ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/00 rup. 1
  • Woba Uriko Urihangana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uriko Urihangana?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • “Muzirikane mwitonze umwe yihangana”
    “Ingo unkurikire”
  • “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nugume wiyegereje ishirahamwe rya Yehova
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Niwigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 8/00 rup. 1

Woba Uriko Urihangana?

1 “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 4) Ukwihangana kw’abana ba Yohani bo mu vy’impwemu kwaramuzaniye umunezero mwinshi. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bihimbara Data wo mw’ijuru kubona amamiliyoni y’abitezwe kuzoba abana biwe “bagendera mu kuri”!—Imig. 23:15, 16; 27:11.

2 Mu gihe abantu b’Imana muri rusangi bariko barakovya mu murimo wa gikirisu babigiranye umwete, hariho bamwe bagiye baradendebukirwa. Naho abo boba bahoze ari abanyabwira aho bari baciga ukuri, uko hagiye haca imyaka, bahavuye bagira akamenyero ko kugira gusa uruhara rutoya canke bakaja barasibiriza muri ca gikorwa co guhindura abantu abigishwa.

3 Birumvikana, bamwe boshobora kuba baradendebukiwe kubera amagara mabi be n’ingaruka z’ubusaza. Ariko rero, barakwiye gushimirwa kubera ukwihangana kwabo. Bariko barakora ivyo bashobora. Mugabo uwo wese yeguriye ubuzima bwiwe Imana arakwiye kwibaza ati: ‘Noba narirekeranye mu gukurikirana canecane ivyanje gushika aho inyungu z’Ubwami zigira ikibanza gitoya mu buzima bwanje? Noba naracitse “ūdakonje,” canke noba “[ngi]shishikara” kwihata?’ (Ivyah. 3:15; Luka 13:24) Ese twese twozirikana mw’isengesho ku vyo turiko turakora kandi tukagira ivyo turyohoye aho bikenewe, tukamiza ku muzirikanyi yuko Yehova yasezeranye kuzoha “ubgiza n’icubahiro n’amahoro . . . [u]muntu wese akora ivyiza.”—Rom. 2:10.

4 Ukuntu Wokwihangana: Ni igiki cafashije Yezu kwihangana? Paulo yasobanuye ati: “Kubg’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye [“igiti c’ukubabarizwako,” NW], ntiyagira ikindi isoni za[c]o, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.” (Heb. 12:1-3) Umunezero washizwe imbere ya Yezu warasumba kure n’iyo ibigeragezo vy’akanya gato yabwirijwe guhangana na vyo. Kugumiza ku muzirikanyi uwo munezero washizwe imbere yacu na vyo nyene biradufasha kwihangana. (Ivyah. 21:4, 7; 22:12) Mu gihe duhanga amaso Yehova ngo aduhe inkomezi biciye ku kwiyigisha, ku kwitaba amakoraniro ubudahorereza hamwe no ku gukovya mw’isengesho, tuzoshobora gushishikara mu gikorwa yaduhaye gukora.

5 Yehova arahimbarwa n’ukwihangana kw’abantu b’intahemuka. Nimuze rero twongereze umunezero wiwe mu “[k]ugendera mu kuri” ubudahengeshanya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika