“Rwana Intambara Nziza yo Kwizera”
1 Intumwa Paulo yakebuye Timoteyo ngo “[a]rwan[e] intambara nziza yo kwizera.” (1 Tim. 6:12) Paulo ubwiwe yabayeho yisunga ayo majambo. Mu mpera y’ubuzima bwiwe, yavuze ashize amazinda yuko ubwiwe yari yarwanye intambara nziza. (2 Tim. 4:6-8) Mu buryo bwose, yarabandanije ubusuku ashize amanga, ari n’uburindutsi hamwe n’ukwihangana. Twiganye akarorero kiwe, turashobora gushira amazinda imbere muri twebwe yuko turiko turakora ivyo dushobora vyose mu kurwana intambara y’ukwizera kwa gikirisu.
2 Nugire Akigoro Gakenewe: Paulo yarakoze aratama mu busuku. (1 Kor. 15:10) Na twebwe ni ko tubigira mu kurondera kubona mu karere kacu abo bose babibereye. (Mat. 10:11) Kugira dushikire bamwe muri bo, vyoshobora gusaba ko turinda kuzinduka kare kugira dushingire intahe abo duhura mu nzira. Canke hari aho vyosaba ko dukora ku kagoroba canke buhwibiriye kugira dusange abantu bamaze gutaha i muhira iwabo.
3 Ivyo bisaba kwishingira akarimbi be n’ugutondeka ibintu neza kugira dushike ku gihe iyo dukoranira hamwe n’umugwi wacu w’inyigisho y’igitabu kugira tuje mu murimo wo mu ndimiro. Nk’akarorero, bamwebamwe mu bagize umuryango wa Beteli barafata urugendo rw’iminuta 60 baja mu murimo ku mpera z’imishamvu bari kumwe n’amashengero bakukira. Ikindi kandi, turashobora gukeza abamamaji bamwebamwe n’imiryango imwimwe bo mw’ishengero ryacu bagira ingendo zitari nto ariko ntibakererwe. Uburorero mwene ubwo bw’ubwira n’ukwitunganiriza ibintu burabereye kwiganwa.
4 Turakwiye kuvyurirwa agatima ko gukurikirana ugushimishwa kwose tubonye. Mbere n’igihe dusigira abantu ibisohokayandikiro ku nzira canke igihe akaryo kizanye, turakeneye kugira akigoro ko kuronka aderese y’uwo muntu canke inomero za telefone ziwe. Maze turashobora kumuhamagara kugira ngo dutsimbataze ugushimishwa kandi twihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
5 Nugire Uruhara Udahorereza mu Murimo: Paulo yaramamaza inkuru nziza ata kuba mahindagu kandi akanoganza. (Rom. 15:19) Weho bite? Woba ugira uruhara mu busuku udahorereza? Woba umaze kwitaba umurimo wo mu ndimiro muri uku kwezi? Abarongora Inyigisho z’Igitabu z’Ishengero bazoshimishwa no kubona umwe wese mu bagize umugwi wabo agira uruhara mu busuku muri Myandagaro. Bazobigufashamwo.
6 Twiganye akarorero ka Paulo mu gushigikira bimwe vyuzuye inkuru nziza, tuzobandanya “[k]urwana intambara nziza yo kwizera.”