Ibitangaro umaze kwibonera!
IJAMBO “igitangaro” rirafise n’iyindi nsobanuro, na yo ikaba ari iyi: “Ikintu, canke ikintu cabaye canke ikintu cakozwe gitangaje rwose cabure kidasanzwe”. Twese turamaze kubona igitangaro nk’ico kidakozwe n’Imana.
Kubera yuko ubumenyi abantu bafise mu bijanye n’amategeko agenga ibiriho bwongerekanye, barashoboye gukora ibintu kera benshi babona ko bitoshoboka. Nk’akarorero, hariho ibintu usanga mu myaka iheze abatari bake babona ko bidashoboka, mugabo ubu bakaba babibona nk’ibisanzwe kubera ubuhinga bwa orodinateri, ubuhinga bwa televiziyo, ubuhinga bujanye n’ivyo mu kirere be n’ibindi bintu nk’ivyo bikorwa muri iki gihe.
Kubera yuko abahinga bamwebamwe batahuye ko batazi vyose ku bintu bibajoreza biri mu vyo Imana yaremye, baremera yuko batagishoboye kwemeza neza ko ikintu kinaka kidashoboka. Bapfuma bavuga ko gisa n’ikitoshoboka. Gutyo, baba berekanye ko abantu boshobora kuzokora ico kintu mu bihe biri imbere.
Naho twakoresheje insobanuro ya mbere y’ijambo “igitangaro”, rikaba rero ryerekeza ku bintu “vyitirirwa ikintu kirengeye ubushobozi bw’abantu”, turashobora kuvuga yuko twese tumaze kubona ibitangaro. Nk’akarorero, turabona izuba, ukwezi be n’inyenyeri, ivyo vyose bikaba vyashizweho n’“ikintu kirengeye ubushobozi bw’abantu”, ni ukuvuga Umuremyi ubwiwe. Si ivyo gusa, ni nde yoshobora gusigura neza na neza ingene umubiri w’umuntu ukora, ingene ubwonko bukora, canke ingene imbanyi y’agasamo ikura? Igitabu kimwe (The Body Machine) kivuga giti: “Umubiri w’umuntu, uwukontororwa ukongera ugakoreshwa na ca gice nyamukuru kiwutegeka, ni ikintu gikozwe mu buryo butangaje, ni imashini ishobora kwikoresha kandi ishobora kugendagenda, ni orodinateri ishobora kwiyubura, emwe, ni ikiremwa c’akajoreza kandi gisiga ubwenge mu buryo bwinshi”. Imana yaremye “umubiri w’umuntu” vy’ukuri yarakoze igitangaro, igitangaro kibandanya gutuma duta amacumu. Hari n’ibindi bitangaro umaze kubona, naho nyene ushobora kuba utabifashe nk’ibitangaro.
Mbega igitabu coshobora kuba igitangaro?
Nta gitabu gikwiragiye hose nka Bibiliya. Woba ubona ko Bibiliya ari igitangaro? Ukuba Bibiliya iriho vyoba vyokwitirirwa “ikintu kirengeye ubushobozi bw’abantu”? Ni ivy’ukuri ko Bibiliya ari igitabu canditswe n’abantu, ariko nya bantu bavuze ko batanditse ivyiyumviro vyabo, mugabo ko banditse ivyiyumviro vy’Imana (2 Samweli 23:1, 2; 2 Petero 1:20, 21). Zirikana kuri iki kintu: Yanditswe n’abantu bashika 40, babayeho mu kiringo c’imyaka irenga 1.600. Abo bantu bakomoka mu mice itandukanye y’ubuzima: uri abungere, uri abasoda, uri abarovyi, uri abakozi ba leta, uri abaganga, uri abaherezi, tutibagiye n’abami. Ariko barashoboye kwandika ubutumwa buhuza butanga icizigiro, bw’ukuri kandi butagiramwo agakosa.
Ivyabona vya Yehova bishimikije ivyo batohoje neza, ntibemera Bibiliya “nk’ijambo ry’abantu, ariko [bayemera] nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko”, ivyo bikaba vyanditswe n’intumwa Paulo (1 Tesalonike 2:13). Uko imyaka yagiye irarengana, ibitabu vyabo vyagiye birasigura ingene ivyitwa ngo ni ukwivuguruza biboneka muri Bibiliya bishobora kuvuga rumwe n’ubutumwa bufatiwe hamwe buri muri yo. Ukwo kuvuga rumwe ubwakwo ni ikimenyamenya c’uko yakomotse ku Manaa.
Nta kindi gitabu bagerageje kuzimanganya bivuye inyuma nk’uko bagerageje kuzimanganya Bibiliya. Ariko n’ubu iracariho, ikaba iboneka mu ndimi zirenga 2.000, naho mu ndimi zimwezimwe haboneka igice cayo gusa. Kubona ico gitabu ubwaco hamwe n’ubutumwa bwose buri muri co vyarazigamwe, birerekana ko Imana ari yo yabigize. Bibiliya ni igitangaro koko!
Igitangaro ‘kizima kandi gifise ububasha’
Ibitangaro vyabaye kera, nk’ugukiza abantu be n’ukuzura abapfuye, ubu ntibikiba. Mugabo turi n’imvo yumvikana yo kwizigira yuko ibitangaro nk’ivyo bizokwongera kubaho mw’isi nshasha y’Imana igiye kuza, ico gihe hoho bikazoba kw’isi yose. Bizoruhura abantu mu buryo buramba kandi bizoba bisiga ubwenge kuruta uko biri ubu.
No muri iki gihe nyene Bibiliya irashobora gukora ivyo twokwita ibitangaro mu gutuma abantu bahindura kamere zabo zikaba nziza (Raba akarorero k’ivyo mu ruzitiro ruvuga ngo “Ububasha bw’Ijambo ry’Imana”, ku rupapuro rwa 8.). Mu Baheburayo 4:12 havuga hati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira”. Ego cane, Bibiliya yaragize uruhara ruhambaye mu guhindura ubuzima bw’abantu barenga imiliyoni zitandatu baba hirya no hino kw’isi, ituma ubuzima bwabo bugira intumbero, yongera irabaha icizigiro ciza igitangaza cerekeye kazoza.
Ntiworeka none Bibiliya igakora igitangaro mu buzima bwawe?
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka gutohoza ibindi kugira ubone ingene ivyo bintu bita ngo ni ukwivuguruza bishobora kuvuga rumwe, hariho uburorero bwinshi bwihwezwa mu gitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?, ikigabane ca 7, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]
YARI YAMAZE GUPFA CANKE YARI AKIRI MUZIMA?
Twisunze ibivugwa muri Yohana 19:33, 34, Yezu yari yamaze gupfa igihe “umwe mu basoda [y]amucumita icumu mu rubavu; ako kanya ha[ka]va amaraso n’amazi”. Ariko rero, muri Matayo 27:49, 50 herekana ko Yezu yari akiri muzima igihe ivyo vyaba. Ni kubera iki bidahuye?
Ivyagezwe vya Musa vyarabuza kuraza inkozi y’ikibi ku giti yamanitsweko (Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23). Ni co gituma mu gihe ca Yezu, igihe bwaba buhwibiriye inkozi y’ikibi yamanitswe itarapfa, baca bayivuna amaguru kugira batume inyaruka gupfa. Iyo nkozi y’ikibi ntiyaba igishobora kwihagurutsa kugira iheme neza. Kubona abasoda baravunye amaguru za nkozi z’ikibi zibiri zari zimanikanywe na Yezu mugabo ntibavune aya Yezu, birerekana ko biyumvira yuko yari yapfuye. Birashoboka ko uwo musoda yamucumise mu rubavu kugira gusa yiyemeze ko yapfuye no kugira ngo ntahave arabuka, abantu na bo bagahava bakwiragiza inkuru zitari zo ngo yazutse.
Icanditswe co muri Matayo 27:49, 50 cerekana ko ibintu vyakurikiranye mu bundi buryo. Bibiliya zimwezimwe zihahindura uku: “Uwundi muntu afata icumu maze amutobora mu rubavu, havamwo amaraso n’amazi. Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, umutima uraca”. Ariko rero, iryo ryungane riri mu ndome zihengamye ntiriboneka mu vyandikano vyose vya Bibiliya vya kera vyandikishijwe iminwe. Abahinga benshi mu vya Bibiliya biyumvira yuko ryongewemwo mu nyuma rikuwe mu Njili ya Yohani, mugabo rigashirwa ahatari ho. Ni co gituma impinduro nyinshi za Bibiliya zishira iryo ryungane ukwaryo mu tuzitizo, zikongerako akajambo k’epfo karisigura, canke ntizirirwe zirarishiramwo.
Igisomwa c’ishimikiro canditswe na Westcott afatanije na Hort, kikaba ari na co ahanini cakoreshejwe mu guhindura Bibiliya Traduction du monde nouveau, gishira iryo ryungane mu tuzitizo tw’imfuruka tugerekeranye. Ico gisomwa kivuga yuko iryo ryungane “bishoboka rwose ko ryoba ryashizwemwo n’abanyabwenge b’ivyanditswe”.
Biribonekeza neza rero yuko ibivugwa muri Yohana 19:33, 34 vyabaye koko, bikaba vyerekana ko Yezu yari amaze gupfa igihe umusoda w’Umuroma yamucumita.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8]
UBUBASHA BW’IJAMBO RY’IMANA
Igihe Detlef yari umuyabaga, abavyeyi biwe na bo bakaba bari baratandukanye, yarisutse mu vyo gufata ibiyayuramutwe, mu vyo kunywa inzoga, no mu vy’imiziki bita heavy metalb. Yaciye aja mu kagwi k’inkorabara (abo bita aba skinhead), kandi inyifato yiwe y’ubukazi ntiyatevye gutuma agiranira ingorane n’abapolisi.
Mu 1992, abanywanyi b’ako kagwi bashika 60 baratanye mu mitwe n’abitwa abapanki bashika 35 mw’iresitora imwe irimwo n’akabare yo mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Ubudagi. Umwe muri abo bapanki yitwa Thomas, yarakubiswe arashaya ku buryo yapfuye yishwe n’inguma. Benshi mu bari imbere muri uwo mushamirano, harimwo na Detlef, baraciriwe umunyororo, mu gihe c’urubanza rwabo ibimenyeshamakuru bikaba vyari vyatonze.
Haciye igihe gitoyi Detlef apfunguwe, Ivyabona vya Yehova baramuhaye agatabu kavuga ngo “Pourquoi la vie est-elle si difficile?”. Ako kanya nyene Detlef yaciye abona ko ivyo ako gatabu kavuga ari ukuri, aca atangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyarahinduye rwose ubuzima bwiwe. Ubu Detlef ni Icabona ca Yehova w’umunyamwete guhera mu 1996.
Uwitwa Siegfried, uwigeze kuba umupanki, yari umugenzi somambike wa Thomas wa musore yicwa. Siegfried na we nyene yahavuye aba Icabona, ubu akaba ari umukurambere mw’ishengero. Igihe Siegfried yagendera ishengero rya ba Detlef agiye gushikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya (twocishamwo yuko na nyina wa Thomas yitaba rimwe na rimwe amakoraniro muri iryo shengero), Detlef yaciye amutumira kugira bivunire umusase hamwe. Nko mu myaka icumi iheze, vyari kubagora kwihanganirana kubera urwanko bari bafitaniye. Ubu urukundo rwa kivukanyi bafitaniye ruribonekeza.
Detlef na Siegfried bariteganye umushasharo kuzokwakira Thomas niyasubira kuba muzima mw’isi nshasha izoba yabaye iparadizo. Detlef avuga ati: “Mpfa kwiyumvira ico kintu gusa, nkaza mbona amosozi antanze hasi. Ndicuza rwose ivyo nakoze”. Ico bompi bipfuza ni ukuzofasha Thomas kumenya Yehova no kunezererwa icizigiro Bibiliya itanga, nk’uko nyene basanzwe bafasha abandi.
Tubivuge tubisubire, ubwo ni ububasha bw’Ijambo ry’Imana!
[Akajambo k’epfo]
b Amazina yarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 6]
Umubiri w’umuntu ni icaremwe gitangaje
[Abo dukesha ifoto]
Anatomy Improved and Illustrated, London, 1723, Bernardino Genga