ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 30-31
  • Gukora iciza mu gihe c’inkenero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukora iciza mu gihe c’inkenero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ibibanza dusengeramwo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 30-31

Gukora iciza mu gihe c’inkenero

INTUMWA PAULO yahimirije ati: “Tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera” (Ab’i Galatiya 6:10). Ivyabona vya Yehova kw’isi yose barihatira babigiranye ubwira gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako mu buzima bwabo, bakagirira neza umuntu wese, na canecane abo basangiye ukwizera. Ivyo vyama vyibonekeje mu gihe c’inkenero. Nimuze turimbure uburorero bwa vuba bwo mu bihugu bitatu.

Muri Kigarama 2002, hari ikivumbuzi gikomeye cahuhuse mw’izinga rya Guam, imiyaga yaco ikaba yari ifise ubunyarutsi bw’ibilometero 300 kw’isaha. Amazu menshi yarasambaguritse, amwamwe muri yo arasenyagurika buhere. Amashengero yo ngaho yaciye buno nyene atunganya imigwi yo gukuraho ibibomagurike kugira ngo ifashe imiryango y’Ivyabona yari yasinzikaye kuruta iyindi. Ishami ryo muri Guam ryaratanze ibikoresho be n’abakozi kugira ngo amazu yasambutse asanurwe, ishami ryo muri Hawaii na ryo nyene riraterera agacumu k’ubumwe. Mu mayinga makeyi, umugwi w’abahinga mu bikozwe mu mbaho warashitse uvuye muri Hawaii uje gufasha mu gikorwa co gusanura ivyasambutse, maze abavukanyi bamwebamwe bo muri ako karere barafata ikonji kugira ngo bashigikire nya bavukanyi bavuye muri Hawaii. Ako gatima ko gusenyera ku mugozi umwe babigiranye umunezero karashinze intahe ku bantu bose bo muri ico kibano.

Mu gace kamwe ko mu micungararo y’igisagara ca Mandalay muri Leta ya Myanmar, umuriro waradutse hafi y’Ingoro y’Ubwami. Mu micungararo hari inzu y’umuryango w’umuvukanyikazi umwe yari yarahororokewe. Kubera ko umuyaga wariko urahuhuta werekeza ahari inzu yiwe, yarirukiye kuri iyo ngoro kugira asabe imfashanyo. Ico gihe, nya ngoro yariko irasanurwa, hakaba rero hari abavukanyi benshi. Baratangaye kubona uwo muvukanyikazi kubera yuko batari bazi ko aba muri ako karere. Abavukanyi baciye basahiriza ningoga na ningoga mu kwimurira ibintu vy’uwo muryango ahatekanye. Igihe umunega w’uwo muvukanyikazi yumva ivy’uwo muriro, na we akaba atari Icabona, yaciye anyaragasa aja i muhira ahasanga ba bavukanyi bariko barafasha umuryango wiwe. Uretse ko yatangaye akongera agakenguruka, yaranasubirijwe umutima mu nda kubera ko akenshi mu bihe nk’ivyo abasuma baca bikika mu kiza bagasahura. Uwo mutima mwiza wagaragajwe n’abo bavukanyi watumye uwo muvukanyikazi n’umuhungu wiwe basubira kwifatanya n’ishengero rya gikirisu, ubu bakaba bitaba amakoraniro yose.

Mu mwaka w’umurimo uheze, abantu benshi muri Mozambique barahanganye n’ikigoyi bivuye ku ruzuba n’umwimbu wabaye nabi. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri ico gihugu ntivyatebaganye kuhaseruka, biraronsa ibifungurwa abari babikenye. Ibifungurwa vyatangirwa ku Ngoro z’Ubwami, rimwe na rimwe bigatangwa amakoraniro y’ishengero aheze. Umuvukanyikazi umwe yirerana abana yavuze ati: “Naje ku makoraniro nihebuye, ntazi ico nza kugaburira abana banje dusubiye i muhira”. Iyo mfashanyo iranga urukundo yatanzwe n’abavukanyi yaciye ubwo nyene imweza umutima. Yavuze ati: “Kuri jewe wamengo ni izuka!”.

Ivyabona vya Yehova kandi ‘baragirira bose neza’ mu buryo bw’impwemu mu gushikiriza ubutumwa bwo muri Bibiliya buhumuriza kandi butanga icizigiro. Barizera nk’uko uyu mugabo w’inkerebutsi wo mu bihe vya kera yizera. Yavuze ati: “Ūntega ugutwi wese azoba amahoro, azokwama atekereje ata kibi atinya.”—Imigani 1:33.

[Pictures on page 31]

1, 2. Itangwa ry’ibifungurwa ku bari babikenye muri Mozambike

3, 4. Ikivumbuzi cateye muri Guam carasenyaguye amazu menshi

[Abo dukesha ifoto]

Umwana, ibubamfu: Andrea Booher/FEMA News Photo; umugore, haruguru gato: AP Photo/Pacific Daily News, Masako Watanabe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika