ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w16 Nyakanga rup. 22
  • Niwungukire ku buyobozi Yehova ariko aratanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwungukire ku buyobozi Yehova ariko aratanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUNYAPOLONYE YAGIZE IHITAMWO RYIZA
  • UMUNYAFIJI YARORANIWE
  • Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
w16 Nyakanga rup. 22

Niwungukire ku buyobozi Yehova ariko aratanga

UMUNYAPOLONYE YAGIZE IHITAMWO RYIZA

“NABATIJWE mfise imyaka 15, inyuma y’amezi atandatu nca ntangura ubutsimvyi bwo gufasha. Haciye umwaka, naciye nsaba ubutsimvyi busanzwe. Ndangije amashure yisumbuye, narasavye ko noja gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Nashaka kurungikwa mu kandi karere, kure ya nyokuru, uwo twari tumaze igihe tubana mugabo akaba atari Icabona ca Yehova. Ntiworaba ingene nababaye igihe umucungezi w’umuzunguruko yambwira ko nokoreye aho nyene mu gisagara navukiyemwo. Naragerageje kutamwereka ko vyambabaje. Tuvanye, nagiye nicurikiriye, nzirikana ico kintu yari ahejeje kumbwira. Nabwiye umugenzi twakunda gukorana indimiro nti: ‘Sha, mbona umengo ngomba mere nka Yona. Ariko Yona yahavuye aja i Ninewe. Na jewe rero, nzokorera aho bandungitse.’

“Ubu maze imyaka ine nkorera ubutsimvyi aho mu gisagara iwacu, kandi ndabona ko biranga ubukerebutsi kuba narakurikije ubuyobozi nahawe. Ingorane nyamukuru nari mfise kwari ukutabona ibintu mu buryo bwiza. Ubu umunezero nifitiye urengako. Mu kwezi kumwe gusa, nayoboye inyigisho za Bibiliya 24. Yehova yaramfashije mbere ndigisha Bibiliya n’umwe nyogokuru yahoze abirwanya.”

UMUNYAFIJI YARORANIWE

Hari umutohoji wa Bibiliya wo muri Fiji yabwirizwa guhitamwo hagati yo kwitaba ihwaniro no kujana n’umugabo wiwe ku rubanza rwo kwibuka ivuka ry’incuti y’uwo mugabo. Uwo mugabo wiwe yaramwemereye ko yokwitaba ihwaniro. Uwo mukenyezi yamubwiye ko inyuma y’ihwaniro aca amusanga kuri nya rubanza. Ariko rero uwo mukenyezi atashe, yabonye ko vyoba vyiza yirinze ikintu cotuma ubucuti afitaniye n’Imana buja mu kaga, aca arareka kujayo.

Igihe uwo mugabo yabwira incuti ziwe yuko umugore wiwe aza kumusangayo avuye mu gikorane c’Ivyabona, zamwishuye ziti: “Nta we uza kubona; Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru y’ivuka!”a

Ivyo vyatumye uwo mugabo aryoherwa no kubona umugore wiwe yari yafashe ingingo yo kutarenga ku vyo yemera no kw’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Kuba uwo mugore atadohotse vyahavuye bituma aronka akaryo ko kubwira inkuru nziza uwo mugabo wiwe be n’abandi. None vyavuyemwo iki? Uwo mugabo yaremeye kwiga Bibiliya, aratangura no kujana n’umugore wiwe ku makoraniro.

a Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 2001.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika