Niwigishe abana bawe
Igituma Yezu atihuse
YEZU yamenye yuko umugenzi wiwe somambike Lazaro arwaye cane. Intumwa ivuye kwa Mariya na Marita bashiki ba Lazaro ni yo yamenyesheje Yezu iyo nkuru. Iyo ntumwa yaje iva i Betaniya, ari na ho Lazaro na bashikiwe baba. Abo bashikiwe barizera yuko Yezu ashoboye gukiza musaza wabo naho baba kure cane hakurya y’Uruzi Yorodani. Barazi yuko yigeze gukiza abantu batari hafi yiwe.—Matayo 8:5-13; Yohani 11:1-3.
Iyo ntumwa imaze gushikira Yezu ikamubwira iyo nkuru ibabaje, Yezu ntaheza ngo agire ico akoze. Bibiliya ivuga yuko aca “mu vy’ukuri aguma imisi ibiri aho yari ari.” (Yohani 11:6) Woba uzi igituma Yezu adaca yihutira gufasha Lazaro?—a Reka tubirabe.
Yezu arazi ko Lazaro yapfuye yishwe n’indwara yari arwaye. Ku bw’ivyo, abwira intumwa ziwe ati: “Dusubire i Yudaya.” Ariko bobo basubizayo bati: “Ejo bundi Abanyayudaya bariko barondera kugutera amabuye, none usubiyeyo?” Yezu aca asigura ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura mw’itiro.”
Intumwa na zo zisubizayo ziti: “Mukama, nimba aruhutse, azokira.” Yezu ni kwo guca asigura ati: “Lazaro yapfuye.” Aca rero avuga ikintu gitegerezwa kuba carabatangaje, ati: “Ndanezerewe ku bwanyu kubona atariho nari ndi . . . Mugabo ingo tuje iyo ari.”
Maze Toma ararya umutima amenyo akavuga ati: ‘Ingo tugende, dupfane na Yezu.’ Toma arazi yuko abansi baza gusubira kugerageza kwica Yezu kandi ko intumwa na zo nyene zoshobora kuhasiga agatwe. Ariko ntikibuza ko bose bajana na we. Inyuma y’imisi nk’ibiri barashika i Betaniya, igisagara Lazaro abamwo. Ni nko ku bilometero bitatu uvuye i Yeruzalemu.—Yohani 11:7-18.
Woba none uzi igituma Yezu anezerejwe n’uko atahashitse imbere y’aho?— Urabona, Yezu yari yarazuye abandi bantu, ariko akaba yatumye basubira kuba bazima bamaze amasaha makeyi gusa bapfuye. (Luka 7:11-17, 22; 8:49-56) Ariko ikiziga ca Lazaro coco kimaze imisi mu mva. Nta n’umwe yoharira avuga yuko atapfuye koko!
Aho Marita mushiki wa Lazaro yumviye ko Yezu ageze hafi y’i Betaniya, arasohoka akiruka kumusanganira. Avuga ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” Yezu aramusubiriza umutima mu nda ati: “Musazawe arazuka.” Marita aca asubira inyuma yiruka, akabwira mwenewabo Mariya mu mpisho ati: “Umwigisha ari hano, kandi araguhamagaye.”
Mariya aca ahaguruka ubwo nyene akaja aho Yezu ari. Ariko isinzi riri kumwe na we ryiyumvira yuko agiye ku mva, rigaca rimukurikira. Yezu abonye Mariya n’isinzi riri kumwe na we bariko bararira, na we nyene “arakorora amosozi.” Bidatevye bose barashika ku mva, na yo ikaba yugajwe ibuye rinini. Yezu ababwira ati: “Kureko iryo buye.” Ariko Marita aca asubizayo ati: “Mukama, ubu ategerezwa kuba anuka, kuko haciye imisi ine.”
Abantu barumvira Yezu bagakurako nya buye. Yezu aca atura isengesho, akaba arashimira Imana ku bubasha azi ko iza kumuha kugira ngo azure Lazaro. Yezu arasemerera “n’ijwi rirenga ati: ‘Lazaro, sohoka!’” Lazaro araheza agasohoka “[a]zingiriyeko ibitambara.” Yezu ni kwo guca ababwira ati: “Mutekurure mumureke agende.”—Yohani 11:19-44.
Ubu none woba utahura igituma Yezu atihuse?— Yari azi yuko aramutse arindiriye vyotumye ashobora gushinga intahe irushirije kuba nziza ku bijanye na Se Yehova. Vyongeye, kubera ko yahisemwo igihe ciza cane, abantu benshi barizeye Imana. (Yohani 11:45) Ico kintu Yezu yakoze, woba ubona ico gishobora kutwigisha?—
Na wewe woshobora guhitamwo igihe ciza co gushinga intahe ku bijanye n’ibintu vyiza igitangaza Imana yakoze be n’ivyo izokora. Kumbure urashobora kubiyagira abo mwigana canke abigisha banyu. No mu mwanya w’ivyigwa, hari abakiri bato bakoresheje akaryo kabonetse baravuga ibijanye n’ivyiza bihambaye Ubwami bw’Imana buzozanira abantu. Ego ni ko ntushobora kuzura abapfuye, ariko urashobora gufasha abandi kumenya Imana yo ishoboye gutuma abacu basubira kuba bazima kandi ikaba izobikora.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.
IBIBAZO:
▪ Ni kubera iki Yezu atihutiye kuja gufasha Lazaro?
▪ Ni kubera iki Toma avuga ngo: ‘Ingo tugende, dupfane na Yezu’?
▪ Ni igiki cashoboje Yezu kuzura Lazaro?
▪ Ni igiki wokora kugira werekane ko hari ico wigiye kuri ico kintu Yezu yakoze?