“Ushishikare kwijukira . . . ukwigisha”
“MWEBWE munyita ‘Mwigisha’ na ‘Mukama,’ kandi muvuga vyo, kuko ari ko ndi.” (Yoh. 13:13) Muri ayo majambo Yezu yabwiye abigishwa biwe, yarashize ahabona uruhara arangura ari umwigisha. Maze imbere gato y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yategetse abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha gukurikiza ibintu vyose nabategetse.” (Mat. 28:19, 20) Mu nyuma, intumwa Paulo na we nyene yarashimitse ku kuntu kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana bihambaye. Yahimirije umukurambere mukirisu Timoteyo ati: “Ushishikare kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha. . . . Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”—1 Tim. 4:13-15.
Nk’uko vyari muri ico gihe, n’ubu ukwigisha ni ikintu gihambaye kiranga ubusuku bwacu bwo mu ndimiro be n’amakoraniro yacu ya gikirisu. None dushobora gute kubandanya kwijukira ukwigisha, kandi ni mu buryo butandukanye ubuhe ivyo bizodufasha gutera imbere turi abigisha b’Ijambo ry’Imana?
Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
Ukuntu Yezu yigisha vyarakwegera benshi mu bamwumviriza. Raba ukuntu ivyo yavuze vyagize ico bikoze ku bari kw’isinagogi i Nazareti. Luka umwanditsi w’Injili yanditse ati: “Bose batangura kumushingira intahe nziza no gutangazwa n’amajambo y’igikundiro ava mu kanwa kiwe.” (Luka 4:22) Abigishwa ba Yezu barakurikije akarorero ka Shebuja wabo mu kuntu bamamaza inkuru nziza. Nkako, intumwa Paulo yaremesheje abakirisu bagenziwe ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu.” (1 Kor. 11:1) Kubera ko Paulo yigana uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha, yarabaye kirumara cane mu ‘kwigisha ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.’—Ibik. 20:20.
Kwigishiriza “mu kaguriro”
Akarorero kibonekeje kerekeye ubuhanga Paulo yari afise bwo kwigisha ku mugaragaro tugasanga mu Bikorwa ikigabane ca 17. Muri ico kigabane tuhasoma ibijanye n’igihe yaja i Atene mu Bugiriki. Ahantu hose Paulo yaraba muri ico gisagara, haba mu mabarabara canke mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, yahabona ibigirwamana. Ntibitangaje kuba Paulo vyaramubujije amahoro cane. Naho ari ukwo, nticabujije ko acungera inyiyumvo ziwe. Ahubwo nyabuna, “[yaratanguye] kuzirikana mw’isinagogi . . . kandi imisi yose mu kaguriro akazirikana hamwe n’ababa bahari.” (Ibik. 17:16, 17) Ese ukuntu ari akarorero keza kuri twebwe! Tuganirije abantu b’imico kama itandukanye, tutabacira urubanza, mugabo tubagaragariza icubahiro, turashobora gutuma bamwebamwe batega yompi maze amaherezo bakava mu vyara vy’idini ry’ikinyoma.—Ibik. 10:34, 35; Ivyah. 18:4.
Benshi mu bo Paulo yabwiye inkuru nziza mu kaguriro ntibavyakiriye neza. Mu bamwumviriza harimwo abafilozofe bari bafise ivyiyumviro bitandukanye cane n’ukuri yariko aramamaza. Igihe Paulo yahura n’abamuhaririza, nta gukeka yuko atirengangije ivyo bavuga. Hari abamwise “umuswaganyi” (ijambo ku rindi bikaba bisobanura ngo “uwunobagura imbuto”). Abandi bavuze bati: “Asa n’uwumenyesha ibimana vy’ibinyamahanga.”—Ibik. 17:18.
Ariko rero, Paulo ntiyaciwe intege n’amajambo yo kumunebagura abamwumviriza bavuze. Ahubwo nyabuna, igihe Paulo bamusaba ngo asigure ivyo yigisha, yaciye afata ako karyo kugira ngo ashikirize insiguro igaragaza ugutahura kwimbitse, yerekanye neza ubuhanga bwo kwigisha yari afise. (Ibik. 17:19-22; 1 Pet. 3:15) Nimuze twihweze ido n’ido insiguro yashikirije maze tuhakure ivyigwa vyoshobora kudufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha.
Nurondere ico uhurizako n’abakwumviriza
Paulo yavuze ati: “Bagabo b’i Atene, mbonye yuko mu bintu vyose musa n’abihebeye ugutinya ibimana kurusha abandi. Nk’akarorero, igihe nariko . . . [nd]ihweza nitonze ibintu musenga, nabonye n’igicaniro canditseko ngo: ‘Ku Mana Itazwi.’ Ico rero musenga mutabizi, ico ni co ndabamenyesha.”—Ibik. 17:22, 23.
Paulo yarihweza yitonze ibimukikuje. Afatiye ku vyo yari yihweje yitonze, yaramenye vyinshi ku bijanye n’abo yariko arabwira. Na twebwe nyene turashobora kumenya ivyerekeye uwo dusanze ku muhana igihe turi abantu bazi kwihweza. Nk’akarorero, ibikinisho biri ku mbuga canke ibimenyetso biri ku muryango birashobora kuduhishurira vyinshi. Igihe tugize iciyumviro ku bijanye n’ukuntu ivy’uwo dusanze ku muhana bishobora kuba vyifashe, ntibidufasha gusa guhitamwo twitonze ivyo tuvuga ariko kandi biradufasha guhitamwo n’ukuntu tubivuga.—Kol. 4:6.
Paulo yashikiriza ubutumwa mu buryo bwubaka. Ariko rero, yarabonye yuko ‘ugusenga’ kw’Abanyatene kwari gushingiye ku bumenyi burimwo amakosa. Paulo yarerekanye mu buryo butomoye ukuntu bari gushobora gusenga Imana y’ukuri. (1 Kor. 14:8) Ese ukuntu bihambaye ko tuvuga mu buryo butomoye kandi bwubaka igihe twamamaza inkuru nziza y’Ubwami!
Nukoreshe ubugenge kandi ntugire nkunzi
Paulo yabandanije avuga ati: “Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo, nk’uko Iyo nyene iri, ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu, eka mbere ntikorerwa n’amaboko y’abantu nk’aho yoba igira ico ikenera, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.”—Ibik. 17:24, 25.
Ng’aha Paulo yerekanye ko Yehova ari we yaduhaye ubuzima, akaba yabigiranye ubugenge mu kuvuga ko Yehova ari “Umukama w’ijuru n’isi.” Ese ukuntu ari agateka gufasha abantu b’umutima nziraburyarya bo mu madini atandukanye no mu mico kama itandukanye kugira ngo batahure yuko ibifise ubuzima vyose bikomoka kuri Yehova Imana!—Zab. 36:9.
Ubukurikira, Paulo yavuze ati: “Kandi yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, . . . ishinga ibihe n’imbibe z’aho abantu baba, kugira ngo barondere Imana, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe.”—Ibik. 17:26, 27.
Biciye ku kuntu twigisha, turashobora kwerekana ingene Imana dusenga imeze. Yehova, ata kugira nkunzi, arareka abantu bo mu mahanga yose ‘bagakabakaba bamurondera kandi bakamuronka koko.’ Muri ubwo buryo nyene, turavugisha abantu bose duhuye ata kugira nkunzi. Turagerageza gufasha abemera Umuremyi kugira ngo bagiranire na we ubucuti bwa hafi bushobora gutuma baronka imihezagiro y’ibihe bidahera. (Yak. 4:8) Ariko none dufasha gute abakekeranya ko Imana iriho? Turakurikiza akarorero ka Paulo. Raba ivyo yavuze ubukurikira.
“Muri yo [ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho, nk’uko nyene bamwe mu baryoshamvugo bo muri mwebwe bavuze, bati: ‘Kuko na twebwe turi uruvyaro rwayo. Ko rero turi uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye.”—Ibik. 17:28, 29.
Ng’aho, Paulo yariko arondera gutuma abantu bamwumviriza mu gusubiramwo amajambo yavuzwe n’abaryoshamvugo Abanyatene bari bazi kandi bemera. Na twebwe nyene turarondera ico duhurizako n’abatwumviriza mu kubafasha kuzirikana ku vyo tuzi ko bashobora kwemera. Nk’akarorero, ikigereranyo Paulo yatanze mw’ikete yandikiye Abaheburayo, no muri kino gihe kirajijura. Yavuze ati: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Heb. 3:4) Gufasha abo dusanze ku muhana kuzirikana kuri ico kigereranyo gisanzwe birashobora kubafasha kwemera ko ivyo tuvuga ari ukuri. Raba mu nsiguro Paulo yashikirije ikindi kintu gituma ukwigisha kuba kirumara, ico na co kikaba ari ugutuma umuntu agira ico akoze.
Nushimike ku vy’uko ibintu vyihutirwa
Paulo yavuze ati: “Ego ni ko, Imana yarirengagije ibihe vy’ukutamenya mwene ukwo, yamara ubu iriko ibwira abantu yuko bose aho bari hose bakwiye kwigaya. Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho.”—Ibik. 17:30, 31.
Ukuba Imana ibaye irareka ikibi kikabandanya vyaratumye twese turonka akaryo ko kuyereka ibiri mu mitima yacu koko. Birahambaye cane yuko dushimika ku vy’uko ibihe tubayemwo vyihutirwa be n’uko tuvugana ubujijutsi ibijanye n’imihezagiro izozanwa n’ubutegetsi bw’Ubwami, ubu bwegereje cane.—2 Tim. 3:1-5.
Abantu bavyakira mu buryo butandukanye
“Erega, aho bumviye ivy’izuka ry’abapfuye, bamwe batangura kwitwengera, abandi na bo bivugira ngo: ‘Tuzoba turakwumva kuri ivyo n’ikindi gihe.’ Nuko Paulo ava muri bo, mugabo abagabo bamwe bifatanya na we bacika abemera.”—Ibik. 17:32-34.
Hari abaca ubwo nyene bakira neza ivyo tubigisha; abandi vyoshobora kubasaba umwanya munini kuruta kugira ngo bajijurwe n’ukuntu tubafasha kuzirikana. Mugabo igihe ukuntu dusigura ukuri mu buryo butomoye kandi busanzwe bifashije umuntu naho yoba umwe akaronka ubumenyi butarimwo amakosa bwerekeye Yehova, ese ukuntu dukenguruka kuba dukoreshwa n’Imana kugira ngo dufashe abantu kwiyegereza Umwana wayo!—Yoh. 6:44.
Ivyigwa twohakura
Uko tuzirikana ku nsiguro Paulo yashikirije, turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ukuntu twosigurira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Nimba twaratewe agateka ko gushikiriza insiguro z’icese mw’ishengero, turashobora kwihatira kwigana Paulo mu gukoresha imvugo zirangwamwo ubugenge zizofasha abatemera bagatahura ukuri kwo muri Bibiliya bakongera bakakwemera. Twipfuza gushikiriza mwene ukwo kuri mu buryo butomoye, mugabo tuzokwiyubara kugira ngo ntitunebagure ivyo uwutemera uwo ari we wese yoba ari ng’aho yizera. Muri ico gihe nyene, mu gikorwa turangura co kwamamaza ku mugaragaro, turihatira kugaragaza ubujijutsi n’ubugenge. Mu kubigenza gutyo, tuba vy’ukuri dukurikije impanuro Paulo yatanze yo ‘kwijukira ukwigisha.’
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 30]
Paulo yigisha mu buryo butomoye, bworoshe kandi burimwo ubugenge
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 31]
Turigana Paulo mu kutirengagiza ukuntu abo tubwira inkuru nziza biyumva