ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/11 rup. 6-7
  • Ikibazo ca 2: Bizongendera gute ninapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo ca 2: Bizongendera gute ninapfa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Abapfuye bari hehe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Iyo umuntu apfuye aja he?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?
    Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/11 rup. 6-7

Ikibazo ca 2: Bizongendera gute ninapfa?

UWITWA Roman yari umuhungu akiri muto igihe umugenzi wiwe somambike yapfa ahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Avuga ati: “Urupfu rw’uwo mugenzi wanje rwansizemwo imvune ikomeye cane. Inyuma y’iryo sanganya, naramaze imyaka itari mike nibaza ingene bitugendera iyo dupfuye.”

Ni kuki twokwibaza ico kibazo?

Gupfa ntibiri mu muntu. Naho twoba dufise imyaka ingana gute, nta n’umwe muri twebwe yipfuza gupfa. Abenshi barafise ubwoba ku bijanye n’ibizobashikira nibamara gupfa.

Bamwebamwe bacishura gute?

Abantu benshi biyumvira yuko iyo umuntu apfuye hariho ikintu kiri muri we kibandanya kubaho. Bemera yuko abeza baca baja kuronka impera mw’ijuru, ababi na bo bagahanirwa ibicumuro vyabo ibihe bidahera. Abandi bibaza yuko iyo umuntu apfuye aba agiye amazimayongo ubutagisubira kwibukwa.

Izo nyishu zerekana iki?

Iyo nyishu ya mbere yerekana yuko iyo umuntu apfuye ataba apfuye vy’ukuri. Iya kabiri na yo yerekana yuko ubuzima butagira intumbero. Abafise ico ciyumviro ca kabiri boshobora kubaho babona ko ata co bokora ngo bahindure kazoza kabo, bakabaho bisunga iki civugo kigira giti: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.”​—1 Abakorinto 15:32.

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ntiyigisha namba yuko iyo umuntu apfuye hari ikintu kiri muri we kibandanya kubaho. Imana yarahumekeye Umwami Salomo kwandika ati: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Abantu ‘ata co baba bakizi’ nta kintu na kimwe bamenya ku biba biriko biraba. Nta na kimwe bumva kandi nta co bashobora gukora. Abapfuye rero ntibashobora kugira ico bafashije abariho canke ngo babagirire nabi.

Imana ntiyari ifise umugambi w’uko abantu bapfa nk’uko usanga benshi bavyiyumvira. Igihe yarema wa muntu wa mbere Adamu yashaka ko abaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Igihe conyene Imana yavuze ivyerekeye urupfu ni igihe yabwira Adamu yuko yopfuye aramutse agambaraye. Yarabujije Adamu kurya icamwa co ku giti kimwe, ica imuburira yuko aramutse akiriye ‘yopfuye ata kabuza.’ (Itanguriro 2:17) Iyo Adamu na Eva baguma bagamburuka, bo hamwe n’abobakomotseko b’intahemuka ku Mana bobaye kw’isi ibihe bidahera.

Adamu yahisemwo kwirengagiza imburi y’Imana. Yaracumuye mu kugambararira Imana, bituma apfa. (Abaroma 6:23) Igihe Adamu yapfa, nta kintu co muri we cabandanije kubaho, ahubwo yari aretse kubaho. Imana yabwiye Adamu iti: “Uzorya umukate ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Kubera yuko abantu twese twakomotse kuri Adamu, yaraturaze igicumuro n’urupfu.​—Abaroma 5:12.

Naho Adamu yahisemwo nabi, Imana yoyo izoshitsa umugambi wayo wo gutuma isi yose yuzura uruvyaro rutunganye ruva kuri Adamu. (Itanguriro 1:28; Yesaya 55:11) Vuba, Yehova agiye gutuma abantu benshi bapfuye basubira kuba bazima. Intumwa Paulo yavuze ivy’ico gihe ati: “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”​—Ivyakozwe 24:15.

Umwe Roman twavuga mu ntango yarize Bibiliya aramenya ivyo ico gitabu cigisha ku bijanye n’urupfu no ku bijanye na Yehova Imana. Ivyo yamenye vyaragize ikintu kinini bihinduye ku buzima bwiwe. Nusome inkuru imwerekeye ku rupapuro rwa 11 rw’iki kinyamakuru.

Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ingene bigenda iyo umuntu apfuye, raba ikigabane ca 6 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora no kukivoma ku muhora wa Internet www.jw.org

Yezu yavuze iki ku bijanye n’urupfu?

Yezu ntiyahuza n’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe zavuga yuko ata zuka ry’abapfuye ririho. (Luka 20:27) Nta n’ubwo yigishije ko mu muntu hari ikintu kibandanya kubaho iyo apfuye. Ahubwo Yezu yigishije ibi bikurikira:

Urupfu ni nk’itiro. Igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa, Yezu yavuze ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura mw’itiro.” Abigishwa ba Yezu ntibatahuye ico yashatse kuvuga. Bishuye bati: “Mukama, nimba aruhutse, azokira.” Iyo nkuru yo muri Bibiliya isigura iti: “Ariko Yezu yari avuze ivyerekeye urupfu rwiwe. Mugabo biyumviriye ko yariko avuga ukuruhukira mw’itiro. Ico gihe rero, Yezu ababwira atomora ati: ‘Lazaro yapfuye.’”​—Yohani 11:11-14.

Abapfuye bazozuka. Igihe Yezu yashika mu gisagara Lazaro yavukiyemwo, yarahumurije Marita mushiki wa Lazaro mu kuvuga ati: “Musazawe arazuka.” Yezu yaciye atanga uwu muhango ukomeye ugira uti: “Ni jewe zuka n’ubuzima. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.” Uwo muhango Yezu yatanze ntiwari uwo ku karimi gusa. Yarazuye Lazaro bene umurango babona, naho yari amaze imisi ine yarapfuye.​—Yohani 11:23, 25, 38-45.

Mu vyo Yezu yahishuriye intumwa Yohani, yarasubiye gutanga umuhango w’uko abapfuye bazozuka. Yaravuze ivyerekeye igihe co muri kazoza, aho urupfu ruzorekura abo rwigaruriye.​—Ivyahishuwe 20:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika