Inkuru y’ubuzima
Ndahimbarwa n’uruhara ngira mu gikorwa co kwigisha Bibiliya kirangurwa kw’isi yose
NK’UKO VYAVUZWE NA ANNA MATHEAKIS
Ubwato bwariko burasha. Buramutse bunyitse, ubwo bwato amahero bureha n’imetero 171 bwari guca bumpamba ibwina mu mazi. Naroze niyahagura, nyinyana n’ibisebuzi kugira ndabe ko noshika ahatagira inkomanzi. Ikintu conyene cari kumfasha kuguma nderemba, kwari ukugumya mwene ka gakoti gatuma umuntu aguma areremba kari kambawe n’uwundi mugore. Narasenze Imana ndayisaba inkomezi n’umutima rugabo. Nta kindi nari bugire.
AHO hari mu mwaka wa 1971, nkaba nari ngiye mu Butaliyano, igihugu kigira gatatu nari ndungitswemwo gukora ubumisiyonari. Iryo sanganya ry’ubwato ryansize nifumbereje. Mugabo hariho ibintu bihambaye kuruta ibindi nasigaranye: ubuzima bwanje, ikivukano c’abakirisu bakundana, be n’agateka ko gukorera Yehova. Ico gikorwa cari kimaze kunshikana mu makontina atatu, iryo sanganya ry’ubwato na ryo rikaba ari kimwe gusa mu bintu vyinshi bibabaje vyashitse mu buzima bwanje.
Navutse mu 1922. Umuryango wacu waba i Rām Allāh, nko ku bilometero 16 amaja mu Buraruko bwa Yeruzalemu. Abavyeyi banje bose baturuka mw’izinga rya Kirete, mugabo dawe yakuriye i Nazareti. Nari umuhererezi mu muryango urimwo abahungu batatu hamwe n’abakobwa babiri. Umuryango wacu warasizwemwo imvune n’urupfu rwa musazanje w’ubuheta, uwari yatwawe n’uruzi Yorodani igihe abanyeshure bari bajanywe gutembera aho hantu. Inyuma y’ico cago, mawe yaranse ko tuguma i Rām Allāh, duca twimukira i Atenayi mu Bugiriki, nkaba nari mfise imyaka itatu.
Ukuri kwa Bibiliya gushikira umuryango wacu
Haciye igihe gitoyi dushitse mu Bugiriki, musazanje mukuru ari we Nikos, uwari afise imyaka 22, yarahuye n’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya vyatumye agira umunezero mwinshi, vyongera bituma arurumba umwete mu busuku bwa gikirisu. Ivyo vyatumye dawe ashangashirwa, aca aramwirukana i muhira. Ariko rero, igihe dawe yaba yagiye muri Palestine, twe na mawe hamwe na mukurwanje twarajana na Nikos ku makoraniro ya gikirisu. Ndacibuka mawe ariko aravugana akamwemwe ivyo yaba yumvise kuri ayo makoraniro. Ariko haciye igihe gitoyi, yaciye arwara kanseri apfa afise imyaka 42. Muri ico gihe kigoye, mukurwanje yitwa Ariadne yaritwararitse umuryango wacu abigiranye urukundo. Naho yari akiri muto, yarambereye nka mawe mu myaka yakurikiye.
Igihe dawe yaba ari i Atenayi, yama anjana gusenga mw’idini ry’aborotodogisi, kandi n’aho amariye gupfa, nagumye nja gusengerayo, uretse ko ntajayo kenshi nk’uko vyahora. Kubera yuko muri iryo dini ata canyereka yuko babaho bahuza n’ivyo Imana ishaka, nahavuye ndeka kujayo.
Dawe amaze gupfa, narashoboye kuronka akazi kamara igihe kinini mu Bushikiranganji bujejwe ikigega ca Leta. Musazanje wewe yari yihebeye igikorwa co kwamamaza Ubwami, akaba yari amaze imyaka itari mike akorera mu Bugiriki. Mu 1934 yarimukiye i Kupuro. Ico gihe nta Cabona ca Yehova yabatijwe yari kuri iryo zinga. Ku bw’ivyo, yaratewe agateka ko guteza imbere igikorwa co kwamamaza kuri iryo zinga. Aho amariye kwubaka urwiwe, umukenyezi wiwe yitwa Galatia na we nyene yaramaze imyaka itari mike mu busuku bw’igihe cosea. Nikos yama aturungikira ibitabu be n’ibinyamakuru bishingiye kuri Bibiliya, ariko twabisoma gake kabaho. Yarinze apfa akiri i Kupuro.
Ukuri kwa Bibiliya ndakugira ukwanje
Mu 1940, Icabona umwe w’umwete w’i Atenayi yitwa George Douras, akaba yari n’umugenzi wa Nikos, yaratugendeye maze aradutumira ngo twifatanye n’umugwi mutoyi wigira Bibiliya mu nzu iwe. Ubwo butumire twabwakirije yompi. Ntitwatevye gutangura kuyagira abandi ivyo twariko turiga. Kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya vyatumye twe na mukurwanje twegurira ubuzima bwacu Yehova. Ariadne yabatijwe mu 1942, nanje mbatizwa 1943.
Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yarangira, Nikos yaradusavye ko twokwimukira i Kupuro. Rero, mu 1945 twaciye twimukira ahitwa Nicosie. I Kupuro hari hatandukanye no mu Bugiriki, kubera yuko hoho igikorwa co kwamamaza kitari kibujijwe. Twaramamaza inzu ku nzu, tukanashinga intahe ku mabarabara.
Inyuma y’imyaka ibiri, vyabaye ngombwa ko Ariadne asubira mu Bugiriki. Ni ho yahuriye n’uwahavuye aba umunega wiwe, na we nyene akaba yari umusavyi wa Yehova. Ni co gituma yaciye aguma i Atenayi. Bidatevye, muramwanje na mukurwanje barandemesheje gusubira mu Bugiriki kugira ngo nkorere ubusuku bw’igihe cose ku murwa mukuru w’ico gihugu. Kubera yuko ata kindi narota atari ugukora igikorwa c’ubutsimvyi, naciye nsubira i Atenayi, ahari hakenewe abamamaji kuruta ahandi.
Nugururirwa izindi nzugi zija mu bikorwa
Ku wa 1 Munyonyo 1947, naratanguye igikorwa c’ubutsimvyi, nza ndamara amasaha 150 ku kwezi mu gikorwa co kwamamaza. Icibare c‘ishengero ryacu cari kinini cane, ari co gituma nategerezwa kugenda n’ibirenge bigashuha. Ariko ntiwumve, nararonse imihezagiro myinshi. Abapolisi kenshi barafata Icabona wese basanze ariko aramamaza, canke uwo basanze mu makoraniro ya gikirisu, akaba ari co gituma batatevye kumfata.
Nagirijwe yuko nkwegera abantu mw’idini, kandi muri ico gihe ico cari icaha gikomeye. Naciriwe umunyororo w’amezi abiri mw’ibohero ry’abakenyezi ry’i Averof i Atenayi. Nasanzeyo uwundi mukenyezi w’Icabona, turaheza turunga ubucuti bwa gikirisu buhimbaye kandi bukomeza, naho nyene twari mu mvuto. Umunyororo nari naciriwe uheze, naciye nibandaniriza igikorwa c’ubutsimvyi. Benshi mu bo twiganye Bibiliya ico gihe baracakorera Yehova badahemuka, kandi ivyo biranezera cane.
Mu 1949, nararonse ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 16 w’abitaba Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho abasuku b’igihe cose bamenyerezwa ku bw’igikorwa c’ubumisiyonari. Twe n’incuti zanje twarahimbawe rwose n’ico kintu. Naciye ntegekanya kwitaba ihwaniro mpuzamakungu ryari kubera mu gisagara ca New York mu ci ryo mu 1950, rirangiye ngaca ninjira ishure ry’i Gileyadi.
Aho nshikiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, naratewe agateka ko kumara amezi makeyi nkora mu vyo gusukura mu nzu ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri mu gisagara ca New York. Aho hantu ni heza, harahimbaye, kandi umuntu ahari yumva aremye. Nari nkikujwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bamana akamwemwe. Sinzokwigera nibagira ayo mezi atandatu nahamaze. Inyuma y’aho, hari hageze ko ninjira mw’Ishure ry’i Gileyadi, aho twamaze amazi atanu twigishwa twongera twiga twivuye inyuma, ariko wamengo aheze nk’aka kanya. Twebwe abanyeshure twariboneye ingene ubumenyi bwo mu Vyanditswe ari ubw’agaciro be n’ingene ari bwiza, kandi ivyo vyarongereje umunezero dufise vyongera birakomeza icipfuzo cacu co gusangira n’abandi ubumenyi bwerekeye ukuri butanga ubuzima.
Aho natanguye gukorera igikorwa c’ubumisiyonari
Kw’Ishure ry’i Gileyadi twari twemerewe kwihitiramwo uwo tuzokorana imbere y’uko baturungika aho tuzoja gukorera ubumisiyonari. Umuvukanyikazi ameze neza cane yitwa Ruth Hemmig (ubu akaba yitwa Ruth Bosshard), ni we twari gukorana. Twe na Ruth umunezero waratwishe igihe twamenya yuko twogiye gukorera mu gisagara ca Istanbul muri Turukiya, na co kikaba ari ihuriro ry’amabarabara afatanya Aziya n’Uburaya. Twari tuzi yuko muri ico gihugu igikorwa co kwamamaza kitari cemewe n’amategeko, mugabo ntitwakekeranya yuko Yehova yodushigikiye.
Istanbul ni igisagara ciza kirimwo abantu bava mu mihingo itandukanye. Twahasanze utuguriro twuzuye no ku bunwa, uburyo bwo guteka bwinshi butandukanye, amaratiro y’utwa kera ashimishije, imicungararo iryoheye ijisho, be n’akarere k’akaroruhore kari ku nkengera y’ikiyaga. Igihambaye kuruta, twahasanze abantu batagira uburyarya bipfuza kumenya Imana. Umugwi mutoya w’Ivyabona w’i Istanbul wari ugizwe ahanini n’Abanyarumeniya, Abagiriki be n’Abayahudi. Ariko ntiwumve, hariho n’abandi benshi bava mu bindi bihugu, kandi vyari bikenewe ko tumenya indimi zitandukanye, harimwo n’ururimi rwo muri Turukiya. Twarahimbawe rwose n’uguhura n’abantu bari banyotewe ukuri baturuka mu bihugu bitandukanye. Benshi muri bo barabandanya gukorera Yehova badahemuka.
Ikibabaje, ntivyashobotse ko Ruth aronka uruhusha rwo kubandanya kuba muri ico gihugu, bica biba ngombwa ko ava muri ico gihugu. Arabandanya gukora umurimo w’igihe cose mu Busuwisi. Inyuma y’iyo myaka yose ihaciye, ndacakumbuye uwo mugenzi mwiza kandi yaremesha cane.
Nimukira mu kindi gice c’isi
Mu 1963 uruhusha rwanje rwo kuba muri Turukiya rwararangiye, ariko sinashoboye kuronka urundi. Ntivyari vyoroshe gutandukana n’abandi bakirisu, abo nari nabonye ingene batera imbere mu vy’impwemu bongera banyinyana n’ingorane nyinshi. Kugira ngo incuti zanje zimpoze, zaremeye kundihira itike yo kuja i New York kugira nitabe ihwaniro ryari kubera muri ico gisagara. Ico gihe sinari bwamenye aho nociye ndungikwa gukorera.
Ihwaniro riheze, naciye ndungikwa gukorera i Lima muri Peru. Twe n’uwundi muvukanyikazi akiri muto twari gukorana twaciye tuva i New York tuja iyo twari turungitswe gukorera, ata handi turinze gukebereza. Narize igisupanyoli, nkaba naba mu nzu y’abamisiyonari yari haruguru y’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Vyari biryoshe rwose kuvuga ubutumwa aho hantu no kumenyana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi baho.
Narungitswe gukorera ahandi, nca niga urundi rurimi
Uko igihe cagiye kirarengana, incuti zanje zo mu Bugiriki zaratanguye kwiterera mu myaka, amagara yazo atangura kuyonga. Ntibigeze bandemesha guhagarika umurimo w’igihe cose ngo ngaruke mu buzima bwitwa ko ari ubusanzwe kugira ndabafashe. Ariko rero, maze kubizirikana nitonze nkongera nkabishira no mw’isengesho, nasanze vyorushiriza kuba vyiza nkoreye hafi y’umuryango wanje. Abavukanyi bahagarikiye igikorwa barabinyemereye, baca bandungika gukorera mu Butaliyano, incuti zanje na zo ziremera kundihira amahera y’urwo rugendo. Kandi uzi n’inkuru, mu Butaliyano hari hakenewe abamamaji cane.
Vyabaye ngombwa ko nongera kwiga urundi rurimi, ni ukuvuga igitaliyano. Nabanje kurungikwa gukorera mu gisagara citwa Foggia, mu nyuma nimurirwa mu gisagara ca Naples, hakaba hari hakenewe abamamaji kuruta ahandi. Icibare canje cari ahitwa Posilipo, hakaba hari hamwe mu turere duteye igomwe tw’igisagara ca Naples. Icibare nakebewe cari kinini cane, kandi carimwo umwamamaji w’Ubwami umwe gusa. Igikorwa carandyohera rwose, kandi Yehova yaramfashije gutanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi. Ishengero rinini ryahavuye rivuka muri ako karere.
Mu bantu baho twatanguye kwigana Bibiliya, harimwo umukenyezi umwe hamwe n’abana biwe bane. We hamwe n’abakobwa biwe babiri baracari Ivyabona vya Yehova. Uretse abo, nariganye Bibiliya n’umugabo n’umugore bubakanye bari bafise akigeme gatoya. Uwo muryango wose warateye imbere mu kuri, uraheza urerekana ko wiyeguriye Yehova mu kubatizwa mu mazi. Ubu uwo mukobwa yubakanye n’umusavyi wa Yehova w’intahemuka, bose bakaba bariko barakorera Imana n’umwete. Igihe nariko nigana Bibiliya n’umuryango munini umwe, naratangajwe n’ububasha bw’Ijambo ry’Imana. Igihe twasomera hamwe ivyanditswe bitari bike vyerekana ko Imana itemera ivyo gukoresha ibishushanyo mu gusenga, inarugo ntiyanarindiriye ko duheza kwiga. Ubwo nyene yaciye ashiburira kure ibishushanyo vyose vyari mu nzu!
Mw’irinde ryo mu kiyaga
Uko naza ndagenda nongera ngaruka hagati y’Ubutaliyano n’Ubugiriki, nama ngenda n’ubwato. Izo ngendo akenshi zari ziryoshe cane. Ariko hariho urugendo nagize mu ci ryo mu 1971 rwari rutandukanye n’izindi. Nari ngarutse mu Butaliyano ndi mu bwato bwiswe Heleanna. Mu gitondo co ku wa 28 Myandagaro, umuriro waradutse mu gikoni c’ubwo bwato. Uwo muriro warakwiragiye hose, abari mu bwato baca batekerwa n’ubwoba. Abagore bararávye, abana bararira, abagabo na bo baridogera bene ubwato bongera barabakarira. Abantu barirukanze baja ahashirwa twa twato abantu bikorako iyo habaye isanganya. Ariko rero, twa dukoti dutuma umuntu aguma areremba twari duke cane, ubuhinga bumanura mu mazi nya twato na bwo bukaba butakora neza. Sinari mfise mwene ako gakoti, mugabo urubeya rwo rwaguma ruduga. Nta kindi rero nari gukora atari ugusimbira mu kiyaga.
Ngipfa kuyakorokeramwo, nagiye mbona umugore umwe yari yambaye mwene ka gakoti ariko areremba hafi yanje. Vyasa n’uko atazi kwoga, akaba ari co gituma naciye ndamufata ukuboko kugira ndamukure hafi y’ubwo bwato bwariko buranyika. Imikuba yaguma yongerekana, nanje nkaba nari narushe nasanzaye kubera naguma nyinyana n’amazi ngo sinsome nturi. Vyasa n’uko kabaye, ariko nagumye ntakambira Yehova ngo sinihebure, kandi ivyo vyarampaye inkomezi. Naguma nibuka rya sanganya ry’ubwato intumwa Paulo yagira.—Ivyakozwe, ikigabane ca 27.
Numiye kuri uwo mugenzanje, namaze amasaha ane nigana n’imikuba, nkaza ndoga igihe numvise agatege kagarutse nongera nza ndambaza Yehova ngo amfashe. Amaherezo, nagiye mbona akato gatoyi kegereza. Barankuye mu mazi, ariko mugenzanje yari yamaze gupfa. Dushitse mu gisagara citwa Bari co mu Butaliyano, baciye banjana ku bitaro bimwe, aho babaye baranyitwararika vyihuta. Vyabaye ngombwa ko mara imisi mikeya mu bitaro, kandi Ivyabona benshi baraje kunsuhuza, barandonsa ivyo nari nkeneye vyose babigiranye umutima mwiza. Urukundo rwa gikirisu berekanye rwaratangaje cane abandi bantu bari muri ico cumbab.
Maze gukira neza, naciye ndungikwa gukorera i Roma. Nasabwe gukorera mu cibare kigirirwamwo ubudandaji kiri hagati muri ico gisagara, nkaba nahakoreye mu kiringo c’imyaka itanu nshigikiwe na Yehova. Namaze imyaka 20 nkorera mu Butaliyano nezerewe, kandi ivyo vyatumye nkunda Abataliyano.
Ngaruka aho natanguriye igikorwa
Ariadne hamwe n’umugabo wiwe bahavuye baremba. Nasanze kuba hafi yabo vyomfasha kubishura ku rugero runaka ivyiza vyose bari barangiriye. Sinokubesha, kuva mu Butaliyano vyarambabaje. Ariko rero, abavukanyi bajejwe igikorwa barabinyemereye, kandi kuva mu ci ryo mu 1985 ndamaze igihe nkorera igikorwa c’ubutsimvyi i Atenayi, ari na ho natanguriye umurimo w’igihe cose mu 1947.
Naramamaje mu cibare c’ishengero ryacu, nongera ndasaba abavukanyi bo ku biro vy’ishami yuko noshobora no kwamamaza mu cibare kigirirwamwo ubucuruzi kiri hagati mu gisagara. Namaze imyaka itatu ndahakorera mfashanije n’uwundi mutsimvyi. Twarashoboye gushinga intahe inogangije ku bantu baboneka gake i muhira.
Ariko rero, uko imisi irengana ni ko icipfuzo canje co gukorera Imana kiguma congerekana, mugabo amagara yoyo aguma ayonga. Ubu muramwanje yarasinziriye mu rupfu. Ariadne na we, umwe yambera nka mawe, ubu ntakibona. Novuga ko nari mfise amagara meza mu myaka namaze mu busuku bw’igihe cose. Ariko rero, mperutse gutembagara ku ngazi zikozwe mu tubuyenge twitwa marimari, ukuboko kw’i buryo guca kuravunika. Narongeye gutemba nca mvunika mu kiyunguyungu. Vyasavye ko mbagwa, kandi namaze igihe kirekire ku musego. Ubu singishobora gutambuka neza. Ngendera ku kibando, kandi sinshobora kuja hanze hatabonetse uwumperekeza. Naho vyifashe gutyo, ndakora ivyo nshoboye vyose, nizigira ko nzotora mitende. Kugira uruhara mu gikorwa co kwigisha Bibiliya, naho hoba ari ku rugero rutoyi, biracambera isoko ry’umunezero n’ugushira akanyota.
Iyo nibutse imyaka ihimbaye namaze mu busuku bw’igihe cose, umutima wanje uca wuzura ugukengurukira Yehova. We hamwe n’igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe, bamye batanga ubuyobozi bwiza be n’imfashanyo y’agaciro vyamfashije gukora uko nshoboye kwose mu myaka yose maze ndamukorera. Ico nsaba Yehova ni uko yonkomeza kugira ngume ndamukorera. Ndahimbarwa n’uruhara rutoyi ngira mu gikorwa co kwigisha Bibiliya kirangurwa kw’isi yose kiyobowe na Yehova.—Malaki 3:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1995, urupapuro rwa 73-89, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Ushaka ayandi makuru, raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruheshi mu 1972, urupapuro rwa 12-16.
[Ifoto ku rup. 9]
Aha nari kumwe na mukurwanje Ariadne hamwe n’umugabo wiwe Michalis, igihe nagira nje i Gileyadi
[Ifoto ku rup. 10]
Twe na Ruth Hemmig twarungitswe gukorera i Istanbul muri Turukiya
[Ifoto ku rup. 11]
Aha nari mu Butaliyano mu ntango z’imyaka ya 1970
[Ifoto ku rup. 12]
Twe na mukurwanje Ariadne muri iki gihe