Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni kubera iki icaha ca mbere, ni ukuvuga ukugambarara kwa Adamu, bishobora kuvugwa ko kimeze nka kurya kw’indwara mvukanwa?
Ico caha kimeze nka kurya kw’indwara kubera yuko Adamu yacandukije uruvyaro rwiwe. Ni co gituma twarazwe ako kanenge k’icaha, nka kurya nyene abana bamwebamwe abavyeyi babo babaraga indwara kanaka.—15/8, urupapuro rwa 5.
• Ni imvo nyamukuru izihe zituma ubukazi burushiriza kwimonogoza muri iki gihe?
Shetani ariko aragerageza guteranya abantu na Yehova mu guteragira agatima k’ubukazi mu mitima yabo, biciye nko ku masenema, ku miziki, be no ku dukino two kuri orodinateri dutuma abadukina baca babigira bigana ubukozi bw’ikibi be n’ubwicanyi. Ubukazi bwerekanwa mu bimenyeshamakuru bwaratumye haba ibikorwa vyinshi vy’ubukazi.—1/9, urupapuro rwa 29.
• Ponsiyo Pilato yari nde?
Yari Umuroma wo mu banyacubahiro batobato, bikaboneka ko yari yigeze kuba umusoda. Umwami w’abami w’Umuroma Tiberiyo yagenye Pilato kuba buramatari w’intara y’i Yudaya mu 26 G.C. Mu rubanza rwa Yezu, Pilato ni we yumvirije ivyo indongozi z’idini z’Abayuda zagiriza Yezu. Kugira ngo anezereze iryo sinzi ry’abantu, Pilato yaremeye ko Yezu yicwa.—15/9, urupapuro rwa 10-12.
• “Ikimenyetso” kivugwa muri Matayo 24:3 gisobanura iki?
Ico kimenyetso kigizwe n’imice myinshi iyo na yo ikaba igize ikimenyetso kirimwo vyinshi kiranga ukuhaba kwa Yezu. Ico kimenyetso kigizwe n’intambara, inzara, ibiza be na vya nyamugigima. Ico kimenyetso rero cofashije abayoboke ba Yezu kubona ko “ari ho ari” be n’uko bageze mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”.—1/10, urupapuro rwa 4-5.
• Imvugo ngo “Abayuda bo mu mahanga” isobanura iki, kandi ni intara izihe babamwo?
Iyo mvugo yerekeye Abayuda baba hanze y’igihugu ca Palesitina. Mu kinjana ca mbere, ahantu canecane wasanga Abayuda ni muri Siriya, muri Aziya Ntoya, i Babuloni no mu Misiri. Hari n’abandi Bayuda bakebake baba mu gice c’i Buraya c’Inganji nganzabami y’Abaroma.—15/10, urupapuro rwa 12.
• Umukirisu yoba ashobora kuguma afise ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi mu gihe yemeye gukora akazi gasaba ko yitwaza ikirwanisho?
Gukora akazi gasaba ko umuntu yitwaza ikirwanisho gicira umuriro canke ikindi kirwanisho, ni ingingo umwumwe wese yifatira. Ariko, gukora akazi gasaba ko umuntu yitwaza ikirwanisho bituma ashobora kwagirwa n’amaraso mu gihe vyoba ngombwa ko akoresha ico kirwanisho. Vyongeye vyoshobora gutuma uwo muntu akomereka canke apfa mu gihe hogira uwuza kumutera canke kumwihora. Umukirisu yitwaza mwene ico kirwanisho ntiyoba agikwije ibisabwa vyotuma ashingwa uduteka tudasanzwe mw’ishengero (1 Timoteyo 3:3, 10).—1/11, urupapuro rwa 31.
• Kubera yuko ijambo “Harumagedoni” ryamuka mu mvugo “Umusozi w’i Megido”, vyoba bisobanura yuko iyo ntambara ya Harumagedoni izobera ku musozi munaka wo mu Buseruko bwo Hagati?
Ihibambewe. Uwo Musozi Megido n’ukubaho ntubaho. Muri Isirayeli uhasanga gusa ikigunguzi kiri iruhande y’ikiyaga. Ako karere ntikokwirwamwo “abami bo kw isi [bose] n’ingabo zabo” zose. Intambara ihambaye y’Imana izobera kw’isi yose, kandi izokuraho intambara zose (Ivyahishuriwe 16:14, 16; 19:19; Zaburi 46:8, 9).—1/12, urupapuro rwa 4-7.