ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/3 rup. 3-4
  • Yezu akosho yagize kw’isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu akosho yagize kw’isi yose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kirisitu—Ni Nde?
    Yezu Kirisitu—Ni nde?
  • Yezu—Ivyo abantu bavuga ku bimwerekeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ni hehe ga yemwe inyigisho za Kirisitu zikurikizwa muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni bande ari abakirisu b’ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/3 rup. 3-4

Yezu akosho yagize kw’isi yose

UMUHINDUZI wa Bibiliya yitwa Edgar Goodspeed yanditse ati: “Ivyavuzwe na Yezu vyose bishikirizwa mu njili, vyaba ivyo yavugiye mu mwiherero canke ku mugaragaro, yari gushobora kubivuga mu masaha abiri. Mugabo ivyo bikeyi yavuze vyarakabura koko, bikavyurira umuntu ingiro, eka bikamunyengetera cane, ku buryo umuntu atoba yihenze avuze yuko ata wundi muntu yigeze kugira akosho kw’isi yose kageze iyo”.

Igihe Yezu Kirisitu yarangiza ubusuku bwiwe kw’isi mu mwaka wa 33 G.C., abayoboke biwe bari abagabo n’abagore bashika n’imiburiburi 120 (Ivyakozwe 1:15). Muri iki gihe abantu barenga imiliyaridi zibiri bavuga yuko ari abakirisu. Abandi bantu amamiliyoni amajana n’amajana na bo baremera ko Yezu yari umuhanuzi. Si ivy’imbeshere, inyigisho ziwe zaragize ikintu c’akataraboneka zihinduye ku muryango w’abantu.

Akosho Yezu yagize kw’isi yose karemejwe mbere n’indongozi zitari abakirisu. Nk’akarorero, umurabi umwe w’Umuyuda yitwa Hyman Enelow yanditse ati: “Yezu asigaye ari umuntu rurangiranwa kuruta abandi bose, uwo abantu biga kuruta uko biga abandi bose, umuntu yagize uruhara ruhambaye kuruta abandi bose muri kahise k’abantu mu bijanye n’ivy’idini”. Enelow yavuze kandi ati: “Ni nde yoharura ivyo Yezu yakoreye umuryango w’abantu ngo abishobore? Uri urukundo yavyuye mu mitima y’abantu, impumurizo yabahaye, ibikorwa vyiza yatumye bakora, icizigiro be n’umunezero yatumye bagira, emwe, nta muntu n’umwe yigeze gukora ibintu nk’ivyo. Nta n’umwe mu bantu bakomakomeye no mu bantu beza bigeze kubaho yarushe yegereza Yezu mu vy’ukuba umuntu ahimbara abantu benshi cane no mu vy’ukuba umuntu agira ico ahinduye mu buzima bwabo. Yabaye umuntu w’agatangaza rwose kuruta ababayeho bose”. Indongozi y’Umuhindu yitwa Mohandas K. Gandhi na yo yavuze iti: “Nta muntu n’umwe nzi yagiriye ibintu vyinshi umuryango w’abantu kuruta Yezu. Mu vy’ukuri, ubukirisu nta kibi burimwo”. Ariko yongeyeko ati: “Ingorane iri kuri mwebwe abakirisu. Ntimuruha mwegereza kugendera ivyo mwebwe ubwanyu mwigisha”.

Hari ibintu vyinshi abiyita abakirisu bagiye barakora vyerekana yuko batashoboye kugendera inyigisho za Yezu. Umutohozakahise mu vy’idini rya gikirisu yitwa Cecil John Cadoux yavuze yuko “igisa n’ukurekerana ibintu mu vy’ukwigenza runtu kugenda kwongerekana kandi gushinze imizi mw’ishengero rya gikirisu ryose [cari caritwararitswe] n’indongozi z’idini rya gikirisu guhera mu mwaka wa . . . 140 A.D.”. Yavuze ati: “Ukwo kudebukirwa ntibabe bagikurikiza cane inyifato runtu nk’uko vyari kera, nta kindi kwovuyemwo atari ugutuma abantu bakurikira inzira z’isi”.

Ukwo gutituka kw’inyifato runtu kwahavuye gukomera cane mu kinjana ca kane, igihe Umwami w’abami w’Umuroma yitwa Konsitantino yinjira mw’idini rya gikirisu. Wa mutohozakahise Cadoux yanditse ati: “Abatohozakahise bariboneye bongera rimwe na rimwe barababazwa n’ukuntu idini rya gikirisu ryategerejwe kudohoka bimwe bikomeye aho rimariye kugira urunani na Konsitantino”. Mu binjana vyakurikiye, abiyita abakirisu barakoze ibintu vy’akamaramaza biteza urubwa izina rya Kirisitu.

Ibibazo bihambaye duca twibaza rero ni ibi: Yezu mu vy’ukuri yigishije iki? Kandi ni akosho akahe inyigisho ziwe zikwiye kugira kuri twebwe?

[Ifoto ku rup. 3]

“Nta muntu n’umwe nzi yagiriye ibintu vyinshi umuryango w’abantu kuruta Yezu”.​—Mohandas K. Gandhi

[Ifoto ku rup. 3]

‘Nta wundi muntu yigeze kugira akosho kw’isi yose kageze iyo’.​—Edgar Goodspeed

[Abo dukesha ifoto]

Culver Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika