ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/12 rup. 27-30
  • Ntureke ngo indwara itume utakaza umunezero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntureke ngo indwara itume utakaza umunezero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nubone ibintu nk’uko biri
  • Ingene Yehova agufasha
  • Yarabwiye abo bigana ivyo yemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kubera iki ndwaye cane gutya?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/12 rup. 27-30

Ntureke ngo indwara itume utakaza umunezero

NIWIHE ishusho uvyutse maze ukipfuza ko uwo musi wohera kandi utaranatangura. Ubwirizwa kumara uwundi musi unyinyana n’ububabare canke intuntu. Woshobora mbere kwumva umerewe nk’uko Yobu yumvise amerewe, uwavuze ati: “Nopfuma mpfa hako ngira iyi mibabaro yose.” (Yobu 7:15, The New English Bible) Bite ho hamwe ivyo bintu vyobandanya, mbere bikamara n’imyaka?

Ukwo ni ko vyari vyifashe kuri Mefibosheti, umuhungu w’umugenzi w’Umwami Dawidi ari we Yonatani. Igihe Mefibosheti yari afise imyaka itanu “[yarakorotse], aca aramugara.” (2 Sam. 4:4) Intuntu yari afise kubera ubwo bumuga itegerezwa kuba yarongerekanye igihe mu nyuma bamwagiriza bamubeshera yuko yahemukiye umwami, ivyo bikaba vyatumye atakaza ivyo yari atunze. Yamara, yagumye yerekana ko ari akarorero keza igitangaza mu bijanye no kwihanganira ubumuga, ugusigwa iceyi n’ukuvunika umutima, ntiyareka ngo ivyo bitume atakaza umunezero.​—2 Sam. 9:6-10; 16:1-4; 19:24-30.

Intumwa Paulo ni akandi karorero. Yarigeze kwandika ibijanye n’“ihwa mu mubiri,” iryo yabwirizwa kwihanganira. (2 Kor. 12:7) Iryo hwa yavuze bushobora kuba bwari ubumuga yari amaranye igihe kirekire canke abantu barwanya ibanga ryiwe ry’ukuba intumwa. Uko vyoba vyari vyifashe kwose, iyo ngorane yarabandanije, kandi yabwirijwe kunyinyana n’ububabare be n’intuntu iyo ngorane yamuteza.​—2 Kor. 12:9, 10.

Abasavyi b’Imana bamwebamwe bo muri iki gihe barafatwa n’indwara zidakira canke bakagira intuntu, ivyo bikaba bituma bagira intege nke. Igihe uwitwa Magdalena yari afise imyaka 18, basanze arwaye indwara bita lupus érythémateux disséminé, akaba ari indwara aho usanga abasoda b’umubiri basa n’abarwanya ibihimba vy’uwo mubiri nyene. Avuga ati: “Nararandutse umutima. Uko igihe carengana ni ko ivyanje vyarushiriza kumera nabi bikaba vyunyurwa n’ukudakora neza kw’ibihimba vy’umubiri bifasha umuntu gusya ivyo afunguye, ibisebe vyo mu kanwa be n’ingorane zo mu muhogo.” Uwitwa Izabela wewe, abwirizwa kwihanganira ingorane zidashoka zibonekeza cane. Asigura ati: “Narwaye akabonge kuva mu bwana. Ivyo bituma nza ndahagarika umutima, nkagira ingorane zijanye no guhema be n’izo mu nda. Ivyo birakunda gutuma numva nasanzaye.”

Nubone ibintu nk’uko biri

Indwara n’ubumuga birashobora gutuma ubaho nabi. Igihe ivyo bishitse, biraba vyiza ufashe akanya maze ugasuzuma ata kwihenda ukuntu ivyawe vyifashe. Vyoshobora kukugora kwemera ko hari ivyo udashoboye. Magdalena avuga ati: “Indwara yanje igenda irunyuka. Akenshi ndumva nasanzaye cane ku buryo ntashobora kuva mu buriri. Kuba indwara yanje ikunda kumpinduka nk’inzoka yo mu nda, bituma bitanyorohera gutegekanya ibintu. Ikintu kimbabaza cane kuruta ibindi, ni uko ntagishobora gukora nk’ivyo nahora nkora mu murimo wa Yehova.”

Uwitwa Zbigniew asigura ati: “Uko imyaka irengana, ni ko indwara ya rumatizime intwara inguvu, ikagenda ironona ingingo z’umubiri wanje. Birashika sinshobore gukora n’agakorwa koroshe kuruta utundi twose kubera ko ububabare buba bwabaye bwinshi. Ivyo bituma nsigara numva nacitse intege.”

Mu myaka nk’ingahe iheze, uwitwa Barbara basanze arwaye ikivyimba co mu bwonko kigenda kirakura. Avuga ati: “Umubiri wanje uza urahinduka bukwi na bukwi. Ndumva mfise intege nke, nkameneka umutwe kenshi kandi bikangora kwitunira ku kintu kimwe. Kubera yuko mperutse kubona ko hari ivyo ntashoboye, vyarabaye ngombwa ko nsubira kwihweza ibintu nsanzwe nkora.”

Abo bantu bose ni abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye. Gukora ivyo agomba ni vyo bashira imbere y’ibindi. Barizigira Imana baherejeko kandi irabafata mu mugongo.​—Imig. 3:5, 6.

Ingene Yehova agufasha

Turakwiye kwirinda kwiyumvira yuko kuba umuntu afise ingorane ari ikimenyamenya c’uko adahimbara Imana. (Int. 3:33) Zirikana ivyo Yobu babwirijwe gucamwo naho “atagirako umugayo [akaba] kandi [yari] agororotse.” (Yobu 1:8) Imana nta we igerageresha ibintu bibi. (Yak. 1:13) Indwara zose, harimwo izidakira be n’iziterwa n’intuntu, ni ibintu bivuna umutima twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva.​—Rom. 5:12.

Ariko rero, Yehova na Yezu ntibazobura gutabara abagororotsi. (Zab. 34:15) Canecane igihe turi mu bihe vy’ingorane turarushiriza gutahura ko Imana ari ‘ubuhungiro bwacu n’igihome cacu gikomeye.’ (Zab. 91:2) Ku bw’ivyo none igihe uhanganye n’ingorane zigoye gutorera umuti, ni ibiki vyogufasha kugumana umunezero?

Isengesho: Ukurikije akarorero k’abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera, urashobora guterera umuzigo wawe kuri Data wa twese wo mw’ijuru biciye kw’isengesho. (Zab. 55:22) Ubigenjeje gutyo, urashobora kugira “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” Ayo mahoro yo mu mutima ‘azorinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira.’ (Flp. 4:6, 7) Kubera ko Magdalena yiheka ku Mana biciye kw’isengesho, arihanganira ya ndwara yiwe ituma agira intege nke. Avuga ati: “Gusukira Yehova ibiri ku mutima bituma numva nduhuriwe bikongera bigatuma nsubira kugira umunezero. Ubu ndatahura vy’ukuri ico bisobanura kwiheka ku Mana ku musi ku musi.”​—2 Kor. 1:3, 4.

Mu kwishura amasengesho yawe, Yehova arashobora kuguha inkomezi abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe, kw’Ijambo ryiwe no ku muryango w’abakirisu. Ntiwokwitega ko Imana igukurako ubumuga ku gitangaro. Yamara, urashobora kuyihekako ngo iguhe ubukerebutsi n’inkomezi ukeneye kugira ngo wihanganire ingorane yose igushikira. (Imig. 2:7) Irashobora kugukomeza, ikaguha “ububasha burengeye ubusanzwe.”​—2 Kor. 4:7.

Umuryango: Igihe abo mu rugo bagaragaza urukundo n’impuhwe birashobora kugufasha kwihanganira indwara. Ariko rero, uribuka ko abo mu muryango wawe na bo nyene bashikirwa n’imibabaro. Boshobora kwiyumvamwo ko batagira gitabara nkawe. Naho ari ukwo, bariteguriye kugufasha, no mu bihe bitoroshe. Gusenga muri kumwe bizogufasha kugumana umutima utekanye.​—Imig. 14:30.

Barbara avuga ku bijanye n’umukobwa wiwe hamwe n’abandi bashiki bacu bakiri bato bo mw’ishengero arimwo, ati: “Baranshigikira mu busuku. Umwete wabo uranyeza umutima.” Zbigniew na we abona yuko kuba umugore wiwe amushigikira bimugirira akamaro cane. Avuga ati: “Aritwararika vyinshi mu bikorwa vy’i muhira. Vyongeye, aramfasha kwambara impuzu kandi akenshi arantwaza isakoshi ku makoraniro ya gikirisu no mu busuku.”

Abo dusangiye ukwemera: Igihe turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera, turaremeshwa tukongera tugahozwa. Ariko none tuvuge iki igihe udashobora kwitaba amakoraniro kubera yuko urwaye? Magdalena avuga ati: “Ishengero riritwararika ivy’uko nungukira ku makoraniro biciye ku biganiro biba vyafashwe amajwi. Akenshi abo dusangiye ukwemera baranterefona kugira ngo bamenye ikindi kintu bokora ngo bamfashe. Barandungikira kandi udukete turemesha. Kumenya ko batanyibagira be n’uko barajwe ishinga n’ineza yanje biramfasha kwihangana.”

Izabela, umwe arwaye akabonge, yigana ati: “Mw’ishengero, ndafise abo nokwita ba data na ba mama benshi bantega yompi kandi bakagerageza kuntahura. Ishengero ni ryo muryango wanje; ni ho ndonkera amahoro n’umunezero.”

Abashikirwa n’ibigeragezo bitandukanye vyoba vyiza birinze ‘kwigungira ukwabo.’ Ahubwo riho, baraha agaciro ukwifatanya n’ishengero. (Imig. 18:1) Gutyo bararemesha cane abandi. Mu ntango woshobora kugonanwa kumenyesha abavukanyi na bashiki bacu ivyo ukeneye. Yamara, abo musangiye ukwemera bazobishima nutabibahisha. Bizotuma baronka akaryo ko kugaragaza “ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi.” (1 Pet. 1:22) Ubona gute ubamenyesheje ko ukeneye uwokwunguruza akagushikana ku makoraniro, ko woshima gukorana na bo mu busuku, canke ko wipfuza kuyaga na bo akakubakiye? Ariko ntiwumve, ntidukwiye gusaba ibirenze mugabo turakwiye gushima imfashanyo baduha.

Nubone ibintu mu buryo bwiza: Gushobora kwihanganira indwara idakira utarinze gutakaza umunezero akenshi bivana na wewe. Umuntu aguma yijiriwe birashobora kumushikana ku vyiyumviro bica intege. Bibiliya ivuga iti: “Umutima w’umuntu urashobora kwihanganira indwara yiwe; mugabo umutima ukubititse, ni nde ashobora kuwihanganira?”​—Imig. 18:14.

Magdalena agira ati: “Ndakora uko nshoboye kugira ngo singume niyumvira ingorane zanje. Ndagerageza kunezerererwa ibihe mba numva merewe neza. Ndaremeshwa no gusoma inkuru z’ubuzima z’abantu bagumye ari abizigirwa naho banyinyana n’indwara zidakira.” Izabela arakomezwa no kumenya ko Yehova amukunda kandi akamuha agaciro. Avuga ati: “Ndazi ko Yehova akenguruka ivyo nkora mu murimo wiwe, kandi ubuzima bwanje burafise intumbero. Vyongeye ndafise icizigiro ciza igitangaza cerekeye kazoza.”

Zbigniew avuga ati: “Indwara yanje iranyigisha kwicisha bugufi no kugamburuka n’igihe nyene ndi mu bintu bitoroshe. Iranyigisha kugaragaza ugutahura kwimbitse no kubona ibintu mu buryo bubereye hamwe no kubabarira abandi bivuye ku mutima. Narize kuronkera umunezero mu gukorera Yehova ntiganyira. Nkako, naravyuriwe umutima wo kuguma ntera imbere mu vy’impwemu.”

Urama wibuka yuko Yehova abona neza ukwihangana kwawe. Arakwumvira impuhwe mu mibabaro yawe kandi arakwitwararika. ‘Ntazokwibagira igikorwa cawe n’urukundo werekanye ko ufitiye izina ryiwe.’ (Heb. 6:10) Nufate nkama uyu muhango aha uwo wese amutinya, na wo ukaba ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”​—Heb. 13:5.

Nimba bihora bishika ukumva ucitse intege, nugumize umutima ku cizigiro ciza igitangaza co kubaho mw’isi nshasha. Igihe kiriko kiregereza cihuta aho uzokwibonera n’amaso yawe imihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana kw’isi!

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 28, 29]

Baguma bamamaza naho barwaye indwara idakira

“Kubera ko ntagishobora gutambuka atawumfashije, umukenyezi wanje canke abandi dusangiye ukwemera baramperekeza mu busuku. Ndafata ku mutwe amajambo yo gutanguza ibiyago be n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya.”​—Jerzy, akaba ari impumyi.

“Uretse ko nshinga intahe nkoresheje telefone, ndandika amakete maze nkaguma mpanahana amakuru n’abantu bakeyi baba bashimishijwe. Igihe ndi mu bitaro, nama nshira Bibiliya n’ibisohokayandikiro iruhande y’igitanda canje. Ivyo biramfasha gutanguza ibiyago vyinshi bishimishije.”​—Magdalena, umwe basanga arwaye indwara bita lupus érythémateux disséminé.

“Ndakunda ubusuku bw’inzu ku nzu, mugabo igihe mba numva ntashoboye kuburangura, ndashinga intahe nkoresheje telefone.”​—Izabela, umwe arwaye akabonge.

“Ndahimbarwa no gusubira kugendera abashimishijwe be no gufasha abandi kuyobora inyigisho za Bibiliya. Igihe mba numva merewe neza, ndakunda gushinga intahe inzu ku nzu.”​—Barbara, umwe arwaye ikivyimba mu bwonko.

“Ntwara gusa isakoshi irimwo ibinyamakuru bikeyi cane. Nguma namamaza igihe cose mba numva ko ntariko ndababara mu ngingo.”​—Zbigniew, umwe arwaye rumatizime.

[Ifoto ku rup. 30]

Abato n’abakuze barashobora kuba isôko ry’indemesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika