ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 32
  • Dukorere iciza abandi canke twirinde kubakorera ikibi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukorere iciza abandi canke twirinde kubakorera ikibi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 32

Dukorere iciza abandi canke twirinde kubakorera ikibi?

“IVYO udashaka ko abandi bagukorera nawe ntubibakorere”. Iyo ngingo ngenderwako ijanye n’ugukora ibibereye, yitirirwa umwigisha akaba n’umufilozofe azwi cane w’umushinwa yitwa Komfisiyusi. Naho ubu hashize nk’imyaka 2.500 abivuze, abenshi baracemera yuko umuntu aba akoze neza iyo yirinze gusa kugirira nabi abandi.

Tuvugishije ukuri, iyo ngingo ngenderwako ya Komfisiyusi ijanye n’inyifato, irimwo ibintu umuntu yoyishimamwo. Ariko rero, Bibiliya irahishura uwundi muce ujanye n’inyifato y’abantu be n’ivyo bagiriranira. Turetse icokwitwa icaha c’ugukora ikitabereye, ni ukuvuga kugirira abantu nkawe ibintu bibi, Bibiliya iravuga kandi icaha c’ukureka gukora icari kibereye. Umwigishwa mukirisu Yakobo yanditse ati: “Nuk’ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha” (Yakobo 4:17). Aho kwigisha gusa abakirisu ngo ntibakore ikibi, Yezu Kirisitu yatanze iyi mpanuro: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe”.—Matayo 7:12.

Mu ntango, Imana yari ifise umugambi w’uko umuntu wese afata abandi nk’uko yipfuza ko bomufata. Yaradushiriyeho akarorero ntangere mu kugaragaza ko yitwararika ineza y’abandi mu buryo yaremye abantu: “Nukw Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri” (Itanguriro 1:27). Ivyo bisobanura yuko Imana ibigiranye urukundo yahaye abantu ijwi ryo mu mutima, iryo jwi riramutse rimenyerejwe neza rikaba ryobayoboye ku gufata abandi nk’uko na bo nyene bashaka ko bobafata.

Abenshi muri iki gihe barihebuye kandi bakumva batagira gitabara bivuye ku bantu bakora ibintu batabanje kwiyumvira kandi b’abikunzi. Biratomoye rero yuko igikenewe atari ukwirinda gusa gukorera abandi ikibi canke ikintu kibababaza, ariko ko ari ukubakorera iciza be n’ikintu kibagirira akamaro. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova baritanga bavyishakiye kugira bafashe abandi kumenya icizigiro c’akaroruhore kiri mw’Ijambo ry’Imana. Igihe bagendeye ababanyi babo babashiriye inkuru nziza yo muri Bibiliya, babigirana agatima k’urukundo, bakagirira abandi ivyo boshima ko na bo bagirirwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika