ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/9 rup. 23-26
  • Abamenonite bararondeye ukuri kwa Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abamenonite bararondeye ukuri kwa Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Abamenonite ni bande?
  • Abamenonite muri iki gihe
  • Ingene urubuto rw’ukuri rwabibwe
  • Bashikirwa n’ibigeragezo kubera ukuri
  • Baronka umuryango w’abavukanyi urimwo urukundo
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/9 rup. 23-26

Abamenonite bararondeye ukuri kwa Bibiliya

UMUSI umwe mu gitondo muri Munyonyo 2000, hari abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova bakorera muri Boliviya batereje akajisho mw’idirisha ry’inzu ntoyi babamwo, maze baza babona umugwi w’abagabo n’abagore bambaye mu buryo bubayabaye cane bahagaze ku rugi rwo kw’irembo umutima utari hamwe. Igihe abo bamisiyonari bugurura nya rugi, amajambo abo bashitsi baciye bavuga yari aya: “Dushaka kumenya ukuri kwo muri Bibiliya”. Abo bashitsi bari abamenonite. Abagabo bari bambaye amasarubeti, abagore na bo amataburiya yirabura, bakaba bavugana mu rurimi rukomoka ku kidagi. Ubaravye mu maso warabona ko bafise ubwoba. Baguma beraguza baraba ko ata wari yabakurikiye. Mugabo, n’igihe bariko baduga ingazi kugira binjire mu nzu, umwe muri nya bagabo yavuze ati: “Nshaka kumenya ba bantu bakoresha izina ry’Imana”.

Bamaze gushika mu nzu, aho babazimaniye baciye batangura kwumva umutima usubiye mu nda. Bari baje bava kure, mu karere kari ukwa konyene kabamwo abantu b’abarimyi-borozi. Bari bamaze imyaka itandatu baronka ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi biciye kuri posita. Babajije abo bamisiyonari bati: “Twarasomye yuko hazoba iparadizo kw’isi. Ivyo vyoba ari vyo?”. Nya Vyabona baraberetse inyishu Bibiliya itanga (Yesaya 11:9; Luka 23:43; 2 Petero 3:7, 13; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Umwe muri abo barimyi-borozi yaciye abwira bagenziwe ati: “Mwabonye? Bwa bundi ni vyo. Vy’ukuri hazoba iparadizo kw’isi”. Abandi na bo bagumye bavuga bati: “Niyumvira ko twubuye ukuri”.

Abamenonite none ni bande? Bemera iki? Kugira tubimenye, dutegerezwa gusubira inyuma mu kinjana ca 16.

Abamenonite ni bande?

Mu myaka ya 1500, iyongerekana rinini kandi ryihuta ryahabaye mu bijanye n’uguhindura no gucapura Bibiliya mu ndimi z’i Buraya zivugwa n’abantu benshi, ryatumye abantu baho basubira kwitaho ivy’ukwiga Bibiliya. Martin Luther be n’abandi babaye imboneza muri kwa Gutunganya ivy’idini bushasha barateye akagere inyigisho nyinshi za Ekeleziya gatolika. Yamara, amashengero y’abaporotisanti yari aherutse gushingwa yabandanije gukurikiza imigenzo myinshi iteye kubiri na Bibiliya. Nk’akarorero, abenshi babona ko akana kose kavutse gakwiye kubatizwa mw’idini abavyeyi bako barimwo. Ariko rero, abantu bamwebamwe barondera ukuri kwa Bibiliya bahavuye batahura yuko umuntu acika uwo mu bagize ishengero rya gikirisu ari uko gusa afashe ingingo ishingiye ku bumenyi aba yararonse, agaheza akabatizwa (Matayo 28:19, 20). Abavugabutumwa b’abanyamwete bemera ivyo, baratanguye kugendagenda mu bisagara no mu bigwati bigisha Bibiliya bongera babatiza abantu bakuze. Ni co catumye bitwa abanabatisite, bisobanura ngo “ababatiza ubugira kabiri”.

Uwitwa Menno Simons ni umwe mu bagiye kuronderera ukuri mu banabatisite, uno akaba yari umupatiri w’umugatolika yaba mu kigwati citwa Witmarsum co mu Buraruko bw’Ubuholande. Mu 1536 yari yaravavanuye na Ekeleziya maze acika umuntu ahigwa buhongo. Mu 1542, Umwami w’abami Karori wa gatanu yatwara Inganji nganzabami nyeranda y’Uburoma, ubwiwe yaremereye guha amafaranga 100 y’amaholande uwofata Menno. Ariko ivyo ntivyabujije ko Menno akorakoraniriza abanabatisite bamwebamwe mu mashengero. Bidatevye, we n’abayoboke biwe bahavuye bitwa abamenonite.

