ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/2 rup. 3-7
  • Nugumize Yehova imbere yawe imisi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugumize Yehova imbere yawe imisi yose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arishura amasengesho tumutura
  • Tugamburukire Imana muri vyose
  • Twame nantaryo twizigira Yehova
  • Twame twiheka ku mpwemu nyeranda
  • Twame nantaryo twubaha cane Yehova Nyen’ingabo
  • Rusi na Nawomi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Gufasha abapfakazi mu Bigeragezo Vyabo Vyose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Aho uzoja ni ho nzoja”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • ‘Aho uzoja ni ho nzoja’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/2 rup. 3-7

Nugumize Yehova imbere yawe imisi yose

“Nashize Uhoraho imbere yanje imisi yose”.​—ZAB. 16:8.

1. Inkuru ziganwa muri Bibiliya zishobora gute kugira ico zikoze kuri twebwe?

IJAMBO rya Yehova ryanditse ririmwo inkuru nziza igitangaza zigana ivyo Imana yagiriye umuryango w’abantu. Riravuga abantu benshi bagize uruhara mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ariko ntiwumve, inkuru z’ivyo bavuze be n’ivyo bakoze si inkuru zipfa gusa kwiganwa muri Bibiliya kugira ngo zitunezereze. Ahubwo riho, izo nkuru zirashobora gutuma turushiriza kwiyegereza Imana.​—Yak. 4:8.

2, 3. Dukwiye gutahura gute amajambo dusanga muri Zaburi 16:8?

2 Hari ibintu vyinshi twese dushobora kwigira ku vyashikiye abantu bavugwa muri Bibiliya bazwi cane, nka Aburahamu, Sara, Musa, Rusi, Dawidi, Esiteri, intumwa Paulo n’abandi. Ariko rero, inkuru zigana ivyerekeye abantu batazwi cane na zo nyene turashobora kuzungukirako. Kuzirikana ku nkuru zo muri Bibiliya birashobora kudufasha gukora duhuza n’aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Nashize Uhoraho imbere yanje imisi yose; kukw ar’i buryo bganje sinzonyiganyizwa” (Zab. 16:8). None ayo majambo dukwiye kuyatahura gute?

3 Umusoda akenshi wasanga akoresha inkota yiwe ayifise mu kuboko kwiwe kw’iburyo, aho iburyo bwiwe hagasigara hadakingiwe n’inkinzo yaba ifashwe n’ukuboko kwiwe kw’ibubamfu. Yamara, uwo musoda yarakingirwa igihe mugenziwe yaba ariko arwanira hafi yiwe iburyo. Nitwaguma twibuka Yehova kandi tugakora ivyo agomba, azodukingira. Ku bw’ivyo rero, nimuze turabe ingene kurimbura inkuru ziganwa muri Bibiliya bishobora gukomeza ukwizera kwacu kugira ngo ‘tugumize Yehova imbere yacu imisi yose’.​—Byington.

Yehova arishura amasengesho tumutura

4. Tanga akarorero ko mu Vyanditswe kerekana ko Imana yishura amasengesho.

4 Nitwagumiza Yehova imbere yacu, azokwishura amasengesho tumutura (Zab. 65:2; 66:19). Ivyo turabifitiye ikimenyamenya dufatiye ku vyashikiye umusuku wa Aburahamu yari akuze kuruta abandi, uwushobora kuba yari Eliyezeri. Aburahamu yaramurungitse i Mezopotamiya kuronderera Izahaki umukenyezi atinya Imana. Eliyezeri yarasenze asaba ubuyobozi buva ku Mana kandi yaratahuye ko Imana yabumuronkeje igihe Rebeka yavomera amazi ingamiya ziwe. Kubera ko Eliyezeri yari umuntu akunda gusenga, yararonse uwahavuye aba umukenyezi mukundwa wa Izahaki (Ita. 24:12-14, 67). Ego niko, uwo musuku wa Aburahamu yari yashinzwe igikorwa kidasanzwe. Ariko none, nk’uko kwa Eliyezeri, ntitwari dukwiye kwizigira ata mazinda yuko Yehova yishura amasengesho tumutura?

5. Ni kubera iki dushobora kuvuga ko mbere n’isengesho rigufi rituwe Yehova mu gacerere rishobora kuba ngirakamaro?

5 Rimwe na rimwe, vyoshobora gukenerwa ko dusenga Imana tudatebaganye tuyisaba ngo idufashe. Igihe kimwe, Umwami w’Ubuperesi Aritazeruzi yarabonye ko umukevyi wiwe Nehemiya yari yijiriwe, maze aca amubaza ati: “Non’ugomba iki? [Nehemiya aca a]senga Imana Nyen’ijuru”. Nehemiya ntiyari kurandira muri iryo sengesho biboneka ko yatuye mu gacerere. Yamara, Imana yarishuye iryo sengesho, kuko Nehemiya yafashwe mu mugongo n’uwo mwami mu bijanye no gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu (Soma Nehemiya 2:1-8.). Si ivy’imbeshere, mbere n’isengesho rigufi rituwe mu gacerere rirashobora kuba ngirakamaro.

6, 7. (a) Ku bijanye n’isengesho, ni akarorero akahe Epafura yadusigiye? (b) Ni kubera iki dukwiye gusenga dusabira abandi?

6 Duhimirizwa ‘gusengeranira’, naho nyene tutama duca turonka icemeza c’uko amasengesho twatuye ariko arishurwa (Yak. 5:16). Epafura, “umusuku w’umwizigirwa wa Kristu”, yarasenga abigiranye ubwira asabira incuti ziwe mu kwizera. Paulo yaranditse ari i Roma maze avuga ati: “Epafura, uwuva iwanyu [mwebwe Abakolosayi], akaba ari umushumba wa Kristu Yezu, arabaramutsa; yama nantaryo yihata ku bwanyu mu masengesho yiwe, kugira ngo amaherezo muhagarare munonosoye kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose. Ndamushingira intahe koko yuko yita ku rutare ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya no ku bw’ab’i Hiyerapoli”.​—Kol. 1:7; 4:12, 13.

7 Kolosayi, Lawodiseya na Hiyerapoli vyari ibisagara bisangiye akarere muri Aziya Ntoya. Abakirisu b’i Hiyerapoli baba mu bantu basenga ikimanakazi citwa Cybèle, ab’i Lawodiseya bari bageramiwe n’agatima ko guhahamira amaronko, ab’i Kolosayi na bo bakaba bari bageramiwe na filozofiya y’abantu (Kol. 2:8). Ntibitangaje kubona Epafura, uwaturuka i Kolosayi, ‘yarihata mu masengesho’ yatura asabira abemera bo muri ico gisagara. Bibiliya ntiyerekana ingene amasengesho ya Epafura yishuwe, ariko ntiyaretse gusenga asabira abo bari basangiye ukwizera. Na twebwe ntidukwiye kureka gusenga dusabira abandi. Naho ‘tutita mu vy’abandi’, kumbure turazi yuko hariho umuntu wo mu muryango canke umugenzi ariko aranyinyana n’ikintu gikomeye kigerageza ukwizera (1 Pet. 4:15). Ese ukuntu vyoba bibereye gusenga tumusabira turi ukwa twenyene! Paulo yarafashijwe n’ugutakamba kw’abandi, kandi amasengesho dutura na yo nyene arashobora kugira ivyiza vyinshi ashitseko.​—2 Kor. 1:10, 11.

8. (a) Tuzi gute ko abakurambere b’i Efeso batahura akamaro k’isengesho? (b) Dukwiye kubona gute ibijanye n’isengesho?

8 Mbega abandi boba babona ko turi abantu bakunda gusenga? Paulo amaze kubonana n’abakurambere b’i Efeso, yaciye “apfukamana na bo bose, arasenga”. Maze, “bose baraturikisha bararira, bagwa Paulo mw’izosi baramusoma n’ikibabarwe, kuko bari bababajwe canecane n’ijambo yari yababwiye ry’uko batari kwongera kubona mu maso hiwe” (Ibik. 20:36-38). Ntituzi uko abo bakurambere bose bitwa, ariko biragaragara ko batahura akamaro k’isengesho. Vy’ukuri, turakwiye guha agaciro agateka twatewe ko gutura Imana amasengesho yacu kandi dukwiye ‘gutarika amaboko adahemuka’, twizera ko Data wa twese wo mw’ijuru azotwishura.​—1 Tim. 2:8.

Tugamburukire Imana muri vyose

9, 10. (a) Ni akarorero akahe abakobwa ba Selofehadi badusigiye? (b) Ukugamburuka kw’abakobwa ba Selofehadi kwoshobora gute kugira ico gukoze ku kuntu umukirisu atarubaka urwiwe abona ivyo kwubaka?

9 Kuguma twibuka Yehova imisi yose bizodufasha kumugamburukira maze bitume turonka imihezagiro (Gus. 28:13; 1 Sam. 15:22). Ivyo bisaba ko tugaragaza agatima ko kugamburuka. Rimbura agatima abakobwa batanu ba Selofehadi bo mu gihe ca Musa bagaragaje. Abisirayeli bari bafise umugenzo w’uko abahungu ari bo batorana kuri ba se babo. Uwo mugabo Selofehadi yapfuye ata bahungu asize. Yehova yarategetse ko abo bakobwa batanu baronka intoranwa yabo yose, ariko hari ikintu kimwe basabwa. Bategerezwa kwabirwa n’abahungu bakomoka kuri Manase kugira ngo ishamvu borazwe rigume mu muryango bakomokamwo.​—Guh. 27:1-8; 36:6-8.

10 Abo bakobwa ba Selofehadi bari bizeye yuko ibintu vyogenze neza mu gihe bogamburukiye Imana. Bibiliya ivuga iti: “Nukw abo bakobwa ba Selofehadi babigenza nk’uk’Uhoraho yabariye Mose. Makila na Tirusa na Hogila na Miluka na Nowa, abo bene Selofehadi, barongorwa na basazabo. Barongorwa n’abo mu mazu y’aba Manase mwene Yosefu, bituma ishamvu yabo iguma mu nzu ya se, mu muryango wabo” (Guh. 36:10-12). Abo bakobwa bagamburuka barakoze ivyo Yehova yategetse (Yos. 17:3, 4). Abakirisu batarubaka izabo bahumuye mu vy’impwemu, babigiranye ukwizera nk’ukwo nyene, baragamburukira Imana mu kwubaka “mu Mukama gusa”.​—1 Kor. 7:39.

11, 12. Kalebu yagaragaje gute ko yari yizigiye Imana?

11 Turakeneye kugamburukira Yehova muri vyose, nk’uko wa Mwisirayeli Kalebu yabigize (Gus. 1:36). Inyuma y’aho Abisirayeli bakuriwe mu Misiri mu kinjana ca 16 B.G.C., Musa yararungitse abagabo 12 kugira ngo baje gutata Kanani. Ariko muri abo batasi, babiri gusa, ari bo Kalebu na Yosuwa, ni bo bahimirije abantu kwizigira Imana baherejeko no kwinjira muri ico gihugu (Guh. 14:6-9). Haciye nk’imyaka 40, Yosuwa na Kalebu bari bakiriho kandi bagikurikira Yehova muri vyose, vyongeye Imana yarakoresheje Yosuwa kugira ngo ayobore Abisirayeli abashikane mu Gihugu c’isezerano. Ariko rero, ba batasi cumi batagira ukwizera biboneka ko bapfuye mu kiringo ca ya myaka 40 Abisirayeli bamaze bayerera mu bugaragwa.​—Guh. 14:31-34.

12 Umutama Kalebu yari yararokotse ivyashikiye Abisirayeli mu bugaragwa, yarashoboye guhagarara imbere ya Yosuwa maze avuga ati: “Jeho nakurikiye [“Yehova”, NW] Imana yanje muri vyose” (Soma Yosuwa 14:6-9.). Kalebu afise imyaka 85 yarasavye ko ahabwa akarere kagizwe n’imisozi Imana yari yaramusezeraniye, naho nyene kabamwo abansi bari bafise ibisagara bininibinini bizitijwe inzitiro z’amabuye.​—Yos. 14:10-15.

13. Naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, tuzohezagirwa ari uko dukoze iki?

13 Cokimwe na Kalebu uwagumye ari umwizigirwa kandi akagamburuka, na twebwe nyene Yehova izodushigikira ‘nitwamukurikira muri vyose’. Nitwashikirwa n’ingorane zikomeye, Yehova azoduhezagira uko tubandanya ‘tumukurikira muri vyose’. Mugabo kubigenza gutyo mu buzima bwacu bwose, nk’uko Kalebu yabigize, ushobora gusanga ari urugamba. Naho Umwami Salomo yari yatanguye neza, amaze gusaza abagore biwe barakwegeye umutima wiwe ku mana z’ikinyoma, maze “ntiyayoboka Uhoraho rwose, nka se Dawidi” (1 Abm. 11:4-6). Naho twotegerezwa gushikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, ese twokwama nantaryo tugamburukira Imana muri vyose kandi tukayigumiza imbere yacu imisi yose!

Twame nantaryo twizigira Yehova

14, 15. Ni igiki wigiye ku vyashikiye Nawomi ku bijanye n’uko dukeneye kwizigira Imana?

14 Turakeneye kwizigira Imana canecane igihe tudendebukiwe bitewe n’uko tutabona ico kazoza katubikiye. Rimbura ivyerekeye umutamakazi Nawomi, uwabuze umugabo wiwe be n’abahungu biwe babiri bahitanywe na wa mwansi rupfu. Igihe yasubira i Buyuda avuye i Mowabu, yavuganye akababaro ati: “Ntimube mukinyita Nawomi [risobanurwa ng’Uw’igikundiro, akajambo k’epfo], ariko munyite Mara [risobanurwa ng’umururāzi, akajambo k’epfo]; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi. Navuye ino nninahaye, Uhoraho angarukanye i wacu nd’imbokoboko: munyitira iki Nawomi, Uhoraho ko yantuntuje, kandi Rugira Vyose akaba yanteye ivyago?”.​—Rusi 1:20, 21.

15 Naho Nawomi yari yaradendebukiwe, usomye witonze igitabu ca Rusi, usanga yagumye yizigiye Yehova. Kandi, ese ukuntu ivyiwe vyahavuye bihinduka! Umukazana wiwe Rusi yari yarapfakaye yahavuye aba umukenyezi wa Bowazi maze avyara umuhungu. Nawomi yaciye aba umurezi w’uwo mwana, kandi iyo nkuru ivuga iti: “Abagore b’ababanyi biwe bamwita izina, bati Nawomi avyariwe umuhungu. Bamwita Obedi, ni we se wa Isayi, se wa Dawidi” (Rusi 4:14-17). Nawomi niyazurirwa kuba kw’isi, azomenya ko Rusi, uwuzoba na we nyene ari ho ari, yabaye inakuruza wa Yezu, ari we Mesiya (Mat. 1:5, 6, 16). Nk’ukwo kwa Nawomi, ntidushobora kumenya neza ukuntu ibintu bibi tuba turimwo bizogenda. Ku bw’ivyo rero, nimuze twame nantaryo twizigira Imana, nk’uko tubihanurwa n’amajambo dusanga mu Migani 3:5, 6, agira ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.

Twame twiheka ku mpwemu nyeranda

16. Impwemu nyeranda y’Imana yafashije gute abakuru bamwebamwe bo muri Isirayeli ya kera?

16 Nitwagumiza Yehova imbere yacu imisi yose, na we azotuyobora abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda (Gal. 5:16-18). Impwemu y’Imana yari kuri ba bakuru 70 batowe kugira ngo ‘bafatanye na Musa umutwaro w’abantu’ b’Abisirayeli. Naho Eludadi na Medadi ari bo bonyene bavugwa amazina, impwemu yaratumye abo bakuru bose bashobora kurangura amabanga bari bajejwe (Guh. 11:13-29). Nta gukeka ko bari abantu babishoboye, batinya Imana, b’abizigirwa kandi b’inzirabugunge cokimwe na bamwe bacagurwa imbere y’aho (Kuv. 18:21). Abakurambere bo muri iki gihe baragaragaza mwene izo kamere.

17. Impwemu nyeranda ya Yehova yaranguye uruhara uruhe mw’iyubakwa ry’itaberenakulo?

17 Impwemu nyeranda ya Yehova yararanguye uruhara ruhambaye mw’iyubakwa ry’itaberenakulo igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa. Yehova Imana yaragenye Bezaleli kuba umuhinga n’umwubatsi mukuru w’itaberenakulo, amusezeranira “[kumwuzuza] impwemu [yiwe] kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose” (Kuv. 31:3-5). Abantu b’“inkerebutsi mu mutima” (NW) barakoranye na Bezaleli be n’umufasha wiwe Oholiyabu mu kurangura ico gikorwa ciza igitangaza bari bashinzwe. Vyongeye, impwemu ya Yehova yaratumye abantu b’imitima ikunze batanga intererano umurengera (Kuv. 31:6; 35:5, 30-34). Iyo mpwemu nyene iravyurira abasavyi b’Imana bo muri iki gihe umutima wo gukora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bateze imbere ivy’Ubwami (Mat. 6:33). Hari aho twoba dufise ububangukirwe mu bintu binaka, ariko turakeneye gusenga dusaba impwemu nyeranda no kureka ikatuyobora niba twipfuza kurangura igikorwa Yehova yashinze abasavyi biwe muri kino gihe.​—Luka 11:13.

Twame nantaryo twubaha cane Yehova Nyen’ingabo

18, 19. (a) Ni agatima akahe impwemu nyeranda y’Imana yama muri twebwe? (b) Ni igiki wigiye ku karorero ka Simeyoni be n’aka Ana?

18 Impwemu nyeranda irama muri twebwe agatima k’ukwubaha cane gatuma tugumiza Yehova imbere yacu imisi yose. Abasavyi b’Imana ba kera babwiwe bati: “Yehova Nyen’ingabo ni we utegerezwa kwubaha cane kuko ari mweranda” (Yes. 8:13, Byington). Simeyoni na Ana bari abantu babiri bageze mu zabukuru b’i Yeruzalemu ho mu kinjana ca mbere b’i Yeruzalemu bubaha cane Imana (Soma Luka 2:25-38.). Simeyoni yarizera ubuhanuzi bwerekeye Mesiya kandi yari “arindiriye uruhoza rwa Isirayeli”. Imana yarasutse impwemu nyeranda kuri Simeyoni maze iramukura amazinda yuko yoramvye akabona Mesiya. Kandi ukwo ni ko vyagenze. Igihe kimwe mu mwaka wa 2 B.G.C., Mariya nyina wa Yezu be na Yozefu se wiwe w’umurezi, baramuzanye ku rusengero akiri uruyoya. Impwemu nyeranda yaratumye Simeyoni avuga amajambo y’ubuhanuzi yerekeye Mesiya be n’umubabaro Mariya yogize, uno akaba yaragize intuntu nyinshi igihe Yezu yamanikwa ku giti co gusinzikarizwako. Mugabo iyumvire akanyamuneza kenshi Simeyoni yagize igihe yakira mu maboko yiwe “Kristu wa Yehova”! Vyongeye, ese ukuntu ari akarorero keza ko kwubaha cane Imana Simeyoni yasigiye abasavyi b’Imana bo muri iki gihe!

19 Wa mupfakazi Ana w’imyaka 84 yubaha cane Imana “[ntiyi]gera ahara mu rusengero”. Yakorera Yehova igikorwa ceranda ijoro n’umurango “yisonzesha yongera atakamba”. Ana na we nyene ni ho yari ari igihe Yezu yazanwa ku rusengero akiri uruyoya. Ese ukuntu yakengurutse cane kuba yarabonye uwobaye Mesiya! Emwe, yaciye “atangura gukengurukira Imana no kubwira ivya nya mwana abari barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu bose”. Ana yarumvise agoberewe kubwira abandi iyo nkuru nziza. Cokimwe na Simeyoni be na Ana, abakirisu bageze mu zabukuru muri iki gihe barahimbarwa cane n’uko abantu bashobora gusukurira Yehova ari Ivyabona vyiwe naho boba bashaje gute.

20. Naho twoba dufise imyaka ingana gute, ni igiki dukeneye gukora, kandi kubera iki?

20 Naho twoba dufise imyaka ingana gute, turakeneye kugumiza Yehova imbere yacu imisi yose. Na we azoheza ahezagire utwigoro tubayabaye tugira kugira ngo tubwire abandi ivyerekeye ubwami bwiwe be n’ibikorwa bitangaje yakoze (Zab. 71:17, 18; 145:10-13). Ariko rero, niba twipfuza gutera iteka Yehova, dutegerezwa kugaragaza kamere ziwe. Ni ibiki none dushobora kwiga ku bijanye n’izo kamere twihweje izindi nkuru ziganwa muri Bibiliya?

Wokwishura gute?

• Tuzi gute ko Yehova yishura amasengesho tumutura?

• Ni kubera iki dukwiye kugamburukira Imana muri vyose?

• Naho twoba tudendebukiwe, ni kubera iki dukwiye kwama nantaryo twizigira Yehova?

• Impwemu nyeranda y’Imana ifasha gute abasavyi bayo?

[Ifoto ku rup. 4]

Isengesho Nehemiya yatuye Yehova ryarabaye ngirakamaro

[Ifoto ku rup. 5]

Kuguma twibuka ukuntu ivya Nawomi vyahavuye bigenda bizodufasha kwizigira Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika