IKIGANIRO C’UKWIGA 30
Ingene twokora ku mutima abatagira idini
“Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza.”—1 KOR. 9:22.
URURIRIMBO RWA 82 ‘Mureke umuco wanyu wake’
INCAMAKEa
1. Muri iyi myaka ya vuba, ni ibiki vyahindutse mu mihingo imwimwe?
MU MYAKA ibihumbi iheze, abantu benshi kw’isi wasanga basa n’abemera Imana mu buryo kanaka. Ariko muri iyi myaka ya vuba, ibintu vyarahindutse cane. Abantu batagira idini baguma barushiriza kuba benshi. Nkako mu bihugu bimwebimwe, abenshi usanga bavuga ko ata dini begukira.b—Mat. 24:12.
2. Kubera iki abantu benshi cane batagira idini?
2 None ni kubera iki abantu benshi basigaye bavuga ko batagira idini?c Bamwe usanga batwarwa n’ibinezereza canke amaganya. (Luka 8:14) Hari n’abasigaye baracitse abahakanamana. Abandi naho bemera Imana, usanga biyumvira ko ivy’idini vyataye igihe, ko bitagikenewe kandi ko bidahuza na siyansi be n’ukwiyumvira kuroranye. Boshobora kwama bumva abagenzi, abigisha canke abamenyeshamakuru bavuga ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika, mugabo bakumva gake kabaho ivyotuma bemera ko Imana ibaho. Abandi bobo usanga barashegeshwe n’indongozi z’idini zihahamira amaronko n’ubukuru. Mu mihingo imwimwe na ho, intwaro zirashiraho amategeko aburabuza ibikorwa vy’amadini.
3. Intumbero y’iki kiganiro ni iyihe?
3 Yezu yadutegetse ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:19) None twofasha gute abatagira idini gukunda Imana no kuba abigishwa ba Kristu? Dutegerezwa kumenya yuko ingene umuntu yakira ubutumwa twamamaza bishobora kuvana n’aho yakuriye. Nk’akarorero, abakuriye mu bihugu vy’i Buraya boshobora kutakira ubutumwa cokimwe n’abava muri Aziya. Uti kubera iki? I Buraya benshi barazi ibijanye na Bibiliya kandi baramenyereye kwumva ko Imana ari yo yaremye vyose. Ariko muri Aziya, abenshi nta co bazi namba ku bijanye na Bibiliya kandi boshobora kuba batemera ko hariho Umuremyi. Intumbero y’iki kiganiro ni ukudufasha kumenya ingene twokora ku mutima abantu bose duhura mu busuku, naho boba baturuka hehe canke bemera iki.
NUGUME UBONA IBINTU MU BURYO BWIZA
4. Kubera iki twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza?
4 Nubone ko bizogenda neza. Buri mwaka, abantu benshi batagira idini baracika Ivyabona vya Yehova. Abenshi baba bahoze bigenza runtu, mugabo uburyarya bw’abanyamadini bukabaca intege. Abandi na bo usanga bahoze bitaho buhoro ivyo kwigenza neza, benshi muri bo bakaba bahorana ingeso mbi babwirijwe guheba. Tubifashijwemwo na Yehova, turizigira ko tuzoronka “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.”—Ivyak. 13:48; 1 Tim. 2:3, 4.
Nuhindure uburyo ukoresha igihe ubwira inkuru nziza abatemera Bibiliya (Raba ingingo ya 5-6)d
5. Akenshi ni igiki gituma abantu bakira ubutumwa tubabwira?
5 Nugaragaze umutima mwiza n’ukwigengesera. Akenshi ivyo tuvuga si vyo bituma abantu bakira ubutumwa twamamaza, ahubwo ingene tububashikiriza ni vyo bituma babwakira. Birabahimbara iyo tubagaragarije umutima mwiza, tukigengesera kandi tukabitwararika vy’ukuri. Ntitubahata ngo bemere ingene tubona ibintu, ahubwo riho turagerageza gutahura igituma bafise ivyiyumviro kanaka ku bijanye n’idini. Nk’akarorero, bivugwa ko hari abadashima kuyaga ivy’idini n’umuntu batazi. Abandi babona ko bitaranga urupfasoni kubaza umuntu ico yiyumvira ku bijanye n’Imana. Hari n’abaterwa isoni n’uko abandi bababona bariko barasoma Bibiliya na canecane bariko barayaga n’Icabona ca Yehova. Uko vyoba biri kwose, turihatira gutahura ingene biyumva.—2 Tim. 2:24.
6. Intumwa Paulo yerekanye gute yuko yahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi twomwigana gute?
6 Twokora iki duhuye n’umuntu adashima ko dukoresha amajambo nka “Bibiliya,” “irema,” “Imana,” canke “idini”? Turashobora kwigana intumwa Paulo maze tugakoresha ubundi buryo mu kubayagisha. Igihe yaba ariko aganira n’Abayuda, yakoresha Ivyanditswe. Yamara igihe yaganira n’abafilozofe b’Abagiriki muri Areyopago, ntiyigeze ababwira ko ariko asubiramwo Ivyanditswe. (Ivyak. 17:2, 3, 22-31) None twokwigana gute Paulo? Igihe uhuye n’umuntu aterekwa Bibiliya, vyoba vyiza udaciye umwerekeza ku mirongo yo muri Bibiliya igihe muriko murayaga. Igihe na ho ubonye ko uwo muyaga adashima ko abandi bamubona ariko arasoma Bibiliya, nugerageze kumwereka ivyanditswe mu buryo badaca bamenya ibiriko biraba, nko mu gukoresha akuma ngendanwa.
7. Twokora iki kugira twigane Paulo, nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto 9:20-23?
7 Nubatahure kandi ubatege yompi. Dutegerezwa kwihatira gutahura igituma abantu duhura biyumvira uku canke kuriya. (Imig. 20:5) Nusubire urimbure akarorero ka Paulo. Yari yakuriye mu Bayuda. Kugira yigishe Abanyamahanga yategerezwa guhindura uburyo yakoresha, narirya bari bazi bike canke batazi namba ivyerekeye Yehova be n’Ivyanditswe. Vyoshobora kuba ngombwa ko tugira ubushakashatsi canke tukitura abazi utuntu n’utundi mw’ishengero kugira dutahure neza abantu bo mu karere kacu.—Soma 1 Abakorinto 9:20-23.
8. Uburyo bumwe twotanguza ikiyago ku bijanye na Bibiliya ni ubuhe?
8 Intumbero yacu ni ukurondera ‘abakwiriye.’ (Mat. 10:11) Kugira tubishikeko, dutegerezwa kubasaba ngo baserure iryo bagona hanyuma tukabatega yompi. Umuvukanyi umwe wo mu Bwongereza arabaza abantu ico biyumvira ku bijanye n’ingene tworonka agahimbare mu mubano, ingene tworera abana canke ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe. Amaze kwumviriza iryo bagona, aca avuga ati: “Wiyumvira iki kuri iyi mpanuro imaze hafi imyaka 2.000 yanditswe?” Mu nyuma atiriwe aravuga ngo “Bibiliya”, aca abereka ivyanditswe akoresheje terefone yiwe.
NUKORE ABANTU KU MUTIMA
9. Twofasha gute umuntu adakunda kuyaga ivy’Imana?
9 Umuntu adakunda kuyaga ivy’Imana turashobora kumukora ku mutima mu kuyaga na we ikintu asanzwe akunda. Nk’akarorero, abantu benshi baratangarira ibidukikije. Twoshobora rero kumubwira duti: “Hari aho woba uzi ko ibintu vyinshi abahinga bahingura babishikako mu kwigana ibisanzwe biriho. Abahingura amamikoro babanza kwiga ibijanye n’amatwi, abahingura ivyuma bifotora na bo bakabanza kwiga ibijanye n’amaso. None iyo uzirikanye ku bidukikije, ni igiki gica kiza mu bwenge? Woba wiyumvira ko vyiyadukije, ko hoba hari uwabiremye, canke uca wiyumvira ikindi kintu?” Tumaze kumwumviriza twitonze, twoshobora kwongerako duti: “Igihe abahinga biganye ingene amatwi n’amaso bikora, ni nde aba ariko arabigisha ubumenyi? Narakozwe ku mutima n’ikintu umuryoshamvugo wa kera yanditse. Yagize ati: ‘Mbega Umwe abadika ugutwi, ntashobora kwumva? Canke Umwe abumba ijisho, ntashobora kwitegereza? . . . Mbere Umwe yigisha abantu ubumenyi?’ Hari abanyasiyansi bashitse ku ciyumviro gisa n’ico.” (Zab. 94:9, 10) Twoshobora guca tumwereka akavidewo kari kuri jw.org® ahavuga ngo “Ibiganiro n’inkuru z’ivyabaye,” mu rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Ico bavuga ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima.” (Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > AMAVIDEWO.) Twoshobora no kumuha agatabu kavuga ngo Vyoba vyararemwe? canke kamwe kishura ibibazo bijanye n’inkomoko y’ubuzima (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie).
10. Twotangura gute kuyaga n’umuntu adakunda kuganira ivy’Imana?
10 Abantu benshi baripfuza kazoza keza. Ariko rero, benshi baratinya ko isi izosangangurwa canke izosigara ata wuyibako. Umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Norveje avuga ko abadakunda kuyaga ivy’Imana usanga akenshi bashima kuyaga ibiriko biraba kw’isi. Amaze kuramutsa umuntu, aca avuga ati: “Wibaza iki ku bijanye na kazoza keza twiteze? Twoba tuzogakesha abanyapolitike, abanyasiyansi canke uwundi muntu?” Amaze kumwumviriza yitonze, aca asoma canke agasubiramwo amajambo y’icanditswe kivuga ibijanye na kazoza keza. Hari abakorwa ku mutima n’umuhango wo muri Bibiliya uvuga ko isi izogumaho gushika igihe kitagira urugero kandi ko abantu bazoyibako ibihe bidahera.—Zab. 37:29; Umus. 1:4.
11. Kubera iki twogerageza uburyo butandukanye mu gutanguza ibiyago, kandi twokwigana gute Paulo nk’uko bivugwa mu Baroma 1:14-16?
11 Biraba vyiza dukoresheje uburyo butandukanye mu kuyaga n’abantu mu busuku. Uti kubera iki? Kubera ko abantu batandukanye. Ibishimisha umwe vyoshobora kuba bitagwa neza uwundi. Hari abo usanga kuyaga ivy’Imana canke Bibiliya ata co bibatwaye, mu gihe abandi bavyakira neza mubanje kuyaga ibindi. Uko vyoba biri kwose, turakwiye kutagisha akaryo ko kuyagisha abantu b’uburyo bwose. (Soma Abaroma 1:14-16.) Ariko ntiwumve, twokwibuka ko Yehova ari we atuma ukuri gukura mu mitima y’abakunda ubugororotsi.—1 Kor. 3:6, 7.
INGENE TWOBWIRA UKURI ABO MURI AZIYA
Abamamaji b’Ubwami benshi baritwararika abantu bava mu bihugu bitarimwo abakirisu maze bakababwira ubukerebutsi ngirakamaro dusanga muri Bibiliya (Raba ingingo ya 12-13)
12. Twokora iki kugira dufashe abantu bo mu bihugu vya Aziya usanga batararimbura ibijanye n’Umuremyi?
12 Hirya no hino kw’isi, abamamaji benshi barahura n’abantu bo mu bihugu vya Aziya, harimwo abava mu mihingo usanga intwaro ziburabuza ibikorwa vy’amadini. Mu bihugu bitari bike vya Aziya, benshi usanga batarigera barimbura bitonze ibijanye n’Umuremyi. Hari abipfuza kubimenya bagaca bemera ko tubigisha Bibiliya, ariko hakaba n’abandi babanza gutinya kwiga ibintu batamenyereye. None twokora iki kugira tubafashe? Abamamaji bamwe bazi utuntu n’utundi barerewe mu gutangura kubayagisha kigenzi, barabereka ko babitwararitse, maze babonye ko bibereye barababwira ingene ubuzima bwabo bworushiriza kumera neza batanguye kwisunga ingingo ngenderwako kanaka yo muri Bibiliya.
13. Ni ibiki bishobora gutuma abantu bashimishwa na Bibiliya? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)
13 Abenshi batangura gushimishwa n’ukuntu Bibiliya irimwo ubukerebutsi ngirakamaro. (Umus. 7:12) Mushiki wacu umwe w’i New York agendera abantu bavuga ikimandarini. Avuga ati: “Ndagerageza kwitwararika abantu no kubatega yompi. Igihe menye ko ari umwimukira mushasha, ndashobora kumubaza nti: ‘Woba uriko uramenyera ng’aha? Woba umaze kuronka akazi? Abantu b’ino boba bagufata neza?’” Akenshi ivyo biracira uwo mushiki wacu inzira yo kumwereka iciyumviro co muri Bibiliya. Iyo abonye ko bibereye, arashobora kwongerako ati: “Wibaza ko umuntu yokora iki kugira ngo abane amahoro n’abandi? Wonkundira nkakwereka ico umugani umwe wo muri Bibiliya uvuga? Ugira uti: ‘Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have.’ Woba wibaza ko iyi mpanuro ishobora kudufasha kubana amahoro n’abandi?” (Imig. 17:14) Ibiyago nk’ivyo vyoshobora kutwereka ko umuntu yipfuza kumenya n’ibindi.
14. Umuvukanyi umwe wo muri Aziya afasha gute abantu bavuga ko batemera Imana?
14 Bite ho ku batubwira ko batemera Imana? Umuvukanyi amenyereye cane kubwira inkuru nziza abatemera Imana muri Aziya, avuga ati: “Mu bisanzwe ng’aha iyo umuntu avuze ngo ‘sinemera Imana,’ aba ashatse kuvuga ko atemera ivyo gusenga imana za basekuru. Akenshi ndamushigikira, nkamubwira ko imana hafi zose ari izakozwe n’abantu be n’uko atari imana z’ukuri. Nkunda guca nsoma Yeremiya 16:20, ahagira hati: ‘Mbega umuntu yakuwe mw’ivu yoshobora kwihingurira imana kandi zino atari imana?’ Nca ndamubaza nti: ‘Dushobora gute gutandukanya Imana y’ukuri n’izo abantu bihinguriye?’ Ndamwumviriza nitonze, maze nkamusomera Yesaya 41:23, ahagira hati: ‘Nimuvuge ibizoza mu nyuma, kugira ngo tumenye ko muri imana.’ Nca ndamwereka ukuntu Yehova yavuze ibizoba muri kazoza.”
15. Twokwigira iki ku karorero k’umuvukanyi umwe wo muri Aziya yo mu Buseruko?
15 Umuvukanyi umwe wo muri Aziya yo mu Buseruko arakoresha uburyo bukurikira iyo asubiye kugendera abo bayaze. Avuga ati: “Ndabereka uturorero tw’ingene Bibiliya irimwo ubukerebutsi ngirakamaro, ubuhanuzi bwarangutse be n’amategeko agenga inyenyeri, imibumbe n’ibindi vyo mu kirere. Nca ndabereka ingene ivyo vyose vyerekana ko hariho Umuremyi akomeye kandi w’inkerebutsi. Igihe umuntu atanguye kwemera ko Imana yoba ibaho, nca ntangura kumwereka ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova.”
16. Twisunze Abaheburayo 11:6, ni kubera iki abo twigisha bakeneye kwizera Imana na Bibiliya, kandi twobibafashamwo gute?
16 Igihe twigisha Bibiliya abakuriye aho babigisha yuko Imana itabaho, dutegerezwa kubandanya tubafasha kwizera yuko Imana iriho. (Soma Abaheburayo 11:6.) Vyongeye, turakwiye gutuma barushiriza kwemera Bibiliya. Ivyo birashobora gusaba ko dusubiramwo kenshi ivyiyumviro bimwebimwe. Igihe cose twiga n’abo bantu, vyoshobora kuba ngombwa ko tubereka ivyemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Aho hojamwo ikiyago kigufi cerekana ingene ubuhanuzi bwarangutse, ingene Bibiliya itihenda igihe ivuga ivya siyansi n’ivya kahise be n’ingene idufasha mu buzima bwa misi yose.
17. Urukundo tugaragaza rufasha abandi gute?
17 Turafasha abantu kuba abigishwa ba Kristu mu kubagaragariza urukundo, baba bemera Imana canke batayemera. (1 Kor. 13:1) Igihe tubigisha, intumbero yacu iba ari iyo kubereka ko Imana ibakunda be n’uko yipfuza ko na bo bayikunda. Buri mwaka, abantu bahoze bashimishwa buhoro canke badashimishwa namba n’ivy’Imana, barabatizwa kubera bize gukunda Imana. Ku bw’ivyo, nugume ubona ibintu mu buryo bwiza maze witwararike abantu b’uburyo bwose ubigiranye urukundo. Nubatege yompi kandi ugerageze kubatahura. Biciye ku karorero utanga, nubigishe kuba abigishwa ba Kristu.
URURIRIMBO RWA 76 Uca wiyumva gute?
a Ubu kuruta ikindi gihe cose, turashobora guhura kenshi n’abantu batagira idini canke batemera Imana. Iki kiganiro kiratwereka ingene twobabwira ukuri kwo muri Bibiliya be n’ingene twobafasha kurushiriza kwizigira Bibiliya no kwizera Yehova Imana.
b Amatohoza yagizwe yerekana ko bimwebimwe muri ivyo bihugu ari Albaniya, Azerbayijani, Danemarke, Espanye, Hong Kong, Irlande, Israyeli, Kanada, Koreya y’Epfo, Norveje, Ostraliya, Otrishe, République Tchèque, Suwede, Ubudagi, Ubufaransa, Ubuholande, Ubushinwa, Ubuswise, Ubuyapani, Ubwongereza na Vietnam.
c INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro, imvugo ngo batagira idini irerekeza no ku bantu batemera ko Imana ibaho.
d INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ariko arabwira ubutumwa uwo bakorana mu bitaro, mu nyuma na we agasuzuma inyigisho zo muri Bibiliya ku rubuga rwacu.