Abamenonite muri iki gihe

Mu nyuma, uruhamo rwadutse rwaratumye abamenonite ibihumbi bava mu Buraya bwo mu Burengero baja muri Amerika ya Ruguru. Bashitseyo, barashoboye kubandanya kurondera ukuri no gukwiragiza ubutumwa bwabo mu bandi bantu benshi. Ariko ntibari bagifise wa mwete ururumba ba sokuruza babo bari bafise wo kubandanya kwiga Bibiliya no kwamamaza ivy’Imana ku mugaragaro. Benshi barumiye ku nyigisho zimwezimwe zidashingiye kuri Bibiliya, nk’inyigisho y’Ubutatu, inyigisho y’umutima w’ubwenge udapfa be n’inyigisho y’umuriro udahera (Umusiguzi 9:5; Ezekiyeli 18:4; Mariko 12:29). Muri iki gihe, abamisiyonari b’abamenonite basa n’abibanda cane ku gufasha abantu mu vy’ubuvuzi no mu vy’imibano, aho kwibanda ku kwigisha ivy’Imana.

Muri iki gihe bigereranywa yuko hariho nk’abamenonite 1.300.000 baba mu bihugu 65. Ariko, abamenonite bo muri iki gihe baridoga bavuga yuko badafise ubumwe hagati yabo, nk’uko na Menno Simons yabivuze, ubu hakaba haciye ibinjana. Mu gihe ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose, ukudahuza mu bijanye n’amatati y’isi kwatumye haba ukwicamwo ibice gukomeye. Muri Amerika ya Ruguru, abamenonite benshi baranse kuja mu vya gisirikare kubera ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya. Mugabo, igitabu kimwe (An Introduction to Mennonite History) kivuga giti: “Mu 1914, ivy’ukutaja mu ntambara ahanini vyari bisigaye ari umugani ku mashengero y’abamenonite yo mu Buraya bwo mu Burengero”. Muri iki gihe, mu migwi imwimwe y’abamenonite hari ukuntu basigaye barasirimutse. Abandi na bo baracambara impuzu zitagira ibipfungo ariko zifise utuntu twigonze turi n’aho baza baraducomeka, kandi babona yuko abagabo badakwiye kumwa ubwanwa.

Imigwi imwimwe y’abamenonite, kubera ko yiyemeje kubaho yitandukanije n’ivya kino gihe, yarimukiye ahantu intwaro zaho zibemerera kuba ata wubakoma. Nk’akarorero, muri Boliviya nk’abamenonite bagera ku 38.000 baba mu bigwati vyinshi cane biri ahantu ha kure, ikigwati kimwekimwe cose kikaba gifise amategeko yaco cisunga mu bijanye n’inyifato. Mu bigwati bimwebimwe ntibirekuriwe kugira umuduga, amafarasi n’imikogote bikaba ari vyo vyonyene birekuwe. Mu bigwati bimwebimwe, iradiyo, televiziyo be n’umuziki birabujijwe. Hamwehamwe mbere usanga bibujijwe kwiga ururimi rw’igihugu babamwo. Hari umuntu aba mu kigwati kimwe yavuze ati: “Abatwigisha ivy’Imana ntibemera ko twiga igisupanyoli kubera ko bashaka kuguma batwifatiye mu minwe”. Benshi bumva ko bacinyizwa, kandi babayeho bafise ubwoba bw’uko bohava bacibwa mu kibano babamwo, ico kikaba ari ikintu kitoroshe na gato ku muntu aba atarabona ubuzima bwo hanze y’ikigwati ingene bumeze.

Ingene urubuto rw’ukuri rwabibwe

Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe igihe umurimyi-mworozi w’umumenonite yitwa Johann yabona ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mu nzu y’umubanyi wiwe. Johann n’umuryango wiwe bari baraje muri Megizike bavuye muri Kanada, mu nyuma barahava baja muri Boliviya. Ariko Johann yahora yipfuza uwomufasha mu twigoro yagira two kurondera ukuri kwa Bibiliya. Yaciye asaba ko bomutiza nya kinyamakuru.

Mu nyuma, igihe Johann yari mu gisagara yashoye ivyimburwa vyiwe be n’ivyavuye mu bworozi bwiwe, yaregereye Icabona yariko atanga Umunara w’Inderetsi mw’isoko. Ico Cabona yaciye amurungika ku mumisiyonari avuga ikidagi, bidatevye Johann aca atangura kuza araronka Umunara w’Inderetsi mu kidagi biciye kuri posita. Inomero imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi barayiga bitonze hanyuma igaca ihererekanwa mu miryango yo mu kigwati Johann yabamwo gushika n’aho iba umushire. Hari igihe imiryango yakoranira hamwe ikiga ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gushika mu gicugu, iza iraraba ivyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo. Johann yahavuye ajijuka yuko Ivyabona vya Yehova bategerezwa kuba ari bo bariko barakora ivyo Imana igomba kw’isi yose bunze ubumwe. Imbere y’uko apfa, yabwiye umugore n’abana ati: “Muze mwame musoma Umunara w’Inderetsi. Uzobafasha gutahura Bibiliya”.

Bamwebamwe mu bo mu muryango wa Johann baratanguye kuyagira ababanyi babo ivyo bariko bariga muri Bibiliya. Bavuga bati: “Isi ntizosangangurwa. Ahubwo riho, Imana izoyigira iparadizo. Kandi Imana ntibabaza abantu mu muriro”. Abakuru b’idini ntibatevye kwumva ivyerekeye ivyo biyago vyagirwa, baca batera ubwoba umuryango wa Johann bababwira ko bazocibwa nibatabihagarika. Mu nyuma, igihe umuryango wariko uganira ivyerekeye umukazo abo bakuru b’abamenonite bariko babashirako, umusore umwe yavuze ashize amanga ati: “Sinzi igituma twirirwa turidogera abakuru bacu b’idini. Twese turazi idini ry’ukuri iryo ari ryo, ariko nta co turakora”. Ayo majambo yarakoze ku mutima se w’uwo musore. Bidatevye, cumi bo muri uwo muryango barafashe urugendo mu kinyegero baja kurondera Ivyabona vya Yehova, batururira i muhira kwa ba bamisiyonari, nk’uko twabivuze mu ntango.

Bukeye, abo bamisiyonari baragiye kuraba abo bagenzi babo bashasha mu kigwati babamwo. Nta wundi muduga wabarizwa mw’ibarabara atari uw’abo bamisiyonari. Igihe abo bamisiyonari baba bariko bararengana buhorobuhoro imikogote ikwegwa n’amafarasi, barakubita ijisho abantu baho bagatangara, bano na bo bakubise ijisho abo bamisiyonari bagatangara. Inyuma gatoyi y’aho, abamisiyonari baricaranye ku meza n’abamenonite cumi bari baserukiye imiryango ibiri.

Uwo musi bamaze amasaha ane biga ikigabane ca mbere c’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaheraa. Ku ngingo imwimwe yose, abo barimyi-borozi bari bararavye ibindi vyanditswe, bakaba bashaka kuraba nimba bari basanzwe batahura ivyo vyanditswe mu buryo bubereye. Ikibazo kimwekimwe cose co muri ico gitabu kibajijwe, haca hakurikira agacerere k’iminuta itari mikeyi abo barimyi-borozi bariko bavugana mu kidagi kivugwa mu Buraruko bw’Ubudagi, hanyuma umwe muri bo amaherezo agaca abaserukira akishura mu gisupanyoli. Uwo musi wari umusi w’intibagirwa, ariko bari bagiye guhura n’ingorane zikomeye. Bari bagiye gushikirwa n’ibigeragezo, nk’uko nyene na Menno Simons vyamushikiye igihe yatangura kurondera ukuri kwa Bibiliya, hakaba hari haciye nk’ibinjana bitanu.

Bashikirwa n’ibigeragezo kubera ukuri

Haciye imisi mikeyi, abakuru b’idini baraje aho umuryango wa Johann waba, batera ubwoba abo kwa Johann be n’abandi bari barashimishijwe n’ukuri kwa Bibiliya mu kubabwira bati: “Twarumvise yuko Ivyabona vya Yehova babagendeye. Mutegerezwa kubabuza kugaruka. Kandi mutaduhaye ibitabu vyabo ngo tubiturire, turabaca nta gisivya”. Ico cari ikigeragezo gikomeye narirya bari bamaze kwigana Bibiliya n’Ivyabona rimwe gusa.

Serugo umwe yaciye yishura ati: “Ivyo mudusavye ntidushobora kubigira. Abo bantu baje kutwigisha Bibiliya”. None abo bakuru baciye bakora iki? Baraciye iyo miryango kubera yuko yiga Bibiliya! Ico cari ikintu c’akavunamutima koko. Umukogote wo mw’ihinguriro ry’amaforomaji ryo muri ico kigwati wararenganye urugo rumwe udatwaye amata yaho, kandi ayo mata ari yo yonyene yaronsa uwo muryango ikiwutunga. Serugo umwe yarirukanywe ku kazi. Uwundi na we yarankiwe kugurira utuntu mw’iduka ryo muri ico kigwati, agakobwa kiwe k’imyaka cumi na ko karirukanwa kw’ishure. Hari ababanyi bakikuje umuhana umwe kugira batware umugore w’umwe mu bagabo baho, bavuga yuko ngo adashobora kubana n’umugabo yaciwe. Naho ivyo vyose vyashitse, nticabujije ko iyo miryango yariko yiga Bibiliya ibandanya kurondera ukuri.

Ba bamisiyonari barabandanije kugira ku ndwi ku ndwi rwa rugendo rurerure mu muduga baja kurongora inyigisho ya Bibiliya. Urazi ingene iyo nyigisho yakomeza iyo miryango! Hari abo mu miryango bagira urugendo rw’amasaha abiri bari ku mafarasi no mu mikogote kugira baje ahabera iyo nyigisho ya Bibiliya. Igihe iyo miryango yasaba ari bwo bwa mbere umwe muri abo bamisiyonari ngo ature isengesho, cabaye igihe gikora ku mutima. Abamenonite bo ng’aho ntibigera basenga n’ijwi ryumvikana, ari co gituma iyo miryango itari bwigere yumva umuntu n’umwe abasabira. Abagabo bagomba gukorora amosozi. N’ikindi kandi urazi ingene bibajije ibibazo igihe abo bamisiyonari bazana iradiyo y’ikaseti? Muri ico kigwati nta muziki wari bwigere wemererwa kuvuzwa. Bararyohewe cane na ya miziki y’Ubwami iryoshe (Mélodies du Royaume) ku buryo bafashe ingingo yo kuza bararirimba indirimbo z’Ubwami igihe cose bahejeje kwiga! Ariko rero, ikibazo cari gisigaye cari iki: Bari kubaho gute narirya ivyabo vyari vyahindutse?

Baronka umuryango w’abavukanyi urimwo urukundo

Kubera ko iyo miryango yari yaraciwe mu kigwati yabamwo, yaratanguye kwikorera amaforomaji. Ba bamisiyonari barabafashije kuronka ababashorera. Hari Icabona w’igihe kirekire wo muri Amerika ya Ruguru yakuriye mu kigwati kimwe c’abamenonite co muri Amerika y’Epfo, yumvise ivyerekeye amakuba yashikiye iyo miryango. Yaripfuza rwose kubafasha. Mu ndwi imwe yarashitse n’indege muri Boliviya kugira abonane na bo. Ntiyaremesheje iyo miryango mu vy’impwemu gusa, ariko kandi yarayifashije kwigurira agakamyo kabo kugira bazoze baraja ku makoraniro yo ku Ngoro y’Ubwami no kw’isoko bashoye ivyimburwa vyabo be n’ivyava mu bworozi bwabo.

Hari umuntu wo mu muryango umwe yavuze ati: “Aho tumariye gucibwa mu kibano twabamwo, ntivyatworoheye. Twaja ku Ngoro y’Ubwami twijiriwe, ariko tukavayo tunezerewe”. Mu vy’ukuri, Ivyabona baho barabaserutseko barabafata mu mugongo. Bamwe barize ikidagi, Ivyabona nka bangahe bavuga ikidagi na bo bava i Buraya baraza muri Boliviya gufasha kurongora amakoraniro ya gikirisu mu kidagi. Hataraca n’igihe, abantu 14 bo mu kigwati c’abamenonite baratanguye kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami.

Ku wa 12 Gitugutu 2001, hatarahera n’umwaka kuva ca gihe ba bamisiyonari bagenderwa n’abamenonite ari bwo bwa mbere, 11 muri abo bahoze ari abanabatisite barabatijwe ubugira kabiri, ico gihe hoho bakaba babatijwe kugira berekane ko biyeguriye Yehova. Guhera ico gihe, hari n’abandi bateye iyo ntambwe. Umwe muri bo yavuze mu nyuma ati: “Kuva tumenye ukuri kwo muri Bibiliya, twumva turi nk’abagurano bahawe umwidegemvyo”. Uwundi na we yavuze ati: “Abamenonite benshi baridoga bavuga yuko ata rukundo rurangwa muri bo. Ariko Ivyabona vya Yehova bo baritwararikana. Ubu ndi muri bo, numva ntekaniwe”. Nimba uriko urondera gutahura ukuri kwo muri Bibiliya neza kuruta, na wewe woshobora guhura n’ingorane. Ariko niwarondera gufashwa na Yehova ukongera ukagaragaza ukwizera n’umutima rugabo nk’uko iyo miryango yabigize, na wewe bizokugendera neza uronke n’ubuhirwe.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 25]

Barahimbawe no kuronka ibitabu mu kidagi bivuga ivya Bibiliya

[Ifoto ku rup. 26]

Naho umuziki wahoze ubujijwe, ubu bararirimba igihe cose bahejeje kwiga Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika