ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 6 rup. 16
  • Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba yishura amasengesho yose?
  • Twoba dukwiye kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Imana yoba izokwishura amasengesho yanje?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 6 rup. 16
Umugore ariko arasenga

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba yishura amasengesho yose?

WOVUGA KO YISHURA AMASENGESHO YA  . . .

  • Bose?

  • Bamwebamwe?

  • Canke nta n’umwe yishura?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Yehova ari hafi . . . y’abamwambaza mu kuri bose.”​—Zaburi 145:18.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Imana ntiyumviriza amasengesho y’abantu bayigarariza. (Yesaya 1:15) Ariko rero, barashobora ‘kugorora ibintu’ mu guhindura inzira zabo.​—Yesaya 1:18.

  • Kugira ngo Imana yishure isengesho, ritegerezwa kuba rihuje n’ivyo isaba biri muri Bibiliya.​—1 Yohani 5:14.

Twoba dukwiye kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko bakwiye gupfukama, kwunamika umutwe canke gufatanya ibiganza igihe cose bariko barasenga. Wewe ubivugako iki?

IVYO BIBILIYA IVUGA

Imana yarumvirije abantu bayisenze ‘bicaye’ canke ‘bahagaze’ canke ‘bubaraye hasi’ canke mbere ‘bapfukamye.’ (1 Ngoma 17:16; 2 Ngoma 30:27; Ezira 10:1; Ivyakozwe 9:40) Imana ntidusaba kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Imana yumviriza abicisha bugufi.​—Zaburi 138:6.

  • Urashobora gusenga mu rurimi urwo ari rwo rwose canke mbere mu gacerere.​—2 Ngoma 6:32, 33; Nehemiya 2:1-6.

Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca  17 c’igitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.jw.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika