ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/7 rup. 32
  • Kuba maso biravamwo ivyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuba maso biravamwo ivyiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba ukorana neza n’abandi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Nitube Abimbuzi Banezerewe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Isekeza ridasanzwe ryagizwe muri Biligariya ryaravuyemwo ivyiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/7 rup. 32

Kuba maso biravamwo ivyiza

WOBA uri maso ku turyo two kwamamaza twoshobora kuboneka utari uvyiteze mu cibare c’ishengero ryanyu? Abavukanyi bacu bakirisu bo mu gisagara kivugwa mu vya kahise citwa Turku co muri Finilande kirimwo ikivuko barabaye maso kandi ivyo vyaravuyemwo ivyiza.

Haraciye igihe kinaka abavukanyi bo muri Turku babonye ko hari umugwi w’abantu bo muri Aziya wari waje muri ico gisagara guheraheza igikorwa co guhingura ubwato amahanga bwo gufatiramwo ingendo bwariko burahingurirwa mu kibanza cahingurirwamwo amato co muri ako karere. Mu nyuma umuvukanyi umwe yaramenye amahoteli abo bakozi b’abanyamahanga bashikiyemwo. Yaramenye kandi yuko hakiri kare mu gitondo, abo bakozi baza baratwarwa n’amabisi abakuye ku mahoteli bari bashikiyemwo yari hagati mu gisagara akabajana ku kivuko. Yaciye ubwo nyene abimenyesha abavukanyi bo mw’ishengero rikoresha icongereza ryo muri Turku.

Abakurambere bo muri iryo shengero baratahuye yuko ukuba abo banyamahanga benshi bari ng’aho vyabaronsa akaryo batari biteze ko kubabwira ubutumwa bw’Ubwami, baca ubwo nyene baratunganya isekeza ridasanzwe. Ku musi w’iyinga muri uwo mushamvu, abamamaji cumi barakoraniye iruhande y’igituro c’ayo mabisi isaha imwe yo mu gitondo. Mu ntango, nta mukozi n’umwe babonye. Abo bavukanyi bariyumviriye bati: ‘Mbega basha twoba twacerewe? Boba bamaze kuva muri Turku?’ Ariko umukozi umwe yambaye isarubeti yaciye aseruka azananye mu mfuruka y’ibarabara. Uwundi mukozi yaciye aseruka, n’abandi benshi baraza. Mu kanya gato isinzi ry’abakozi ryari rimaze gutororokanira hafi y’ico gituro. Ba bamamaji baciye banzika igikorwa, barashikiriza abo bakozi ibinyamakuru vy’icongereza. Igishimishije ni uko vyasavye nk’isaha kugira ngo abo bakozi bose baronke aho bicara mu mabisi, ivyo bikaba vyaratumye abo bavukanyi baronka umwanya uhagije wo kuganira na benshi muri bo. Igihe ayo mabisi yagenda, abo bakozi bagiye batwaye udutabu 126 be n’ibinyamakuru 329!

Ivyo vyiza vyavuyemwo vyararemesheje abo bavukanyi gusubira kugira isekeza mu ndwi yakurikiye, mu gihe c’ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko. Ku musi hariko haragwa imvura, isaha cumi na zibiri n’igice zo mu gitondo, umucungezi w’umuzunguruko yarahagarikiye ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, maze abamamaji 24 baca baja kuri ca gituro c’amabisi. Ico gihe, baritwaje n’ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’igitagalogi kuko bari babonye yuko benshi muri abo banyamahanga bava muri Filipine. Muri ico gitondo, igihe ayo mabisi yagenda kuri ca kivuko, abo bakozi bagiye batwaye ibitabu 7, udutabu 69 be n’ibinyamakuru 479. Iyumvire umunezero n’akamwemwe abavukanyi n’abavukanyikazi bagize uruhara muri iryo sekeza bumvise bafise!

Imbere y’uko abo bakozi basubira mu bihugu baje bavamwo, nya bavukanyi barashoboye kugendera abatari bake muri bo kuri ya mahoteli bari bashikiyemwo no kubasigurira ibindi bintu vyerekeye ubutumwa bw’Ubwami. Abakozi bamwebamwe bavuze ko bari barigeze kuganira n’Ivyabona mu yindi mihingo y’isi. Abo bakozi barakengurukiye abo bavukanyi kubera ko bari bibwirije kubaganiriza muri ico gihe bari bamaze muri Finilande.

Woba uri maso ku turyo twoshobora kuboneka utari uvyiteze mu cibare c’ishengero ryanyu? Woba wibwiriza gushikira abantu b’imico kama itandukanye? Nimba ubigira, na wewe nyene woshobora kwibonera ibintu bimeze nk’ivyo abavukanyi bacu bo muri Turku biboneye.

[Ikarata/Ifoto ku rup 32]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

FINILANDE

Turku

HELSINKI

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika