Kuronkera icizigiro mu mwiheburo—Iteraniro ryabereye mw’ikambi y’impunzi
IKAMBI y’impunzi y’i Kakuma iri mu gice co mu Buraruko bwa Kenya hafi y’umupaka wa Sudani. Iyo kambi ibamwo abantu barenga 86.000. Akarere iyo kambi irimwo karagadutse, ubushuhe bwaho ku murango bukaba bushika kuri dogere 50 (50°C). Mu bahungiye aho hantu harakunze kuba ubugizi bwa nabi. Ku batari bake, iyo kambi ni ahantu h’umwiheburo. Ariko rero, hariho abandi bafise icizigiro.
Mu mpunzi harimwo Ivyabona vya Yehova batari bake bamamaza inkuru nziza y’Ubwami n’umwete. Bari mu bagize ishengero ritoyi ry’i Lodwar riri ku bilometero 120 amaja mu Bumanuko. Ishengero ryitwa ko riri hafi y’iryo, riri ahantu hari urugendo rw’amasaha umunani ugenda n’umuduga.
Kubera ko impunzi zitemererwa gutembera hanze y’ikambi, benshi ntibashobora kwitaba amateraniro n’amahwaniro agirwa n’Ivyabona vya Yehova. Ni co gituma hatunganijwe ivy’uko mw’ikambi hobera iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe.
Bafata urugendo rugana mu Buraruko
Kugira ngo bashigikire iryo teraniro, Ivyabona 15 bo mu gisagara ca Eldoret kiri ku bilometero 480 mu Bumanuko bw’iyo kambi, baremeye bavyishakiye kugira urugendo rugoye berekeza mu karere kagadutse ko mu Buraruko, bari kumwe n’umutohoji wa Bibiliya yatanze ibisi yiwe ntoyi ngo ikoreshwe, yongera atanga n’umushoferi wayo. Icipfuzo kivuye ku mutima bari bafise cari ico kuremesha no gukomeza abavukanyi babo.
Urwo rugendo rwatanguye kare cane mu gikonyozi co mu gitondo, rutanguriye mu misozi miremire yo mu Burengero bwa Kenya. Ibarabara bafashe ryari ryuzuyemwo ibidunduri, rikaduga rica mu karere k’indimiro no mu mashamba imbere y’uko rimanuka mu karere gashushe k’ubugaragwa karimwo udusaka. Imikuku y’impene n’ingamiya yariko irarisha muri ako karere kagoye kubamwo. Hari abagabo bo mu miryango yaho baca muri iyo nzira bagenda n’amaguru bambaye imyambaro kavukire, benshi muri bo bakaba bari bitwaje ubuhiri, imiheto n’imyampi. Ivyo Vyabona bamaze amasaha 11 bariko baragenda, barashitse i Lodwar, hakaba ari ahantu hashushe h’umukungugu haba abantu bababa 20.000. Abo bashitsi bamaze kuramukanya n’igishika cinshi n’Ivyabona b’abasangwa, baciye baja kuruhuka kugira ngo bitegurire impera y’umushamvu yobaye yuzuye ibikorwa.
Bukeye, nya bashitsi baragiye kuratira ijisho ibibanza bimwebimwe biteye igomwe vyaho. Ikiyaga Turkana, kikaba ari co kinini kuruta ibindi vyose muri Kenya, ni co batanguriyeko. Ico kiyaga gikikujwe n’ibilometero n’ibilometero vy’ubugaragwa burimwo udusaka, ni co kibamwo ingona nyinshi kw’isi. Amazi arimwo ivyunyunyu y’ico kiyaga ni yo abantu bakeyi baba ku nkengera yaco bikorako. Abo bashitsi barangije umugoroba neza mu kwitaba Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi n’Ikoraniro ry’umurimo mw’ishengero ryaho. Hari Ingoro y’Ubwami nziza cane yubatswe mu 2003 biciye kuri ya porogarama y’Ivyabona yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikenye.
Umusi w’iteraniro ridasanzwe
Umusi w’iyinga wari umusi w’iteraniro ridasanzwe. Ishengero ry’i Lodwar hamwe na ba bavukanyi b’abashitsi bari bahawe uruhusha rwo kwinjira mw’ikambi isaha zibiri zo mu gitondo, ari co gituma ivyo Vyabona bari bashashaye gutangura hakiri kare. Bafashe ibarabara ryagenda riranyororomba mu karere k’ubweranyange rigana ku mupaka wa Sudani. Uravye haruguru y’iryo barabara, warabona imisozi miremire igenda irasumbasumbana. Utereje amaso warashobora kubona igisagara ca Kakuma. Imvura yari yaguye, ari co gituma ibarabara ry’ibivu rija mw’ikambi ryose ryari ryuzuye amazi. Twinshi mu tuzu twaho twari twubakishijwe amatafari mabisi tukaba dusakajwe amanjanja canke amahema. Abanyetiyopiya, Abanyasomaliya, Abanyasudani n’abandi, bamwe bose baba ukwabo. Impunzi zararamukije abo bashitsi n’umunezero mwinshi.
Iryo teraniro ryagiriwe mu nyubakwa itangirwamwo inyigisho. Ibicapo vyari ku mpome vyerekana amabi impunzi zibayemwo, ariko abari muri iyo nyubakwa uwo musi bari bafise icizigiro. Insiguro zose zatanzwe mu congereza no mu giswahili. Abashikirizansiguro bazi izo ndimi zompi mbere baza barisobanurira insiguro baba bariko barashikiriza. Umuvukanyi w’impunzi ava muri Sudani ni we yashikirije insiguro yugurura iteraniro yari ifise umutwe uvuga ngo: “Dusuzume umutima wacu w’ikigereranyo”. Izindi nsiguro zashikirijwe n’abakurambere b’abashitsi.
Ikiringo kidasanzwe mw’iteraniro iryo ari ryo ryose ni ibatisimu. Insiguro y’ibatisimu irangiye, amaso yose yaciye ahindukirira ku muntu umwe yari agiye kubatizwa igihe yahaguruka. Gilbert yari yahunganye na se wiwe bavuye mu gihugu cabo c’amavukiro mu gihe ca rya honyabwoko ryo mu 1994. Ubwa mbere, bagira ngo bazobaho ata nkomanzi mu Burundi, ariko bidatevye basanze bahungiye imvura mu muvo. Gilbert yaciye ahungira muri Zaïre, hanyuma muri Tanzaniya, rimwe na rimwe akaza arinyegeza mu mashamba, arateba ashika muri Kenya. Abantu benshi amosozi yaciye abuzura mu maso igihe umushikirizansiguro yamuha ikaze bwa muvukanyi mw’ishengero. Gilbert ahagaze imbere y’abantu 95 bari bakoraniye ngaho, yarishuye ku bibazo bibiri umushikirizansiguro yamubajije, avyishura n’ijwi rirenga kandi adakekeranya ati: “Ndiyo!”, rino rikaba ari ijambo ry’igiswahili risigura ngo: “Egome!”. We hamwe n’abandi bavukanyi bari bimvye n’amaboko ikinogo gitoyi, baraheza bagisasamwo ihema ryari ryahoze risakaye akazu kiwe muri iyo kambi. Mu kwerekana ko ashashaye kubatizwa, muri ico gitondo nyene yari yujuje ico kinogo amazi, akaza aravoma indobo imwimwe gushika acujuje wenyene!
Kimwe mu bintu vyaranze ikiringo co ku muhingamo kwari ukwigana ivyabonywe vyerekeye ibintu Ivyabona b’impunzi bisangije. Umuvukanyi umwe yarasiguye ingene yatanguje ikiyago n’umugabo yari aruhukiye munsi y’igiti.
Yamubwiye ati: “Nkundira nkwibarize, kwicara munsi y’igiti igihe cose vyoba ata kaga birimwo?”.
Nya mugabo yishuye ati: “Egome”, aca yongerako ati: “Mugabo, oya, nari nihenze, mw’ijoro si vyiza”.
Uwo muvukanyi yaciye amusomera muri Mika 4:3, 4 ahagira hati: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga”. Yaciye amusigurira ati: “Urabona ko mw’isi nshasha y’Imana kwicara munsi y’igiti igihe cose bizoba ata kaga birimwo”. Uwo mugabo yaciye yakira igitabu gifasha kwiga Bibiliya.
Umuvukanyikazi umwe yari yaje aho i Kakuma yari aherutse kubura incuti zitatu zishika. Mu kugira ico avuze ku bavukanyi bo muri iyo kambi, yagize ati: “Aha hantu hari ingorane nyinshi cane; yamara bagumye bafise ukwizera gukomeye. Baba ahantu hateye umubabaro, mugabo bagakorera Yehova banezerewe. Barafitaniye amahoro n’Imana. Vyarandemesheje kuguma mfise amahoro no gukorera Yehova. Sinidoga!”.
Akaryoshe ntigahora mw’itama, umusi w’iteraniro wari urangiye. Mu nsiguro isozera, umushikirizansiguro yaravuze ko kuri iryo teraniro hari haje abavukanyi b’abashitsi bava mu bihugu umunani. Umwe mu Vyabona b’impunzi yavuze ko iryo teraniro ryari ikimenyamenya c’ubumwe n’urukundo birangwa mu Vyabona vya Yehova mw’isi yuzuye amacakubiri. Ivyabona bagize umuryango wa gikirisu w’ukuri.—Yohana 13:35.
[Uruzitiro ku rup. 25]
ABANA BO MURI SUDANI BATAGIRA IC’EPFO CA RUGURU
Kuva indwano y’abanyagihugu itanguye muri Sudani mu 1983, abantu imiliyoni zitanu barateshejwe izabo. Muri bo harimwo abana bashika 26.000 batandukanye n’imiryango yabo. Abashika ibihumbi muri bo bahungiye mu makambi y’impunzi yo muri Etiyopiya, bamarayo hafi imyaka itatu. Kubera yuko vyabaye ngombwa ko bongera guhunga, baciye bamara umwaka bagenda n’amaguru, basubiza muri Sudani barinda bashika mu Buraruko bwa Kenya, bakaba bari bakubaguwe n’abasoda, abambuzi, indwara bongera baribwa n’ibikoko vyo mw’ishamba. Ica kabiri gusa c’abo bana ni bo bashoboye kurokoka muri izo ngendo zigoye, bakaba bahavuye baba aba mbere ikambi y’i Kakuma yatanguye kwakira. Amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare yahavuye abita abana bo muri Sudani batagira ic’epfo ca ruguru.
Ikambi y’impunzi y’i Kakuma ubu irimwo impunzi zituruka mu bihugu vyinshi, uri izavuye muri Sudani, muri Somaliya, muri Etiyopiya, no mu bindi bihugu. Impunzi igishika mw’ikambi, baca bayiha ibikoresho vya nkenerwa vyo kwubaka akazu, n’ihema ryo gusakara. Kabiri mu kwezi, impunzi yose ihabwa ibilo nka 6 vy’ifu, ikilo 1 c’ibiharage, n’amavuta makeyi be n’akunyu. Impunzi nyinshi ziragurisha bimwe mu vyo ziba zahawe kugira zironse ibindi bifungurwa.
Bamwebamwe muri abo bana batagira ic’epfo ca ruguru barasubijwe mu miryango yabo, abandi bimurirwa mu bindi bihugu. Ariko nk’uko bivugwa n’Ibiro bijejwe kuronsa impunzi aho ziba, ngo “abandi ibihumbi baracari mw’ikambi y’impunzi y’i Kakuma yuzuyemwo inkungugu kandi iduma urusazi, aho barinda gucumukura kugira ngo baronke icorirenza, bakongera bakagwa bavyuka kugira ngo bashobore kwiga”.
[Abo dukesha ifoto]
Tuyikesha Refugees International
[Ikarata ku rup. 23]
(Ushaka dusoma ayandi makuru, raba iki gitabu)
KENYA
Ikambi y’i Kakuma
Ikiyaga Turkana
Lodwar
Eldoret
Nayirobi
[Ifoto ku rup. 23]
Ubuzima bwo mw’ikambi buragoye
[Ifoto ku rup. 23]
Mw’ikambi ry’i Kakuma amazi atangwa ku gipimo
[Ifoto ku rup. 23]
Ivyabona bo muri Kenya baragira urugendo rugoye baja mu Buraruko kuremesha abavukanyi babo
[Ifoto ku rup. 24]
Umumisiyonari ariko arahindura insiguro ishikirizwa n’umutsimvyi adasanzwe wo ngaho
[Ifoto ku rup. 24]
Ikinogo co kubatirizamwo
[Abo dukesha ifoto ku rup. 23]
Ugutanga amazi ku gipimo be n’ikambi y’impunzi y’i Kakuma: Tuyikesha Refugees International