Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
“Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino?”—1 ABAMI 18:21.
1. Ni igiki gituma igihe tubayemwo kiba igitandukanye n’ibindi bihe vyo muri kahise?
WOBA wemera ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri? Woba kandi wemera yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana yuko igihe tubayemwo ari co “misi y’iherezo” y’urunkwekwe rubi rwa Shetani (2 Timoteyo 3:1)? Niba uvyemera, nta gukeka ko nawe ubona yuko ubu, kuruta ikindi gihe ico ari co cose, bikenewe ko umuntu afata ingingo ntabanduka yo kugira ico akoze. Nta ho ubuzima bw’abantu benshi cane bwari bwigere buba mu kaga nko muri iki gihe.
2. Ku ntwaro y’Umwami Ahabu, ni ibiki vyabaye muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi?
2 Mu kinjana c’icumi B.G.C., ihanga rya Isirayeli ryabwirijwe gufata ingingo ihambaye rwose. Ni nde abo muri iryo hanga bari gukorera? Umwami Ahabu, yohejwe n’umugore wiwe Yezebeli w’umupagani, yarateje imbere ugusenga Bayali muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Bayali yari imana y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi yafatwa yuko ari yo yatanga imvura n’ivyimburwa vyinshi. Benshi mu basenga Bayali bashobora kuba baragira ca kimenyetso co gusoma ikiganza cabo bagaca bacerekeza ku gishushanyo c’imana yabo canke bakagipfukamira. Abasenga Bayali, kugira batume ahezagira imirima yabo be n’ibitungwa vyabo, baraja mu vy’ugusambana na ba maraya bo mu nsengero. Bari bafise n’umugenzo wo kwikebagura kugira bavirirane.—1 Abami 18:28.
3. Ugusenga Bayali kwagize ingaruka iyihe ku basavyi b’Imana?
3 Amasigarira y’Abisirayeli ashika 7.000 baranse kugira uruhara muri ukwo gusenga kwarangwamwo ivy’ugusenga ibigirwamana, ivy’ubuhumbu be n’ivy’ubukazi (1 Abami 19:18). Barumiye badahemuka ku bucuti bari bafitaniye na Yehova Imana bwari bushingiye kw’isezerano, ivyo bikaba vyatumye bahamwa. Nk’akarorero, Umwamikazi Yezebeli yaragandaguye abavugishwa na Yehova benshi (1 Abami 18:4, 13). Kubera ivyo bintu bigoye Abisirayeli barimwo, benshi muri bo barasukiranya ugusenga, bakagerageza guhimbara Yehova na Bayali. Yamara, Umwisirayeli wese yaheba Yehova agasenga imana y’ikinyoma yaba abaye umuhuni. Yehova yasezeraniye Abisirayeli ko yobahezagiye baramutse bamukunze bakongera bakagamburuka amategeko yiwe. Ariko rero, yabagabishije yuko baramutse ‘batamwibanzeko we musa’, botikijwe.—Gusubira mu vyagezwe 5:6-10, NW; 28:15, 63.
4. Ni ibiki Yezu n’intumwa ziwe bavuze ko vyoshitse mu bakirisu, kandi vyarangutse gute?
4 Muri iki gihe, ibintu vyifashe nk’ukwo nyene mu biyita abakirisu. Hari abanyamadini bivugisha ko ari abakirisu, mugabo ugasanga imisi mikuru yabo, inyifato yabo be n’ivyo bemera birateye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha. Nka kumwe kwa Yezebeli, abiyita abakirisu barabaye imboneza mu vy’uguhama Ivyabona vya Yehova. N’ikindi kandi, birazwi yuko mu myaka n’iyindi abakuru bo mu madini y’abiyita abakirisu bagiye barashigikira intambara, gutyo bakaba rero babazwa urupfu rw’abantu amamiliyoni bo muri ayo madini. Ukwo gushigikira intwaro z’isi kw’amadini, Bibiliya yerekana ko ari ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu (Ivyahishuriwe 18:2, 3). N’ikigeretseko, amadini y’abiyita abakirisu asigaye yararushirije kurenza uruho rw’amazi ku busambanyi bwo mu buryo bw’umubiri, eka mbere no ku busambanyi buba hagati y’abakuru bayo. Yezu Kirisitu n’intumwa ziwe baravuze ko hobaye ubwo buhuni bukomeye (Matayo 13:36-43; Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30; 2 Petero 2:1, 2). Mbega amaherezo bizogendera gute abanywanyi b’amadini y’abiyita abakirisu barenga umuliyaridi? Kandi ni ibanga irihe abasenga Yehova b’ukuri bafise ku bijanye n’abo be n’abandi bose bazimijwe n’idini ry’ikinyoma? Kugira turonke inyishu itomoye kuri ivyo bibazo, reka twihweze ibintu vyabaye vy’akajoreza kandi bikomeye vyashikanye ku ‘guhenebera no ku gukurwaho kwa Bayali mu Bisirayeli’.—2 Abami 10:28.
Urukundo Imana yakunda abasavyi bayo bigira ibiro biteze
5. Yehova yerekanye gute ko yitwararikana urukundo abasavyi biwe bigira ibiro biteze?
5 Yehova Imana ntahimbarwa no guhana abamuhemukira. Kubera ko ari Umuvyeyi w’umunyarukundo, yipfuza yuko abanyakibi bokwigaya maze bakamuhindukirira (Ezekiyeli 18:32; 2 Petero 3:9). N’ikivyerekana, Yehova yarakoresheje abahanuzi benshi mu gihe ca Ahabu na Yezebeli kugira agabishe abasavyi biwe ku bijanye n’ingaruka mbi zo gusenga Bayali. Eliya yari umwe muri abo bahanuzi. Inyuma y’uruzuba rukaze cane rwari rwarabuwe, Eliya yabwiye Umwami Ahabu ngo akoranirize hamwe Abisirayeli na ba kamenyi ba Bayali ku Musozi Karumeli.—1 Abami 18:1, 19.
6, 7. (a) Eliya yashize ahabona gute umuzi w’ubuhuni bwa Isirayeli? (b) Ba kamenyi ba Bayali bakoze iki? (c) Eliya yakoze iki?
6 Iryo koraniro ryabereye mu kibanza carimwo igicaniro ca Yehova cari ‘carahomvowe’, kumbure bikaba vyagizwe mu ntumbero yo kunezereza Yezebeli (1 Abami 18:30). Ikibabaje, ni uko Abisirayeli bari ng’aho batabona neza, hagati ya Yehova na Bayali, uwari ashoboye vy’ukuri kuzana imvura bari bakeneye cane. Bayali yaserukiwe na ba kamenyi 450, mu gihe Eliya we yari we muvugishwa n’Imana umwe rudende yari yaserukiye Yehova. Eliya yaciye yinjira mu mizi y’ingorane abo bantu bari bafise mu kubabaza ati: “Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino?”. Maze, akoresheje amajambo atomoye kuruta, yaciye abahitishamwo ati: “Asangw’Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira”. Kugira Eliya avyurire ba Bisirayeli ba nyamujiryanino umutima wo gusenga Yehova we musa, yasavye ko hokorwa ikintu co gushira ahabona Imana y’ukuri iyo ari yo. Amamasa abiri yari kubagwa agatangwako ikimazi, imwe igashikanirwa Yehova iyindi na yo igashikanirwa Bayali. Iyobaye ari Imana y’ukuri ni iyoturiye ikimazi yobaye yashikaniwe. Ba kamenyi ba Bayali barateguye ikimazi cabo, maze baramara amasaha n’ayandi basemerera bati: “Ewe Bayali, n’utwumvire!”. Igihe Eliya yatangura kubashinyagurira, barikebaguye gushika aho bavirirana, barashira amajwi hejuru uko bashoboye kwose, ariko ntihagira ikibishura.—1 Abami 18:21, 26-29.
7 Hinge rero Eliya aramukirwe. Yabanje gusanasana ca gicaniro ca Yehova, hanyuma agishirako ibikenye vy’imasa ikiri nto yajanjaguye. Ubukurikira, yaciye ategeka ko ico kimazi gisukwako imibindi mininiminini ine y’amazi. Ivyo vyagizwe incuro zitatu gushika aho umuvo wari ukikuje ico gicaniro wuzura amazi. Maze rero Eliya yaciye asenga ati: “Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ijambo ryawe. Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo”.—1 Abami 18:30-37.
8. Imana yishuye gute isengesho rya Eliya, kandi uwo muvugishwa n’Imana yaciye akora iki?
8 Imana y’ukuri yarishuye iryo sengesho mu guturira ikimazi n’igicaniro vyompi ikoresheje umuriro watibutse uvuye mw’ijuru. Uwo muriro wararigase n’amazi yari muri wa muvo wari ukikuje nya gicaniro! Ibaze ukuntu Abisirayeli baciye biyumva. Baciye “b[u]nama bashika hasi, baravuga, bat’Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana”. Ico gihe, Eliya yaciye agira ikindi kintu gikomeye akoze mu gutegeka Abisirayeli ati: “Ni mufate abo ba kamenyi ba Bayali, ntihagire ūcika n’umwe”. Bamwe ba kamenyi ba Bayali uko bari 450 baciye bicirwa ku mucamo w’Umusozi Karumeli.—1 Abami 18:38-40.
9. Abasavyi b’Imana b’ukuri basubiye kugeragezwa gute?
9 Kuri uwo musi nyene w’intibagirwa, Yehova yaratumye imvura isubira kugwa mu gihugu, hakaba hari haheze imyaka itatu n’igice yarataze (Yakobo 5:17, 18). Gerageza kwiyumvira ivyo Abisirayeli bagiye barayaga igihe bariko barataha; Yehova yari yerekanye ko ari we Mana y’ukuri. Ariko ntiwumve, abasenga Bayali ntibaciye bata hasi. Yezebeli yarabandanije isekeza ryiwe ryo guhama abasavyi ba Yehova (1 Abami 19:1, 2; 21:11-16). Gutyo, ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana kwarasubiye kandi kugeragezwa. Mbega bobaye bariko bibanda kuri Yehova we musa igihe umusi wiwe wo gushitsa urubanza ku basenga Bayali woshitse?
Fata ingingo yo kugira ico ukoze ubu
10. (a) Mu bihe vya none, ni igiki abakirisu basizwe bakoze? (b) Kwumvira itegeko dusanga mu Vyahishuriwe 18:4 bisobanura iki?
10 Mu bihe vya none, abakirisu basizwe barakoze igikorwa nk’ica Eliya. Biciye ku vyo bavuga no ku bitabu basohora, baraburiye abantu bo mu mahanga yose, baba abo mu madini y’abiyita abakirisu canke abari mu yandi madini, ku bijanye n’akaga ko kuba umuntu ari mw’idini ry’ikinyoma. Ico vyavuyemwo, ni uko abantu amamiliyoni bafashe ingingo ntabanduka yo kuvavanura n’amadini y’ikinyoma bahoramwo. Bareguriye ubuzima bwabo Yehova maze baracika abigishwa ba Yezu Kirisitu babatijwe. Vy’ukuri, baritabiriye aka kamo kihutirwa Imana yateye abantu ku bijanye n’idini ry’ikinyoma kagira gati: “Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe”.—Ivyahishuriwe 18:4.
11. Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu ashimwe na Yehova?
11 Abandi bantu amamiliyoni, naho bashimishijwe n’ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya bukwiragizwa n’Ivyabona vya Yehova, ntibarabona neza ico bakwiye gukora. Bamwebamwe muri bo baraza rimwerimwe ku makoraniro ya gikirisu, nk’akarorero bakaza ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba canke mu biringo bimwebimwe vy’ihwaniro ry’intara. Abo bose tubahimiriza kuzirikana bitonze kuri aya majambo Eliya yavuze agira ati: “Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino?” (1 Abami 18:21). Aho gutebagana, barakeneye nyabuna gufata ingingo ntabanduka ubu, maze bagakora uko bashoboye kwose kugira bacike abasavyi ba Yehova biyeguye kandi babatijwe. Bataravye neza, barahakwa kuzobura ubuzima budahera!—2 Ab’i Tesalonike 1:6-9.
12. Ni ibintu biteye akaga ibihe vyashikiye abakirisu bamwebamwe babatijwe, kandi bakwiye gukora iki?
12 Ikibabaje, ni uko hari abakirisu babatijwe usanga basigaye bahorereza canke barahororokewe mu gusenga kwabo (Abaheburayo 10:23-25; 13:15, 16). Bamwebamwe baratakaje umwete bari bafise kubera ugutinya uruhamo, kubera imyitwarariko ijanye n’ukuronka ikibabeshaho, kubera ukurondera itunga, canke ukurondera ibibanezereza bo ubwabo. Yezu yaragabishije yuko ivyo bintu nyene vyotsitaje bamwebamwe mu bayoboke biwe, bikabanyoha, bikongera bikabata mu mutego (Matayo 10:28-33; 13:20-22; Luka 12:22-31; 21:34-36). Abantu mwene abo, aho “kuba ba nyamujiryanino”, bakwiye nyabuna ‘kugira umwete bakigaya’ mu gufata ingingo ntabanduka yo gukora bahuza n’ukwiyegurira Imana kwabo.—Ivyahishuriwe 3:15-19.
Idini ry’ikinyoma rikurwaho giturumbuka
13. Dondora ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yehu yimikwa ngo abe umwami.
13 Kugira ngo tubone igituma vyihutirwa yuko abantu bafata ingingo ntabanduka yo kugira ico bakoze ubu, reka turabe ivyabaye muri Isirayeli hashize nk’imyaka 18 ca kibazo kijanye no kumenya Imana y’ukuri iyo ari yo gitorewe inyishu ku Musozi Karumeli. Umusi wa Yehova wo gushitsa urubanza ku nsengo ya Bayali waje bukwi na bukwi kandi ata n’umwe yari awiteze, ushika mu gihe c’ubusuku bw’uwasubiriye Eliya, ari we Elisa. Yoramu umuhungu w’Umwami Ahabu, ni we yatwara Isirayeli, kandi Yezebeli yari akiriho, ari umugabekazi. Ata n’umwe abizi, Elisa yararungitse umusuku wiwe kuja kwimika Yehu umugabisha w’ingabo za Isirayeli ngo abe ari we aba umwami. Ico gihe, Yehu yari i Ramoti-gileyadi ku ruhande rwa Yorodani rwo mu Buseruko, akaba yariko ayobora urugamba rwo kurwanya abansi ba Isirayeli. Umwami Yoramu yari i Yezireli mu kiyaya co hafi y’i Megido, ariko arakira inguma yari yarakomerekeye mu rugamba.—2 Abami 8:29–9:4.
14, 15. Yehu yashinzwe igikorwa ikihe, kandi yaciye akora iki?
14 Ng’ibi ivyo Yehova yategetse Yehu gukora: ‘Uze wice ab’inzu ya Ahabu shobuja, kugira mpōre Yezebeli amaraso y’abasavyi banje b’abavugishwa, n’ay’abandi basavyi banje bose yavishije. Kand’ab’inzu ya Ahabu bose bazogesera. Imbwa zizorira Yezebeli ku musozi w’i Yezireli, kandi nta wuzomuhamba’.—2 Abami 9:7-10.
15 Yehu yari umuntu afata ingingo adatebaganye. Ubwo nyene, yaciye yurira mu mukogote wiwe, aca arawugurukana n’i Yezireli. Inderetsi imwe y’i Yezireli, iravye uburyo uwo mukogote wariko uriruka, yaciye imenya ko Yehu ari we yariko awutwara, maze ibimenyesha Umwami Yoramu. Uno ukimara kuvyumva, yaciye yurira mu mukogote wiwe aja guhura n’uwo mugabisha w’ingabo wiwe. Bahuye, Yoramu yabajije Yehu ati: “N’amahoro ga Yehu?”. Yehu aca amwishura ati: “Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’isinzi?”. Maze, Umwami Yoramu yitaje ngo ahunge, Yehu yaciye afora umuheto aramurasa, umwampi uca mu mutima, Yoramu aca agwa bwarumye.—2 Abami 9:20-24.
16. (a) Ni ibiki vyashikiye abakozi ba Yezebeli bo ku kirimba batari bavyiteze? (b) Ijambo Yehova yari yaravumereye ku bijanye na Yezebeli ryarangutse gute?
16 Yehu ntiyiriwe arata umwanya; yaciye ubwo nyene avumbuka n’umukogote wiwe aja mu gisagara. Yezebeli, uwari yikoze bimwe vy’agatangaza, yararavye hasi acishije mw’idirisha, aca araramutsa Yehu mu buryo bwo kumutera ubwoba. Yehu yaramwinyushije, aca arashira ijwi hejuru abaza niba hari uwomushigikira, avuga ati: “Ni nde aherereye ku ruhande rwanje? Yoba nde?”. Ico gihe, abasuku ba Yezebeli bategerezwa guca bagira ico bakoze badatebaganye. Abakozi bo ku kirimba babiri canke batatu baciye barungurukira mw’idirisha. Muri uwo mwanya nyene, ukudahemuka kwabo kwarageragejwe. Yehu yategetse ati: “Ni mumukororere hasi”. Abo basuku ba Yezebeli baciye bamukororera hasi mw’ibarabara, aho amafarasi n’imikogote vya Yehu vyaciye bimusiribangira. Gutyo, uwateza imbere ugusenga Bayali muri Isirayeli yari akuweho nk’uko yari abikwiriye. Bagize ngo baraza kumuhamba, basanze imbwa zamaze kumurya inyama zose, nk’uko vyari vyaravuzwe.—2 Abami 9:30-37.
17. Urubanza Imana yashikije kuri Yezebeli rukwiye gutuma twizera cane ikintu ikihe kizoba muri kazoza?
17 Iherezo riteye agahinda nk’iryo ni ryo rizoshikira umwe maraya w’ikigereranyo yitwa “Babuloni Hahambaye”. Uwo maraya agereranya amadini y’ikinyoma yo mw’isi ya Shetani, ayo akaba yakomotse muri ca gisagara ca kera c’i Babiloni. Idini ry’ikinyoma rimaze gukurwaho, Yehova Imana azoca ahindukirira abantu bose bagize iyindi mice y’isi ya Shetani itajanye n’ivy’idini. Abo na bo nyene bazosangangurwa, maze hace hakurikira isi nshasha izoba irangwamwo ubugororotsi.—Ivyahishuriwe 17:3-6; 19:19-21; 21:1-4.
18. Yezebeli amaze gupfa, ni ibiki vyashikiye abasenga Bayali muri Isirayeli?
18 Yezebeli amaze gupfa, Umwami Yehu, ata gutebagana, yaciye ageseza uruvyaro rwa Ahabu rwose hamwe n’abantu bakomakomeye bose bamushigikira (2 Abami 10:11). Yamara, mu gihugu hari hakiriyo Abisirayeli benshi basenga Bayali. Ku bijanye n’abo, Yehu yaragize ikintu gikomeye akoze kugira yerekane “ishaka [a]fitiye Uhoraho” (2 Abami 10:16). Yehu yarigize nk’uwusenga Bayali, maze atunganya umusi mukuru ukomeye mu ngoro ya Bayali umwami Ahabu yari yarubatse i Samariya. Abantu bose basenga Bayali muri Isirayeli baraje kuri uwo musi mukuru. Barugarijwe muri iyo ngoro, maze abantu ba Yehu baca babiraramwo barabaririka ata n’umwe avuyemwo. Bibiliya isozera iyo nkuru n’aya majambo agira ati: “Uko ni ko Yehu yahenebereje ya mana Bayali, akayikūra mu Bisirayeli”.—2 Abami 10:18-28.
19. Ni ikintu c’igitangaza ikihe kirindiriye “ishengero ryinshi” ry’abasenga Yehova b’intahemuka?
19 Ugusenga Bayali kwararanduranywe n’imizi muri Isirayeli. Ukwo ni ko n’amadini y’ikinyoma yo muri ino si azoshikirwa n’iherezo rizoza giturumbuka kandi ry’agahomerabunwa. None wewe, uzoba uri ku ruhande rwa nde mu gihe c’uwo musi uhambaye w’urubanza? Fata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze ubu. Ubigize, hari aho woterwa agateka ko kuzoba uri muri rya “shengero ryinshi” ry’abazorokoka wa “mubabaro mwinshi”. Ico gihe, uzoshobora gutereza amaso inyuma n’akanyamuneza, kandi uzoshemeza Imana kubona yarashikije urubanza kuri “umwe maraya w’agahebuza, yononesh[eje] abari mw isi ubusambanyi bgiwe”. Uzoba uri kumwe n’abandi basenga Imana b’ukuri mu kwemeranya n’aya majambo y’akamwemwe ibiremwa vyo mw’ijuru biririmba agira ati: “[“Mushemeze Ya”, NW], kukw Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye”.—Ivyahishuriwe 7:9, 10, 14; 19:1, 2, 6.
Ibibazo vyo kuzirikanako
• Isirayeli ya kera yahavuye gute yisuka mu vy’ugusenga Bayali?
• Ni ubuhuni bukomeye ubuhe Bibiliya yari yaravuze ko bwobaye, kandi ivyo vyarangutse gute?
• Yehu yaranduranye n’imizi gute ugusenga Bayali?
• Ni igiki dutegerezwa gukora kugira tuze turokoke umusi w’urubanza w’Imana?
[Ikarata ku rup. 25]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Sokoho
Afeka
Helikati
Yokineyamu
Megido
Tanaki
Dotani
SAMARIYA
Endori
Shunemu
Ofura
Yezireli
Ibuleyamu (Gati-rimoni)
Tirusa
Beti-shemeshi
Beti-sheyani (Beti-shani)
Yabeshi-gileyadi?
Abeli-mehola
Inzu ya Arubeli
Ramoti-gileyadi
Mountain Peaks
Msz. Karumeli
Msz. Tabora
More
Msz. Gilibowa
[Bodies of water]
Ikiyaga Mediterane
Ikiyaga c’i Galilaya
[River]
Uruzi Yorodani
[Spring and well]
Iriba ry’i Harodi
[Ikarata ku rup. 25]
Ishingiye ku makarata yahinguwe na Pictorial Archive (Near Eastern History) Est. and Survey of Israel
[Ifoto ku rup. 26]
Kwama tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no kwama twitaba amakoraniro ya gikirisu, ni imice ihambaye y’ugusenga kw’ukuri
[Ifoto ku rup. 28, 29]
Nka kumwe kwa Yehu, abo bose bipfuza kurokoka umusi wa Yehova bategerezwa gufata ingingo ntabanduka yo kugira ico bakoze