ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/11 rup. 4-5
  • Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Nukurikirane umugambi uri n’ico uvuze mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/11 rup. 4-5

Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?

UWITWA Rosalind yakuriye mu Bwongereza, akaba yari anyotewe cane kumenya ibintu vyinshi. Yaripfuza kandi gufasha abandi. Arangije amashure, yararonse akazi gakomeye kamuhaye akaryo ko gufasha abatagira aho baba, kandi yarafashije n’abafise ubumuga bwo ku mubiri be n’ubumuga butuma batoroherwa no kwiga. Naho yakora akazi katuma yumva ashize akanyota, akaba kandi yari yorohewe mu vy’ubutunzi, avuga ati: “Naramaze imyaka nibaza nti: ‘Kubera iki turi ng’aha kw’isi? Ubuzima bufise intumbero iyihe?’”

Ni kuki twokwibaza ico kibazo?

Abantu ntibameze nk’ibikoko kuko vyovyo bitiyumvira. Turafise ubushobozi bwo kwigira ku vyahise, gutegura kazoza no kurondera icotuma ubuzima bwacu bugira intumbero.

Bamwebamwe bacishura gute?

Benshi babona ko intumbero nyamukuru y’ubuzima ari ukuronka amatungo canke kuba rurangiranwa, ngo gutyo ukironkera agahimbare.

Iyo nyishu yerekana iki?

Ishaka kwerekana yuko ari twe twishingira ibihambaye kuruta ibindi mu buzima, be n’uko ivyipfuzo vyacu bihambaye kuruta ivyo Imana igomba.

Bibiliya ibivugako iki?

Umwami Salomo yaregeranije ubutunzi butagira uko bungana yongera akurikirana ibinezereza, mugabo yasanze ivyo vyose bidatuma ubuzima bw’umuntu buguma bufise intumbero. Yarerekanye icotuma ubuzima bugira intumbero vy’ukuri, igihe yandika ati: “Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.” (Umusiguzi 12:13) None kugumya amabwirizwa y’Imana bidusaba iki?

Kimwe mu vyo Imana itwipfuriza ni uko duhimbarirwa ubuzima. Salomo yanditse ati: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame. Ivyo na vyo nyene narabibonye, jewe ubwanje, yuko ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri.”​—Umusiguzi 2:24.

Imana yipfuza kandi ko dukunda umuryango wacu tukongera tukawitaho. Raba impanuro isanzwe kandi ngirakamaro iha umwe wese mu bagize umuryango.

  • “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.”​—Abanyefeso 5:28.

  • “Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—Abanyefeso 5:33.

  • “Bana, mugamburukire abavyeyi banyu.”​—Abanyefeso 6:1.

Dushize mu ngiro izo ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turashobora kugira agahimbare n’umunezero ku rugero runaka. Ariko ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose twokora ni ukwiga ivyo dushoboye vyose ku bijanye n’Umuremyi wacu kandi tukamwiyegereza akatubera Umugenzi. Kanatsinda, Bibiliya idutera akamo iti: “Mwiyegereze Imana.” Ica itanga uyu muhango mwiza igitangaza, iti: “Na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Witabiriye ako kamo igutera, ubuzima bwawe buzoca bugira intumbero koko.

Umwe Rosalind twavuga mu ntango, ubu arabona ko yubuye intumbero y’ubuzima. Ku rupapuro rwa 10 rw’iki kinyamakuru, urashobora kwisomera icamufashije guhindura ingendo.

Kugira umenye n’ibindi ku kuntu ushobora kubaho mu buryo buhimbara Imana, raba ikigabane ca 12 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora no kukivoma ku muhora wa Internet www.jw.org

Yezu yavuze iki ku bijanye n’intumbero y’ubuzima?

Yezu yari azi neza intumbero y’ubuzima bwiwe. Yavuze ati: “Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohani 18:37) Yezu yamaze ubuzima bwiwe bwose yigisha abantu ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo.

Nitwigana akarorero ka Yezu, ubuzima bwacu buzogira intumbero koko. Kukaba nkako, Yezu aradutera akamo ngo tumwigireko. (Matayo 11:29) Raba uburyo bubiri gusa dushobora kubigira:

Yezu yigishije yuko nimba twipfuza guhimbarwa dutegerezwa kuba abantu “bazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Turashobora kuronka ivyo dukeneye mu vy’Imana biciye ku kwironsa ubumenyi bwerekeye “Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Yezu yategetse abayoboke biwe kwigisha abandi ivyo na bo bari barize. Yavuze ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”​—Matayo 28:19, 20.

Abironsa ivyo bakeneye mu vy’Imana biciye ku kwiga Bibiliya no ku gushira mu ngiro ivyo biga baribonera ukuntu ubuzima bwabo buhinduka bukarushiriza kuba bwiza. Igihe na ho batanguye gufasha abandi kumenya ivyerekeye Imana, baca babona neza ko ubuzima bwabo bufise intumbero koko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika