ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/8 rup. 27-31
  • Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imibabaro itangura
  • Yehova ni we wenyene afise uburenganzira bwo kuganza
  • Turashobora kwungukira ku mibabaro
  • Igituma abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bahimbarwa
  • Yehova azodushumbusha
  • Impumurizo ku Bacumukura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ugucumukura kwose kugiye kurangira
    Ugucumukura kwose kugiye kurangira
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/8 rup. 27-31

Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro

“Abihanganye tubita abahirwe”.​—YAKOBO 5:11.

1, 2. Ni igiki cerekana yuko Yehova atari yageneye abantu gushikirwa n’imibabaro?

NTA muntu afise ubwenge bukora neza yokwipfuza gushikirwa n’imibabaro. Vyongeye, Umuremyi wacu Yehova Imana, ntiyipfuza ko abantu boshikirwa n’imibabaro. Ivyo turashobora kubibona igihe dusuzumye Ijambo ryiwe ryahumetswe maze tukamenya ivyabaye inyuma y’aho aremeye umugabo n’umugore. Imana yatanguye kurema umugabo. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba [“ubugingo buzima”, NW]” (Itanguriro 2:7). Adamu nta gasembwa yari afise ku mubiri no mu muzirikanyi, kandi nta ndwara canke urupfu vyari kumushikira.

2 None Adamu yobayeho ibintu vyifashe gute? “Uhoraho Imana atunganya itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba: arishiramw’uwo muntu yabumvye. Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga” (Itanguriro 2:8, 9). Emwe, Adamu yaba ahantu hateye igomwe! Aho muri Edeni, nta mibabaro yahabazwa.

3. Ni ibintu ibihe vyari birindiriye umugabo n’umugore ba mbere?

3 Mw’​Itanguriro 2:18 hatubwira hati: “Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye”. Yehova yaciye arema umugore atagira agasembwa amuha Adamu, aba atumye icizigiro co kugira ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare gishoboka (Itanguriro 2:21-23). Bibiliya ica kandi itubwira iti: “Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze” (Itanguriro 1:28). Umugabo n’umugore ba mbere bari batewe agateka ntangere ko kwagura Iparadizo yo muri Edeni gushika ikwiye kw’isi, maze isi yose ikaba Iparadizo. Vyongeye, bovyaye abana bahiriwe, bano bakaba batokwigeze bashikirwa n’imibabaro. Ese ukuntu yari intango nziza igitangaza!​—Itanguriro 1:31.

Imibabaro itangura

4. Kahise kagaragaza iki ku vyerekeye umuryango w’abantu?

4 Ariko, twihweje ukuntu kuva kera na rindi umuryango w’abantu wagiye uramererwa, biribonekeza ko hari ikintu cagenze nabi bimwe biteye ubwoba. Harabaye ibintu bibi, bituma umuryango w’abantu uhacumukurira bimwe bikomeye. Mu binjana n’ibindi, abakomoka kuri Adamu na Eva bose bagiye bararwara, barasaza, amaherezo barapfa. Tuvugishije ukuri, isi si Iparadizo yuzuyeko abantu bahimbawe. Ukuntu ibintu vyifashe kuradondorwa neza mu Baroma 8:22, ahagira hati: “Ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu”.

5. Abavyeyi bacu ba mbere bagize gute uruhara mu gutuma umuryango w’abantu ushikirwa n’imibabaro?

5 Yehova si we yobazwa imibabaro myinshi imaze igihe kirekire ishikira abantu (2 Samweli 22:31). Ku ruhande rumwe, abantu ni bo bategerezwa kubibazwa. “Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka” (Zaburi 14:1). Abavyeyi bacu ba mbere bari bahawe ikintu ciza ico ari co cose cobabereye isemo. Kugira ngo ibintu bibandanye ari vyiza gutyo, Adamu na Eva basabwa gusa kugamburukira Yehova Imana, ariko bo bahisemwo kutamwisunga. Kubera yuko abavyeyi bacu ba mbere batisunze Yehova, ntibogumye ari abatagira agasembwa. Amagara yabo yogiye arayonga gushika bahitanywe n’urupfu. Ukwo ni ko agasembwa katwandukiye.​—Itanguriro 3:17-19; Abaroma 5:12.

6. Shetani yagize uruhara uruhe mu gutuma abantu batangura gushikirwa n’imibabaro?

6 Ikiremwa c’impwemu cahavuye citwa Shetani Mubesheranyi na co nyene caragize uruhara mu gutuma abantu batangura gushikirwa n’iyi mibabaro yose. Cari caremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ariko rero, carakoresheje nabi ubwo bushobozi mu kurondera gusengwa. Yamara, Yehova ni we wenyene akwiriye gusengwa, si ibiremwa vyiwe. Shetani ni we yoheje Adamu na Eva kurondera kwiyonkora kuri Yehova, bibwira ngo gutyo boshoboye ‘kumera nk’Imana, bakamenya iciza n’ikibi’.​—Itanguriro 3:5.

Yehova ni we wenyene afise uburenganzira bwo kuganza

7. Inkurikizi z’ukugarariza Yehova zigaragaza iki?

7 Inkurikizi zibabaje z’ubugarariji ziragaragaza yuko Yehova Segaba w’ibiriho vyose ari we wenyene afise uburenganzira bwo kuganza be n’uko ubutegetsi bwiwe ari bwo bwonyene bugororotse. Imyaka ibihumbi iheze yaragaragaje ko Shetani, uwabaye “umutware w’iyi si”, yatsimbataje ubutegetsi bubi, butagororotse kandi burangwa ubukazi, ubwo usanga budashimisha namba (Yohana 12:31). Ubutegetsi bw’abantu buteye agahinda, ubumaze igihe kirekire buganzwa na Shetani, na bwo nyene bwarerekanye ko ata bushobozi bufise bwo gutegeka mu bugororotsi (Yeremiya 10:23). Ku bw’ivyo, ubutegetsi ubwo ari bwo bwose abantu bashobora kwiyumvira gushinga ariko bukaba buteye kubiri n’ubwa Yehova, vyanka vyakunda nta co buzoshikako. Kahise karabigaragaje ata mazinda.

8. Ni igiki Yehova agiye gukora ku bijanye n’ubutegetsi bwose bw’abantu, kandi azogikora gute?

8 Kuba gushika ubu Yehova yararetse abantu bakamara imyaka ibihumbi bagerageza gutegeka batamwisunga, bituma agira imvo yumvikana yo gukuraho ubutegetsi bwose bwo kw’isi maze akabusubiriza intwaro yiwe bwite. Ubuhanuzi bujanye n’ivyo buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [ni ukuvuga, ubutegetsi bw’abantu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [ni ukuvuga, intwaro yayo yo mw’ijuru izoba irongowe na Kristu] butazokwigera buhangūra, . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Ubutegetsi buva ku madayimoni n’abantu buzohera, hanyuma Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bube ari bwo bwonyene bugumaho maze buce buganza isi. Kristu ni we azoba ari Umwami, kandi azoganza ari kumwe n’abantu b’intahemuka 144.000 bakuwe mw’isi.​—Ivyahishuriwe 14:1.

Turashobora kwungukira ku mibabaro

9, 10. Yezu yungukiye gute ku mibabaro yamushikiye?

9 Biri n’ico bivuze kurimbura kamere zisabwa abazoganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Ubwa mbere, Kristu Yezu yarerekanye ukuntu akwije kamere zisabwa zo kuba Umwami. Yarigeze kumara imyaka itovugwa ari kumwe na Yehova akora ivyo Se agomba, ari “umukozi [wiwe] w’umuhanga” (Imigani 8:22-31). Igihe Yehova yatunganya ivy’uko Yezu aza kw’isi, uno yaremeye abigiranye umutima ukunze. Igihe yari kw’isi yaguma ashira imbere ukubwira abandi ivyerekeye ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bwiwe. Biciye ku kugamburuka ubwo busegaba aherejeko, Yezu yarasigiye akarorero ntangere umwe wese muri twebwe.​—Matayo 4:17; 6:9.

10 Yezu yarahamwe, amaherezo aricwa. Igihe yariko ararangura ubusuku bwiwe, yarashoboye kwibonera mu micungararo yarimwo ukuntu umuryango w’abantu ubayeho mu buryo buteye akagongwe. Hoba hari ikintu na kimwe yoba yarungukiye ku kuba ivyo yaravyiboneye akongera akaba ubwiwe yarashikiwe n’imibabaro? Ego cane kiriho. Mu Baheburayo 5:8 (NW), havuga hati: “Naho yari Umwana [w’Imana], yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye”. Ivyo Yezu yaciyemwo igihe yari ngaha kw’isi vyatumye arushiriza kuba umuntu atahura ibintu kandi w’impuhwe. Ubwiwe yariboneye ukuntu umuryango w’abantu umerewe. Yarababarana n’abababaye kandi yararushirije gutahura uruhara yoranguye rwo kubatabara. Raba ukuntu intumwa Paulo avyerekana mu gitabu co mu Baheburayo, aho avuga ati: “Vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu. Kuk’ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa”. “Umuherezi mukuru dufise, [si] ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye”.​—Abaheburayo 2:17, 18; 4:14-16; Matayo 9:36; 11:28-30.

11. Abazoba abami n’abaherezi bazokwungukira gute ku vyo baciyemwo ngaha kw’isi, igihe bazoba bategeka?

11 Ukwo ni ko bimeze no kuri bamwe 144.000, “abācunguwe” mw’isi kugira ngo bazoganze bari kumwe na Kristu Yezu mu Bwami bwo mw’ijuru (Ivyahishuriwe 14:4). Bose ni abantu bavukiye mw’isi y’imibabaro bayikuriramwo, kandi na bo nyene ubwabo barashikirwa n’imibabaro. Benshi muri bo barahamwe, bamwe mbere n’ukwicwa baricwa kubera yuko bagumye batadohoka kuri Yehova be n’uko bemeye gukurikira Yezu n’umutima ukunze. Ariko ‘ntibagize isoni zo gushingira intahe Umukama wabo, ahubwo bemeye umugabane wabo mu kwihanganira imibabaro kubw’inkuru nziza’ (2 Timoteyo 1:8, NW). Ivyo baciyemwo kw’isi bituma baba abakwije ibisabwa mu buryo budasanzwe kugira ngo, bari mw’ijuru, bazocire imanza umuryango w’abantu. Barize kuba abantu barushirije kugira impuhwe, ubuntu, kandi bashashaye gufasha abandi.​—Ivyahishuriwe 5:10; 14:2-5; 20:6.

Igituma abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bahimbarwa

12, 13. Abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bashobora gute kwungukira ku mibabaro ibashikira?

12 Mbega imibabaro ya kino gihe hoba hari iciza na kimwe ishobora kugirira abafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi izoba yabaye Iparadizo aho ata ndwara, intuntu be n’urupfu bizoba bikiriho? Umubabaro be n’intuntu biterwa n’ugucumukura ubwavyo si ivyo kwipfuzwa. Ariko mu gihe twihanganiye imibabaro mwene iyo, kamere nziza dufise zirashobora kuryohorwa maze tukaba abantu bahimbawe.

13 Raba ico Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivuga ku bijanye n’ivyo, riti: “Naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe”. “Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe” (1 Petero 3:14; 4:14). “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru” (Matayo 5:11, 12). “Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo”.​—Yakobo 1:12.

14. Ni mu buryo ki imibabaro ishikira abasenga Yehova ishobora gutuma bahimbarwa?

14 Mu vy’ukuri, imibabaro ishobora kuba iriko iradushikira si yo ubwayo ituma duhimbarwa. Duhimbarwa kubera tuzi ko igituma dushikirwa n’imibabaro ari uko turiko dukora ivyo Yehova agomba be n’uko turiko dukurikiza akarorero ka Yezu. Nk’akarorero, mu kinjana ca mbere, bamwe mu ntumwa barapfunzwe hanyuma bararengutswa imbere ya sentare nkuru y’Abayuda bongera barambikwa ibara kubera ko bamamaza ivyerekeye Yezu Kristu. Baratonaguwe maze bararekurwa. None bavyakiriye gute? Inkuru ya Bibiliya ivuga yuko “bav[uye] mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina” (Ivyakozwe n’intumwa 5:17-41). Ntibanezerejwe n’ukwo gutonagurwa be n’ububabare bagize. Ahubwo riho, banezerejwe n’uko batahura yuko ivyo vyari vyabaye kubera bagumye ari intadohoka kuri Yehova be n’uko bageze ikirenge mu ca Yezu.​—Ivyakozwe n’intumwa 16:25; 2 Ab’i Korinto 12:10; 1 Petero 4:13.

15. Kwihanganira imibabaro idushikira ubu bishobora gute kutugirira akamaro muri kazoza?

15 Igihe twihanganiye ukurwanywa be n’uruhamo tubigiranye ukubona ibintu mu buryo bwiza, birashobora gutuma dutsimbataza ukwihangana. Ivyo bizodufasha kwihanganira imibabaro yodushikira muri kazoza. Dusoma duti: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana” (Yakobo 1:2, 3). Muri ubwo buryo nyene, mu Baroma 5:3-5 hatubwira hati: “Tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba; ukwo kwizigira ntigutētereza”. Ku bw’ivyo rero, uko ubu twihanganira ibigeragezo bidushikira bitumwe n’uko turi abakirisu, ni ko bizorushiriza kutworohera kwihanganira ibindi bigeragezo vyodushikira muri iyi si mbi.

Yehova azodushumbusha

16. Ni igiki Yehova azogirira abazoba abami n’abaherezi kizobashumbusha ku mibabaro bagize?

16 Naho twotakaza ibintu vy’umubiri bitumwe n’uko turwanijwe canke duhamwe kubera tuguma twumiye kw’ibanga rya gikirisu, turashobora kunezerezwa no kumenya ko Yehova azodushumbusha bimwe bishitse. Nk’akarorero, intumwa Paulo yandikiye bamwe mu bari bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru, ati: “Mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho”, iryo na ryo rikaba ari iryo kuzoba abaganza mu Bwami bw’Imana (Abaheburayo 10:34). Vyongeye, iyumvire umunezero bazoba bafise igihe bazogira uruhara mu guhunda imihezagiro myiza igitangaza abantu bazoba baba mw’isi nshasha, ivyo bakaba bazobigira bayobowe na Yehova be na Kristu! Ese ukuntu aya majambo intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’intahemuka ari ay’ukuri! Yavuze ati: “Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa”.​—Abaroma 8:18.

17. Yehova azogirira iki abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bamukorera badahemuka muri iki gihe?

17 Muri ubwo buryo nyene, naho abafise icizigiro co kuzoba kw’isi botakaza ubu ibintu bingana iki canke bakabiheba bavyishakiye kugira ngo bakorere Yehova, azobashumbusha mu buryo bw’akaburarugero biciye ku vyo azobagirira muri kazoza. Azobaronsa ubuzima butagira agasembwa kandi budahera babe mw’isi izoba yabaye Iparadizo. Muri iyo si nshasha, Yehova “[a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho” (Ivyahishuriwe 21:4). Mbega umuhango mwiza igitangaza! Twaba tuvyishakiye canke bitatuvuyeko, nta kintu na kimwe dushobora kuba twarahevye muri iyi isi ku bwa Yehova gishobora kugereranywa n’ubuzima bwiza igitangaza twimirije kuronka, ubwo azoronsa abasavyi biwe b’intahemuka bihanganira imibabaro.

18. Ni umuhango uwuhe uhumuriza Yehova aduha abicishije kw’Ijambo ryiwe?

18 Imibabaro yose dushobora kuba tubwirizwa kwihanganira ntishobora na gato kutubuza kuzokwinovora ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana. Iyo mibabaro yose izosubirirwa n’ibintu vyiza igitangaza bizoba biri mw’isi nshasha. Muri Yesaya 65:17, 18 hatubwira hati: “Ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa. Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema”. Ku bw’ivyo rero, birabereye kubona Yakobo mwene nyina wa Yezu yavuze ati: “Abihanganye tubita abahirwe” (Yakobo 5:11). Ego cane, hamwe twokwihanganira imibabaro ya kino gihe, birashobora kutugirira akamaro ubu no muri kazoza.

Wokwishura gute?

• Vyagenze gute ngo abantu batangure gushikirwa n’imibabaro?

• Imibabaro ishobora kugirira akamaro akahe abazoganza isi be n’abazoba kuri yo?

• Ni kubera iki ubu dushobora guhimbarwa naho twoshikirwa n’imibabaro?

[Ifoto ku rup. 27]

Abavyeyi bacu ba mbere bari bafise kazoza keza imbere yabo

[Ifoto ku rup. 29]

Kuba Yezu yariboneye imibabaro ishikira abantu vyaramuteguye kuba Umwami mwiza n’Umuherezi Mukuru

[Ifoto ku rup. 31]

Intumwa ‘zaranezerejwe n’uko zemerewe gutetererezwa’ ukwizera kwazo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika