ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/2 rup. 5-9
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Turakeneye kugira ubutinyutsi
  • Ukuntu tworonka ubutinyutsi
  • Ivyiza biva ku kuronka ubutinyutsi
  • Nureke impwemu y’Imana itume ugira ubutinyutsi
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Niwumvirize inyishu z’ibi bibazo
    Programa y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu 2018-2019 ririmwo umucungezi w’umuzunguruko
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/2 rup. 5-9

‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’

“Buzuzwa impwemu nyeranda, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi.”​—IBIK. 4:31.

1, 2. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kuba kirumara mu busuku turangura?

HAGISIGAYE imisi itatu ngo Yezu yicwe, yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.” Imbere y’uko Yezu uwari yazuwe aduga mw’ijuru, yarashinze abayoboke biwe igikorwa co ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, bakabigisha gukurikiza ibintu vyose yari yarabategetse.’ Yabasezeraniye ko yobaye ari kumwe na bo “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”​—Mat. 24:14; 26:1, 2; 28:19, 20.

2 Kubera yuko turi Ivyabona vya Yehova, turagira uruhara n’umwete mu gikorwa catanguye mu kinjana ca mbere. Nta kindi gikorwa kiriho gihambaye nk’ico gikorwa ndokorabuzima c’ukwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Ese ukuntu rero bihambaye cane ko tuba kirumara mu busuku turangura! Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene ukuyoborwa n’impwemu nyeranda bidufasha kuvugana ubutinyutsi igihe turi mu busuku. Ibiganiro bibiri bikurikira na vyo, bizokwerekana ingene impwemu ya Yehova ishobora kutuyobora kugira ngo twigishe tubigiranye ubuhanga kandi twamamaze tudatezura.

Turakeneye kugira ubutinyutsi

 3. Ni kubera iki kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami bisaba kugira ubutinyutsi?

3 Igikorwa Imana yadushinze co kwamamaza Ubwami ni agateka ntangere. Ariko rero, ntikibuzemwo ingorane. Naho hari abantu bemera inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana babigiranye umutima ukunze, abatari bake bameze nk’abantu bo mu misi ya Nowa. Yezu yavuze ati: “Ntibagira ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose”. (Mat. 24:38, 39) Ni co gituma hariho abadutyekeza canke bakaturwanya. (2 Pet. 3:3) Twoshobora kurwanywa n’abadufiseko ububasha, abo twigana canke abo dukorana, kibure mbere n’abo mu muryango wacu ushika. Ikigeretse kuri ivyo, turanyinyana n’ubugoyagoye bwacu, nko kugira amasoni be no gutinya ko botwiyamiriza. Hariho ibintu bitari bike vyoshobora gutuma kugira “umwidegemvyo wo kuvuga” no kuvuga ijambo ry’Imana n’“ubutinyutsi” bitubera urugamba. (Ef. 6:19, 20) Kuvuga ijambo ry’Imana udatezura bisaba kugira ubutinyutsi. Ni igiki none codufasha kuronka ubwo butinyutsi?

 4. (a) Ubutinyutsi ni iki? (b) Intumwa Paulo yagize gute ubutinyutsi kugira ngo abwire inkuru nziza Abanyatesalonika?

4 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubutinyutsi” risobanura “ukutarya umunwa, ukudakikiriza, ukuvuga utomora.” Iryo jambo ritanga iciyumviro co kugira “umutima rugabo, kugira umutima mu nda, . . . kudasha coba.” Ubutinyutsi ntibusobanura kutiyubara mu kuvuga canke kutavugana urupfasoni. (Kol. 4:6) Naho tugaragaza ubutinyutsi, turipfuza no kubana amahoro n’abantu bose. (Rom. 12:18) Vyongeye, igihe twamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, turakwiye kugumana uburimbane hagati y’ubutinyutsi be n’ukuvugana ubugenge kugira ngo ntihagire uwo tubabaza tutabishaka. Mu vy’ukuri, kugira ngo tugire ubutinyutsi, dutegerezwa gutsimbataza izindi kamere zidusaba kugira utwigoro twinshi. Mwene ubwo butinyutsi, ntibuva ku bushobozi bwacu bwite canke ngo buve ku kuba twiyizigira. Inyuma y’aho intumwa Paulo be n’abo bari kumwe ‘bagiriwe nabi bimwe biteye isoni i Filipi’, ‘bagize gute ubutinyutsi’ kugira ngo babwire inkuru nziza Abanyatesalonika? Paulo yanditse ati: “Biciye ku Mana yacu.” (Soma 1 Abanyatesalonika 2:2.) Yehova Imana arashobora kudukuramwo ubwoba dufise maze akaturonsa mwene ubwo butinyutsi.

 5. Yehova yaronkeje gute ubutinyutsi Petero, Yohani be n’abandi bigishwa?

5 Igihe intumwa Petero na Yohani bari bageramiwe n’“abatware [b’abantu] n’abagabo b’inararibonye be n’abanditsi,” bavuze bati: “Nimba ari ibigororotse mu nyonga z’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye kandi twumvise.” Aho gusenga Imana bayisaba ko uruhamo rwohagarara, izo ntumwa be n’abo bari basangiye ukwizera baratakamvye, mu kuvuga bati: “Yehova, raba iterabwoba ryabo, hanyuma uhe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.” (Ibik. 4:5, 19, 20, 29) None Yehova yishuye gute ugutakamba kwabo? (Soma Ibikorwa 4:31.) Yehova yarabafashije kugira ubutinyutsi biciye ku mpwemu yiwe. Impwemu y’Imana irashobora kubigenza gutyo no kuri twebwe. Dushobora gute none kuronka impwemu y’Imana, maze ikatuyobora mu busuku turangura?

Ukuntu tworonka ubutinyutsi

6, 7. Uburyo burashe kuruta ubundi bwose bwo kuronka impwemu nyeranda y’Imana ni ubuhe? Tanga uburorero.

6 Uburyo burashe kuruta ubundi bwose bwo kuronka impwemu nyeranda y’Imana ni ukuyisaba. Yezu yabwiye abariko bamwumviriza ati: “Nimba . . . mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:13) Mu vy’ukuri turakwiye kwama dusenga dusaba impwemu nyeranda. Nimba hari imice kanaka y’ubusuku idutera ubwoba, nko gushinga intahe mu mabarabara, kwamamaza akaryo kizanye canke gukorera mu karere gakorerwamwo ivy’urudandazwa, turashobora gusenga Yehova tumusaba impwemu yiwe tukongera tukamusaba kugira ubutinyutsi tuba dukeneye.​—1 Tes. 5:17.

7 Ivyo ni vyo umukenyezi umwe mukirisu yitwa Rosa yagize.a Umusi umwe, igihe Rosa yari aho akorera, hari umwarimukazi bakorana yariko arasoma raporo yerekeye irindi shure ivuga ibijanye n’ugufata nabi abana. Uwo mwarimukazi yari ahagaritswe umutima n’ivyo yari ahejeje gusoma muri iyo raporo ku buryo yaciye yiha akamo ati: “Mbega yemwe iyi si yabaye gute?” Rosa ntiyari gushobora kugisha akaryo nk’ako ko gushinga intahe. None yakoze iki kugira ngo aronke umutima rugabo wo kuvuga? Yigana ati: “Narasenze Yehova ndamusaba impwemu yiwe kugira ngo imfashe.” Yarashoboye gushinga intahe nziza hanyuma aratunganya ibijanye no kuzosubira kuganira n’uwo mwarimukazi. Rimbura kandi ivyerekeye akigeme kamwe k’imyaka itanu kitwa Milane, kaba mu gisagara c’i New York. Milane avuga ati: “Imbere y’uko nja kw’ishure, twe na mawe twama dusenga Yehova.” None ni igiki basenga basaba? Basaba ko Milane yogira umutima rugabo kugira ngo ashikame, maze abwire abandi ivyerekeye Imana yiwe. Nyina wiwe avuga ati: “Ivyo vyarafashije Milane gusigura aho ahagaze ku bijanye n’imisi mikuru y’ivuka be n’iyindi misi mikuru, bituma kandi yirinda kuyigiramwo uruhara igihe iba iriko irahimbazwa.” Ubwo burorero none ntibwerekana ko isengesho rifasha ku bijanye no kugira ubutinyutsi?

 8. Ni ibiki dushobora kwigira ku muhanuzi Yeremiya ku bijanye n’ukuntu tworonka ubutinyutsi?

8 Nuzirikane kandi ku vyafashije umuhanuzi Yeremiya kugira ubutinyutsi. Igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuba umuhanuzi ku mahanga, Yeremiya yishuye ati: “Sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.” (Yer. 1:4-6) Yamara rero haciye igihe, Yeremiya yahavuye aba umuntu yumira kw’ibanga kandi avugana ubujijutsi mu gikorwa yarangura co kwamamaza, ku buryo abatari bake bamubona nk’umuhanuzi avuga ivyago gusa. (Yer. 38:4) Yamaze imyaka irenga 65 atangaza imanza za Yehova abigiranye ubutinyutsi. Yaramenyekanye cane muri Isirayeli kubera ko yamamaza ata bwoba kandi abigiranye umutima rugabo, ku buryo haciye imyaka nka 600 igihe Yezu yavugana ubutinyutsi, hari abiyumviriye yuko yari Yeremiya yari yasubiye kuba muzima. (Mat. 16:13, 14) None uwo muhanuzi Yeremiya, uwari yabanje kugonanwa, yahavuye atsinda gute amasoni yari afise? Avuga ati: ‘[Ijambo ry’Imana] ryaciye riba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhishije uburimbi amagufa yanje, bingora kwiyumanganya, sinabishobora.’ (Yer. 20:9) Ni vyo, ijambo rya Yehova ryaragize ububasha kuri Yeremiya, maze rimuvyurira umutima wo kugira ico avuze.

 9. Ni kubera iki ijambo ry’Imana rishobora kugira ico rikoze kuri twebwe nk’uko ryagize ico rikoze kuri Yeremiya?

9 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, yagize ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri kandi rikinjira gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu, ingingo n’umusokoro wazo, kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:12) Ubutumwa bw’Imana, ari ryo jambo ryayo, burashobora kugira ico bukoze kuri twebwe nk’uko bwagize ico bukoze kuri Yeremiya. Niwibuke yuko naho abantu ari bo bakoreshejwe mu kwandika Bibiliya, ico gitabu ntikigizwe n’ibitabu birimwo ubukerebutsi bw’abantu, kuko cahumetswe n’Imana. Muri 2 Petero 1:21, dusoma duti: “Ubuhanuzi [nta] gihe bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” Igihe dufashe umwanya wo kwiyigisha Bibiliya mu buryo buri n’ico buvuze, turaheza tukuzuza imizirikanyi yacu ubutumwa bwahumetswe biciye ku mpwemu nyeranda. (Soma 1 Abakorinto 2:10.) Ubwo butumwa burashobora kumera “nk’umuriro uyingana” muri twebwe, ku buryo bitadukundira kubwigumizamwo.

10, 11. (a) Ni igiki gikwiye kuranga utumenyero twacu two kwiyigisha nimba twipfuza kuronka ubutinyutsi igihe tuvuga? (b) Nuvuge n’imiburiburi ikintu kimwe utegekanya gukora kugira ngo uryohore ukuntu wiyigisha.

10 Kugira ngo kwiyigisha Bibiliya bigire ikintu gikomeye bikora kuri twebwe, bikwiye kugirwa mu buryo butuma ubwo butumwa bwo muri Bibiliya bushika ibwina muri twebwe, bukagira ico bukoze ku muntu turi imbere. Nk’akarorero, mu vyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe, yarasabwe kurya umuzingo w’igitabu warimwo ubutumwa bukomeye yabwirizwa gushikiriza abantu batobwakiriye neza. Ezekiyeli yabwirizwa kunyurwa n’ubwo butumwa bimwe bishitse, agatuma buba mu bimugize. Kubigenza gutyo vyotumye igikorwa co gushikiriza ubwo butumwa kiba igihimbaye, nk’ugusosa kw’ubuki.​—Soma Ezekiyeli 2:8–3:4, 7-9.

11 Na twebwe ivyacu vyifashe nk’uko ivya Ezekiyeli vyari vyifashe. Muri kino gihe, abantu benshi ntibipfuza na buhoro kwumva ivyo Bibiliya ivuga. Nimba twipfuza kuvuga ijambo ry’Imana tudatezura, birahambaye ko twiyigisha Ivyanditswe mu buryo butuma tunyurwa bimwe bishitse n’ubutumwa buri muri vyo. Utumenyero twacu two kwiyigisha dukwiye kurangwa n’ukudahorereza, atari ukubigira gusa igihe akanya kaba kabonetse. Icipfuzo cacu gikwiye kuba nka kimwe c’umwanditsi wa zaburi, uwaririmvye ati: “Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje.” (Zab. 19:14) Ese ukuntu bihambaye ko dufata umwanya wo kuzirikana ku vyo dusoma, kugira ngo ukuri kwo muri Bibiliya kunyengetere ibwina mu mutima wacu! Mu vy’ukuri, turakwiye kwihatira kuryohora ukuntu twiyigisha.b

12. Ni kubera iki amakoraniro ya gikirisu adufasha kuyoborwa n’impwemu nyeranda?

12 Ubundi buryo twungukira ku mpwemu nyeranda ya Yehova, ni “[ukwiyumvirana] kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.” (Heb. 10:24, 25) Kwihata kugira ngo twitabe amakoraniro ya gikirisu tudahorereza, twumvirize twitonze twongere dushire mu ngiro ivyo twiga, ni uburyo bwiza bwo kuyoborwa n’impwemu. Kanatsinda, impwemu ya Yehova none ntitanga ubuyobozi biciye kw’ishengero?​—Soma Ivyahishuwe 3:6.

Ivyiza biva ku kuronka ubutinyutsi

13. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku vyo abakirisu bo mu kinjana ca mbere baranguye mu gikorwa co kwamamaza?

13 Impwemu nyeranda ni yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’ijuru no kw’isi, kandi irashobora guha abantu ubushobozi bwo gukora ivyo Yehova agomba. Bivuye kuri yo, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bararanguye igikorwa amahero co kwamamaza. Baramamaje inkuru nziza “mu biremwa vyose vyo munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Igihe dutahuye ko benshi muri bo bari abantu “batize kandi basanzwe,” bica bigaragara yuko bakoreshwa n’inguvu ikomeye kuruta.​—Ibik. 4:13.

14. Ni ibiki bishobora kudufasha “[ku]rurumba impwemu”?

14 Kubaho mu buryo butuma impwemu nyeranda ituyobora mu buzima bwacu birashobora kandi kutuvyurira umutima wo kurangura ubusuku n’umutima rugabo. Dufatiye hamwe ivyiza vyose biva ku kwama dusenga dusaba impwemu, ku kugira umwete wo kwiyigisha mu buryo buri n’ico buvuze, ku kuzirikana ivyo dusoma tubijanisha n’isengesho, be no ku kwitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza, birashobora kudufasha “[ku]rurumba impwemu.” (Rom. 12:11) Ku bijanye n’“Umuyuda umwe yitwa Apolo, imvukira y’i Alegizanderiya, umugabo azi kuvuga, [yashitse] i Efeso,” Bibiliya ivuga iti: “Kubera yuko yarurumba impwemu, yaravuga akongera akigisha ivyerekeye Yezu mu buryo bugororotse.” (Ibik. 18:24, 25) Biciye ku “gucanirwa n’impwemu,” turashobora kurushiriza kugira ubutinyutsi mu busuku bw’inzu ku nzu be n’igihe dushinga intahe akaryo kizanye.​—Rom. 12:11, The Bible​—An American Translation.

15. Kurushiriza kuvugana ubutinyutsi tuvyungukirako gute?

15 Kurushiriza kugira ubutinyutsi mu bijanye no gushinga intahe biragira ikintu ciza bikoze kuri twebwe. Turarushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza kubera ko dutahura bimwe bishitse yuko igikorwa turangura gihambaye kandi ko ari ngirakamaro. Turarushiriza kugira ishaka kubera ko turonka umunezero mwinshi igihe tubaye kirumara mu busuku. Vyongeye, umwete dufise urongerekana kubera yuko dutahura cane ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa.

16. Dukwiye gukora iki nimba umwete twari dufitiye ubusuku waragabanutse?

16 Tuvuge iki nimba tutagifise umwete mu busuku turangura canke nimba igishika twari tubufitiye kitakimeze nk’uko cahora? Muri ico gihe biraba ngombwa ko twisuzuma ata kwihenda. Paulo yanditse ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Kor. 13:5) Niwibaze uti: ‘Noba nkirurumba impwemu? Noba nsenga Yehova ndamusaba impwemu yiwe? Ubwo amasengesho ntura, yoba agaragaza yuko niheka kuri we kugira ngo nkore ivyo agomba? Ubwo ayo masengesho yoba arimwo amajambo agaragaza ko nkenguruka ubusuku twashinzwe? Utumenyero twanje two kwiyigisha tumeze gute? Mfata umwanya ungana gute kugira ngo nzirikane ku vyo nsoma no ku vyo numva? Amakoraniro ya gikirisu ndayagiramwo uruhara ku rugero rungana iki?’ Kuzirikana ku bibazo mwene ivyo vyoshobora kugufasha kubona aho ugoyagoya, hanyuma ugafata ingingo zo kugira ivyo ukosoye.

Nureke impwemu y’Imana itume ugira ubutinyutsi

17, 18. (a) Igikorwa co kwamamaza kiriko kirangurwa ku rugero rungana iki muri kino gihe? (b) Dushobora gute kugira “umwidegemvyo wo kuvuga urushirije” igihe dutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana?

17 Yezu uwari yazutse yabwiye abigisha biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabashikako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Ico gikorwa catanguye ico gihe, muri iki gihe kiriko kirakorwa ku rugero kitari bwigere gishikako. Ivyabona vya Yehova hafi imiliyoni indwi bariko baratangaza ubutumwa bw’Ubwami mu bihugu birenga 230, bakamara amasaha hafi umuliyaridi n’igice ku mwaka bari muri ico gikorwa. Ese ukuntu bihimbaye kugira uruhara n’umwete muri ico gikorwa kitazokwigera gisubirwamwo!

18 Nka kumwe kwo mu kinjana ca mbere, muri iki gihe igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose kiriko gikorwa biciye ku buyobozi bw’impwemu y’Imana. Nitwemera ubwo buyobozi butangwa n’impwemu, tuzogira “umwidegemvyo wo kuvuga urushirije” mu busuku turangura. (Ibik. 28:31) Uko vyogenda kwose rero, nimuze twemere kuyoborwa n’impwemu uko dutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana!

[Utujambo tw’epfo]

a Si ko bitwa.

b Kugira ngo wungukire cane ku gusoma Bibiliya kwawe be no ku kuntu wiyigisha, raba igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, ku kigabane kivuga ngo “Niwijukire Gusoma” be no ku kivuga ngo “Ukwiga Kurazana Impera,” biri ku rupapuro rwa 21-32.

Wize iki?

• Ni kubera iki dukeneye kuba abafise ubutinyutsi igihe tuvuga ijambo ry’Imana?

• Ni ibiki vyafashije abigishwa bo mu ntango kuvugana ubutinyutsi?

• Dushobora gute kuronka ubutinyutsi?

• Twungukira gute ku kuronka ubutinyutsi?

[Ifoto ku rup. 7]

Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kuronka ubutinyutsi?

[Amafoto ku rup. 8]

Isengesho rigufi rirashobora kugufasha kugira ubutinyutsi mu busuku

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika