “ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ibihe bidashira”.—Zaburi 18:30; Yesaya 40:8; 1 Petero 1:25.
[Utujambo tw’epfo]
a Amakopi amajana atandatu yacapuwe ku mpapuro, ayandi atandatu na yo acapurwa ku nsato. Mu 1984 integuro ntoyi isa neza na neza n’iya mbere yaracapuwe.
b Igiheburayo, ikigiriki be n’ikilatini.—Yohana 19:20.
c Nebrija abonwa ko ari we yaboneye izuba incabwenge zigenga zo muri Esupanye. Mu 1492 yarasohoye igitabu citwa Gramática castellana (indimburo y’ururimi rw’ikinyagasitiye). Haciye imyaka itatu, yarafashe ingingo yo guhebera imisi yari asigaje kubaho kwiga Ivyanditswe Vyeranda.
d Ayo majambo y’amakosa yongewe muri 1 Yohana 5:7 mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, avuga ati: “Mw’ijuru, Data, Jambo be na Mutima Mweranda: kandi abo batatu bagize umwe”.
e Kugira ngo umenye amakuru yerekeye igikorwa ca Érasme, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1982, ku rupapuro rwa 7-10.
[Ifoto ku rup. 29]
Karidinali Jiménez de Cisneros
[Abo dukesha ifoto]
Biblioteca Histórica. Universidad Complutense de Madrid
[Ifoto ku rup. 30]
Antonio de Nebrija
[Abo dukesha ifoto]
Biblioteca Histórica. Universidad Complutense de Madrid
[Abo dukesha ifoto ku rup. 28]
Biblioteca Histórica. Universidad Complutense de Madrid