ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/4 rup. 3
  • Bararondera inyishu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bararondera inyishu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ivyo Yezu yigishije ku bimwerekeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/4 rup. 3

Bararondera inyishu

“Abantu nka bose barafise ukuntu biyumvira [Yezu]. Naho twoba twizera canke dukekeranya ukungana iki, twese dusanga twibajije duti: ‘Uwo mugabo ni nde?’”​—VYAVUZWE NA STAN GUTHRIE.

ABANTU baripfuza kumenya ivyerekeye Yezu. Ibitabu bivuga ivyiwe bisigaye bigurwa cane. Amasenema avuga ibimwerekeye na yo asigaye akundwa cane. Yamara abantu baracibaza ibibazo ku bijanye na Yezu. Usanga bafise ivyiyumviro bidahuye ku bijanye n’uwo Yezu yari vy’ukuri.

Nk’akarorero, ubu haraheze imyaka mikeya abamenyeshamakuru babiri basavye abantu ngo bishure kuri Internet iki kibazo kigira giti: “Yezu yari nde?” Ng’izi zimwezimwe mu nyishu zatanzwe:

● “Biboneka ko yari umurabi (ni ukuvuga umwigisha) yabaye intangakarorero mu kugira impuhwe.”

● “Yari umuntu asanzwe yagize ubuzima budasanzwe.”

● “Nta kintu na kimwe cerekana ko Yezu yabayeho.”

● “Yezu ni Umwana w’Imana yavutse, agapfa hanyuma akazuka mu bapfuye kugira adukize ibicumuro. Ubu ariho, kandi azogaruka kw’isi.”

● “Ndemera ko Yezu Kristu ari umwana w’ikinege w’Imana agize kuba umuntu abushitse akaba n’imana ibushitse.”

● “Yezu ni inkuru y’igitito biganira abantu bakiri abana mu mutwe.”

Biribonekeza ko ivyo vyiyumviro bitandukanye bidashobora vyose kuba bivuga ukuri. Hoba hariho ahantu ho kwizigirwa twokura inyishu nyazo z’ibibazo twibaza kuri Yezu? Abasohora iki kinyamakuru baremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana be n’uko ari yo yonyene itubwira ukuri kwose ku bijanye na Yezu.a​—2 Timoteyo 3:16.

Mu kiganiro gikurikira, turihweza inyishu Bibiliya itanga ku bibazo abantu bakunze kubaza ku vyerekeye Yezu. Ubwiwe yavuze ko inzira ijana ku bukiriro yuguruye ku “muntu wese amwizera.” (Yohani 3:16) Tukuremesheje gusuzuma izo nyishu maze wewe ubwawe urabe nimba woba ukeneye kumenya n’ibindi ku bijanye na Yezu be n’ukuntu womwizera.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka ayandi makuru, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ikigabane ca 2 kivuga ngo “Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika