ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/3 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Amashusho y’ubushegabo
    Be maso!—2013
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/3 rup. 30-31

Ibibazo vy’abasomyi

Umukirisu afise ingeso yo kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo, iyo ngeso yoba yoshobora kuba mbi igashika ku rugero rutuma acibwa mw’ishengero rya gikirisu?

▪ Cane nyene. Ivyo birerekana igituma bihambaye cane ko twiyamiriza twivuye inyuma ivyo kuraba ibintu vyose bijanye n’ubushegabo, vyaba ivyanditse canke ibishushanije mu binyamakuru, ibiri mu masinema, mu mavidewo no kuri Internet.

Ibintu bijanye n’ubushegabo nta ho bitari kw’isi. Internet iratuma muri iki gihe kuruta ikindi gihe cose haboneka ibintu bijanye n’ubushegabo, kandi yaratumye igitigiri c’abashikirwa n’ico kiza congerekana. Abantu bamwebamwe, abato n’abakuze, basanze bari mu mihora iriko ibintu bijanye n’ubushegabo batabishaka. Abandi na bo baragiye kuri iyo mihora n’ibigirankana, bikabagora kwigumya kubera ko bashobora gusoma canke kuraba ivyo bintu ari bonyene i muhira canke ku kazi. Ni kubera iki abakirisu bakwiye kwitwararika ico kintu ata gufyina?

Ikintu nyamukuru gikwiye kubituma tugisanga mu ngabisho Yezu yatanze igira iti: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Mat. 5:28) Ego ni ko, kurangura amabanga mpuzabitsina birabereye hagati y’abubakanye kandi biratuma bagira agahimbare. (Imig. 5:15-19; 1 Kor. 7:2-5) Ariko rero, ukwo si ko biri ku vyerekeye kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo. Vyovyo vyerekana uguhuza ibitsina kutemewe gukabura vya vyiyumviro vy’ubuhumbu Yezu yatugabishijeko. Biraboneka yuko gusoma canke kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo biteye kubiri rwose n’ubuyobozi Imana yatanze bugira buti: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”​—Kol. 3:5.

Tuvuge iki nimba vyarashitse umukirisu akaraba ibintu bijanye n’ubushegabo rimwe canke kabiri? Ivyiwe vyoshobora kugereranywa mu buryo bunaka na vya bintu biteye akaga vyigeze gushikira umwanditsi w’amazaburi Asafu, uwavuze ati: “Nayo jewe, ibirenge vyanje hari habuze gato ngo bikevye; intambuko zanje zari hafi kunyerera.” Wumva none uwo mukirisu yoshobora kugira ijwi ryo mu mutima ryiza akongera akagiranira amahoro n’Imana kandi yararavye amashusho y’abagabo canke abagore bari gusa kibure umuntu w’igitsina-gabo n’uwigitsina-gore bariko barasambana? Na Asafu nta mahoro yagize. Yavuze ati: “Nashikiwe n’amagorwa burinda bwira, kandi ugukosorwa kwanje kuba buri gitondo.”​—Zab. 73:2, 14.

Umukirisu yisutse muri iyo ngeso mbi arakwiye kwikangura agatahura ko akeneye gufashwa mu buryo bw’impwemu. Arashobora kuronka iyo mfashanyo mw’ishengero. Bibiliya ivuga iti: “Naho umuntu yotirimuka imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho.” (Gal. 6:1) Umukurambere mukirisu umwe canke babiri barashobora kumuronsa imfashanyo akeneye, harimwo ‘n’amasengesho y’ukwizera ashobora gutuma uwo amerewe nabi akira, n’igicumuro ciwe kikababarirwa.’ (Yak. 5:13-15) Abarondeye gufashwa kugira ngo bahebe ingeso yo gusoma canke kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo bariboneye yuko kwiyegereza Imana vyababereye vyiza, nk’uko vyagendeye Asafu.​—Zab. 73:28.

Ariko rero, intumwa Paulo yavuze yuko abantu bamwebamwe bari baracumuye batigaye “ubuhumane bwabo n’ubusambanyi be n’ubushirasoni.”a (2 Kor. 12:21) Ku bijanye n’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aho ngo “ubuhumane,” Porofeseri Marvin R. Vincent yanditse yuko risobanura ikintu c’umwanda kandi gishisha. Birababaje kuba amashusho amwamwe ajanye n’ubushegabo ateye ishishi cane akaba atagarukira gusa ku mashusho yerekana abantu bari gusa canke umuntu w’igitsina-gabo n’uw’igitsina-gore bariko barasambana. Muri ayo mashusho ateye ishishi kandi y’umwanda harashobora kubamwo ayerekana abantu basangiye igitsina bamarana inambu y’umubiri, abahuza ibitsina bari mu mugwi, abagoka ku bikoko, amashusho yerekana utwana turi mu vy’ubushegabo, gusambanywa n’abantu benshi bakurakuranwa, ugukubagura abakenyezi, gusambana n’umuntu aboshe, canke gusinzikaza ubuzima bw’abantu ata kagongwe. Abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo bari “mu mwiza mu bwenge,” bahavuye ‘baba ibiti maze bihereza ubushirasoni kugira ngo bakore n’umunoho n’akantu ubuhumane bw’ubwoko bwose.’​—Ef. 4:18, 19.

Paulo yaravuze kandi ibijanye n’“ubuhumane” mu Bagalatiya 5:19. Incabwenge imwe y’Umwongereza yavuze ko iryo jambo ryakoreshejwe “ng’aho ryoshobora canecane [gusobanura] inambu zose zikomeye zidasanzwe.” Hari umukirisu none yohakana ko ivyo bintu duhejeje kuvuga bijanye n’ubushegabo bw’agahomerabunwa kandi butesha ubuntu atari “inambu zikomeye zidasanzwe” kandi bikaba biteye ishishi? Mu Bagalatiya 5:19-21, Paulo yasozereye avuga yuko “abaza barakora” mwene ubwo buhumane “batazotorana ubwami bw’Imana.” Ku bw’ivyo, mu gihe umuntu yotsimbataza ingeso yo kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo bw’agahomerabunwa kandi butesha ubuntu, kumbure akamara igihe kitari gito aza arabiraba, mugabo ntiyigaye ngo abireke, ntiyoshobora kuguma mw’ishengero rya gikirisu. Yobwirizwa gucibwa kugira ngo ukudahumana kw’ishengero n’agatima rifise bizigamwe.​—1 Kor. 5:5, 11.

Birashimishije kumenya ko abantu bamwebamwe bisutse mu vyo kuraba ibintu bijanye n’ubushegabo bw’agahomerabunwa bituye abakurambere maze bararonswa imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu bari bakeneye kugira ngo bagire amahinduka akomeye. Yezu yahimirije abakirisu b’i Sarudi ha kera ati: “Ukomeze ibisigaye vyagira bipfe, . . . guma wibuka . . . ingene wahawe n’ingene wumvise, maze ubandanye kubigumya, uheze wigaye. Vy’ukuri utikanguye, . . . ntuzogenda umenye isaha nzozira kuri wewe.” (Ivyah. 3:2, 3) Birashoboka ko umuntu yigaya akaba nk’aho ashikuwe mu muriro.​—Yuda 22, 23.

Ariko rero, vyorushiriza kuba vyiza umwumwe wese muri twebwe yiyemeje ashikamye kutegera aho ari ho hose hafi y’ico kintu giteye akaga. Ego cane, turakwiye kwiyemeza rwose kwirinda kuraba canke gusoma ibintu vyose bijanye n’ubushegabo!

[Akajambo k’epfo]

a Ku bijanye n’itandukaniro riri hagati y’“ubuhumane n’ubusambanyi be n’ingeso mbi,” raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2006, urupapuro rwa 29-31.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 30]

Umukirisu yisutse mu ngeso mbi arakwiye kwikangura agatahura ko akeneye gufashwa mu buryo bw’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika