ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr19 Mukakaro rup. 1-8
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
  • Udutwe
  • 1-7 MUKAKARO
  • 8-14 MUKAKARO
  • 15-21 MUKAKARO
  • 22-28 MUKAKARO
  • 29 MUKAKARO–4 MYANDAGARO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
mwbr19 Mukakaro rup. 1-8

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

1-7 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAKOLOSAYI 1-4

“Mwambure wa muntu wa kera, hanyuma mwambare mushasha”

(Abakolosayi 3:5-9)

w11 15/3 9-10 ing. 12-13

Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi

12 Ni impwemu iyihe ngaragaza? (Soma Abakolosayi 3:8-10, 13.) Impwemu y’isi iraremesha ibikorwa vy’umubiri. (Gal. 5:19-21) Usanga vyoroshe kumenya impwemu itwosha iyo ari yo igihe ibintu vyifashe neza, mugabo ugasanga ntivyoroshe igihe ibintu bigoye, nk’igihe umuvukanyi canke mushiki wacu mukirisu atwirengagije, igihe atubabaje canke mbere igihe aducumuyeko. Vyongeye, igihe turi ahiherereye mu ngo zacu, impwemu itwosha yoshobora kwigaragaza. Vyoshobora kuba ngombwa ko twisuzuma. Niwibaze uti: ‘Mu mezi atandatu aheze, kamere yanje yoba yararushirije kuba nk’iya Kristu canke noba narasubiye mu ngeso zimwezimwe mbi mu vyo mvuga no mu vyo nkora?’

13 Impwemu y’Imana irashobora kudufasha “[k]wambur[a] wa muntu wa kera n’ingeso ziwe” maze tukambara “wa muntu mushasha.” Ivyo bizodufasha kurushiriza kuba abantu bakundana kandi b’abanyabuntu. Tuzogira agatima ko kubabarirana ata gahigihigi, mbere n’igihe dusa n’abafise imvo yumvikana yo kwidoga. Ntituzoba tukiri abantu baca bagira “umururazi ubabaza . . . n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana” nivyashika hakagira abaturenganya. Ahubwo nyabuna, tuzokwihatira kugira “impuhwe z’ikibabarwe.”​—Ef. 4:31, 32.

(Abakolosayi 3:10-14)

w13 15/9 21 ing. 18-19

Woba warahinduwe?

18 Kugira ngo Ijambo ry’Imana ritume tugira amahinduka akenewe, gusoma Bibiliya no kuyiga ni intango gusa. Abantu benshi barasoma Bibiliya rimwe na rimwe ku buryo bahavuye bamenya ivyo ivuga. Ushobora kuba umaze guhura n’abantu nk’abo igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Hari mbere n’abashobora gusubiramwo ku mutwe imirongo yo muri Bibiliya. Yamara, ivyo bishobora kuba ata co bihindura ku kuntu biyumvira no ku kuntu babayeho. None habuze iki? Kugira ngo Ijambo ry’Imana rigire ico rikoze ku muntu maze rimuhindure, ategerezwa kurireka rikinjira mu mutima. Ku bw’ivyo, turakeneye gufata akanya ko kuzirikana ku vyo twiga. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba najijutse yuko ibi atari gusa inyigisho ijanye n’idini? Noba nabonye ko ari ukuri? Vyongeye, noba mbona ukuntu noshira mu ngiro mu buzima bwanje bwite ivyo niga simbone gusa ko ari ikintu noshobora kwigisha abandi? Noba mbona ko ari jewe Yehova ariko arabwira?’ Kuzirikana ku bibazo nk’ivyo birashobora kudufasha kurushiriza kwiyumvamwo Yehova. Urwo tumukunda ruzokwongerekana. Nitwakorwa ku mutima muri ubwo buryo, bizotuma tugira ivyo duhinduye.​—Imig. 4:23; Luka 6:45.

19 Gusoma Ijambo ry’Imana tudahorereza no kurizirikanako bizotuvyurira umutima wo kubandanya gukora ivyo dushobora kuba tumaze gukora ku rugero runaka, ivyo na vyo bikaba ari ‘ukwambura wa muntu wa kera n’ingeso ziwe, hanyuma tukambara wa muntu mushasha, umwe agirwa mushasha biciye ku bumenyi butagira amakosa.’ (Kol. 3:9, 10) Egome, turashobora kubandanya kuroranirwa uko turushiriza gutahura Ijambo ry’Imana no kureka rikagira ico ridukozeko. Kamere nshasha ya gikirisu tuzoba twaronse izodufasha kwikingira amayeri ya Shetani.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Abakolosayi 1:13, 14)

it-2 833 ing. 4-6

Ubwami bw’Imana

‘Ubwami bw’Umwana wayo ikunda.’ Kuri Pentekoti yo mu 33, hakaba hari haciye imisi 10 Yezu aduze mw’ijuru, yarasutse impwemu nyeranda ku bigishwa biwe, gutyo baba baronse ikimenyamenya c’uko yari “yashizwe hejuru iburyo bw’Imana.” (Ivk 1:8, 9; 2:1-4, 29-33) Rya “sezerano rishasha” rero ryari ritanguye gukora, maze bacika intimatima y’ihanga rishasha, “ihanga ryeranda” ari ryo Isirayeli y’Imana.​—Heb 12:22-24; 1Pt 2:9, 10; Gl 6:16.

Kristu rero yari yicaye iburyo bwa Se, kandi yari yabaye Umutwe w’iryo shengero. (Ef 5:23; Heb 1:3; Fp 2:9-11) Ivyanditswe vyerekana ko kuva kuri Pentekoti yo mu 33 Yezu yatanguye kuganza abigishwa biwe. Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Kolosayi, yavuze ko Yezu Kristu yari amaze kugira ubwami. Yavuze ati: “[Yehova] yaraturokoye adukiza ububasha bw’umwiza atwimurira mu bwami bw’Umwana w’urukundo rwiwe.”​—Kl 1:13; gereranya na Ivk 17:6, 7.

Ubwo bwami Kristu yagize kuva kuri Pentekoti yo mu 33 bwari ubwo mu buryo bw’impwemu, bukaba bwaganza Isirayeli y’Imana, iyigizwe n’abakirisu bavyawe n’impwemu nyeranda y’Imana kugira ngo bacike abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu. (Yoh 3:3, 5, 6) Abo bakirisu bavyawe n’impwemu nibaronka impera yabo mw’ijuru, ntizoba bakiri abatwarwa bo kw’isi bw’ubwo bwami bwa Kristu, ahubwo bazoba abami bafadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru.​—Ivy 5:9, 10.

(Abakolosayi 2:8)

w08 15/8 28 ing. 8

Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Bagalatiya, ku Banyefeso, ku Bafilipi be no ku Bakolosayi

2:8​—“Ibintu vy’intango vyo mw’isi” Paulo yagabishijeko ni ibihe? Ivyo ni ibintu vyo mw’isi ya Shetani, ni ukuvuga ivyo yisunga canke ibintu nyamukuru biyigize, biyiyobora, canke bituma igira ivyo ikoze. (1 Yoh. 2:16) Muri ivyo harimwo amafilozofiya yo muri ino si, uguhahamira amaronko kwayo be n’amadini y’ikinyoma yayo.

8-14 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABATESALONIKA 1-5

“Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu”

(1 Abatesalonika 5:11-13)

w11 15/6 26 ing. 12

“Muhe iteka abakora cane muri mwebwe”

12 ‘Guhagarikira’ ishengero birimwo n’ibindi uretse gusa kwigisha. Iyo mvugo nyene irakoreshwa muri 1 Timoteyo 3:4. Paulo yavuze ko umucungezi akwiye kuba “umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite, afise abana bayoboka ata gufyina namba.” Imvugo ikoreshwa ng’aho ngo “ahagarikira” biragaragara ko itarimwo gusa kwigisha abana biwe mugabo kandi irimwo no kuja imbere mu muryango no “[kugira] abana bayoboka.” Egome, abakurambere baraja imbere mw’ishengero, bagafasha abarigize bose kuyobokera Yehova.​—1 Tim. 3:5.

w11 15/6 28 ing. 19

“Muhe iteka abakora cane muri mwebwe”

19 Wokora iki hamwe woronka ingabirano yakorewe canecane wewe? Woba wokwerekana ko uyikenguruka mu kuyikoresha? Yehova yarakuronkeje “ingabirano z’abagabo” abicishije kuri Yezu Kristu. Uburyo bumwe ushobora kwerekana ko ukenguruka izo ngabirano ni mu gutega yompi insiguro zishikirizwa n’abo bakurambere no mu kugerageza gushira mu ngiro ivyiyumviro bashikiriza. Urashobora kandi kwerekana ko ukenguruka mu gutanga insasanuro ziri n’ico zivuze ku makoraniro. Nushigikire igikorwa abakurambere bahagarikira, nk’akarorero ubusuku bwo mu ndimiro. Nimba warungukiye ku mpanuro wahawe n’umukurambere munaka, ubona gute ubimubwiye? N’ikindi kandi, ubona gute ukengurukiye imiryango y’abakurambere? Uribuka yuko kugira ngo umukurambere akore cane mw’ishengero, umuryango wiwe wemera guheba umwanya wari kumarana na we.

(1 Abatesalonika 5:14)

w17.10 10 ing. 13

“Dukundane . . . mu bikorwa no mu kuri”

13 Nufate mu mugongo abagoyagoya. Ukuntu twakira itegeko ryo muri Bibiliya ridusaba ‘gufata mu mugongo abagoyagoya no kwiyumanganya kuri bose,’ birashobora kwerekana nimba dufise urukundo nyakuri. (1 Tes. 5:14) Naho abagoyagoya benshi mu nyuma bacika abakomeye mu kwizera, hari abakenera ko tubihanganira, tukaguma tubafasha. None twobafasha gute? Turashobora kubaremesha dukoresheje Bibiliya, tukajana mu ndimiro, canke tukabatega yompi igihe batuyagira. Vyongeye, aho kwiyumvira gusa ko umuvukanyi canke mushiki wacu akomeye canke agoyagoya, turakwiye gutahura ko bose bafise aho bakomeye n’aho bagoyagoya. N’intumwa Paulo yaremera ko afise ubugoyagoye. (2 Kor. 12:9, 10) Twese rero turashobora kwungukira ku ndemesho z’abavukanyi bacu.

w15 15/2 9 ing. 16

Twigane ukwicisha bugufi kwa Yezu n’ikibabarwe ciwe

16 Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga. Ikibabarwe tugaragariza abandi gituma “[tuyagisha] abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Tes. 5:14) Twovuga iki kugira turemeshe abantu nk’abo? Twoshobora kubahumuriza mu kubereka ko tubitwararika vy’ukuri. Turashobora kubakeza tubikuye ku mutima kugira tubafashe kubona ko bafise kamere nziza be n’uko hari ivyo bashoboye. Turashobora kubibutsa yuko Yehova yabakwegereye ku Mwana wiwe, akaba rero abona ko bategerezwa kuba ari ab’agaciro. (Yoh. 6:44) Turashobora kubasubiriza umutima mu nda ko Yehova yitwararika cane abasavyi biwe bafise “umutima umenetse,” ni ukuvuga “bajanjaguritse mu mutima.” (Zab. 34:18) Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga arashobora kwirura abakeneye guhozwa.​—Imig. 16:24.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(1 Abatesalonika 4:3-6)

it-1 921

Ubusambanyi

Ubusambanyi ni icaha gishobora gutuma umuntu acibwa mw’ishengero. (1Kr 5:9-13; Heb 12:15, 16) Intumwa Paulo avuga ko umukirisu akoze ubusambanyi aba acumuye ku mubiri wiwe bwite, kuko aba akoresheje ibihimba vy’irondoka ico bitagenewe. Aragira ingorane zikomeye mu vy’impwemu, agahumanya ishengero ry’Imana, kandi akishira mu kaga ko kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. (1Kr 6:18, 19) Aba arenze ku burenganzira bw’abavukanyi biwe (1Ts 4:3-7) kubera ko (1) aba yinjije ubuhumane mw’ishengero be n’ubusazi butagira izina, agatuma risigwa iceyi (Heb 12:15, 16), (2) aba yambuye ubuntu uwo bakoranye ubusambanyi, kandi nimba uno atarubaka, aba amwatse agateka ko kuzokwubaka urwiwe atanduye, (3) aba atukishije umuryango wiwe, (4) aba agiriye nabi abavyeyi b’uwo basambanye, umugabo wiwe, canke uwumureheje. Uwukoze ico caha ntaba akengereye abantu, kuko amategeko bobo bashinga hari igihe atiyamiriza ubusambanyi, ahubwo aba akengereye Imana, yoyo izomuhana ku bw’ico caha.​—1Ts 4:8.

(1 Abatesalonika 4:15-17)

w15 15/7 18-19 ing. 14-15

“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!

14 Ni igiki kizoba Gogi w’i Magogi amaze gutangura kugaba igitero ku basavyi b’Imana? Muri Matayo no muri Mariko higana hati: “[Umwana w’umuntu] azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru.” (Mrk. 13:27; Mat. 24:31) Ico gikorwa co gukoraniriza hamwe abatowe nticerekeza ku gikorwa co gukoraniriza hamwe abarobanuwe kiba ubwa mbere; eka kandi nticerekeza ku kudoma ikidodo ubwa nyuma ku barobanuwe bazoba bakiri kw’isi. (Mat. 13:37, 38) Ukwo kubadomako ikidodo kuba imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:1-4) None ico gikorwa co gukoraniriza hamwe Yezu avuga, kizoba ryari? Kizoba abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi baronse impera yabo yo kuja mw’ijuru. (1 Tes. 4:15-17; Ivyah. 14:1) Ivyo bizoshika ca gitero ca Gogi w’i Magogi kimaze gutangura. (Ezk. 38:11) Amajambo ya Yezu azoca rero aranguka. Avuga ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.”​—Mat. 13:43.

15 Ivyo vyoba bisobanura ko hazoba icitwa ngo ni ukuduzwa kw’abarobanuwe? Abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakirisu bisunze iyo nyigisho, bemera ko abakirisu bazoduzwa bari mu mubiri bakuwe kw’isi. Biteze rero ko Yezu azogaruka mu buryo buboneka aje kuganza isi. Ariko rero, Bibiliya irerekana neza yuko “ikimenyetso c’Umwana w’umuntu” kizoboneka mw’ijuru be n’uko Yezu azoza “ku bicu vyo kw’ijuru.” (Mat. 24:30) Izo mvugo zompi zerekeza ku kintu kitaboneka. Bibiliya ivuga kandi ko “inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana.” Ku bw’ivyo, abazojanwa mw’ijuru bazoba bakeneye kubanza ‘guhindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe mu gihe c’urumbete rwa nyuma.’ (Soma 1 Abakorinto 15:50-53.) Naho rero ng’aha tudakoresha imvugo ukuduzwa kubera ko itanga iciyumviro kitari co, abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bazokoranirizwa hamwe mu kanya isase.

15-21 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABATESALONIKA 1-3

“Ihishurwa rya wa mugarariji”

(2 Abatesalonika 2:6-8)

it-1 221

Ukwihebera Imana

Aha turahabona akandi kayobera, kadacana uwaka n’“ibanga ryeranda” ry’Imana. Ni “akayobera k’ubwo bugarariji.” Kari akayobera ku bakirisu b’ukuri kuko mu gihe c’intumwa Paulo akaranga ka “wa muntu w’ubugarariji” katari bwatomoke, ngo abagize uwo mugwi bamenyekane neza. Mbere n’igihe uwo “muntu” yomenyekanye, akaranga kiwe kogumye ari amayobera ku bantu benshi kuko yokoze ibintu bibi yiyoberanije kandi akabigira mw’ishusho y’ukwihebera Imana. Mu bisanzwe, ubwo bwobaye ari ubuhuni ntikwobaye ari ukwihebera Imana. Paulo yavuze ko “akayobera k’ubwo bugarariji” kari karatanguye gukora mu gihe ciwe, kuko mw’ishengero harimwo abantu bafise agatima k’ubugarariji bohavuye bacika abagize uwo mugwi w’abahuni. Amaherezo Yezu Kristu yobaranduye biciye ku kwigaragaza kw’ukubaho kwiwe. Uwo “muntu” w’umuhuni akoreshwa na Shetani yokwishize “hejuru y’icitwa imana cose canke ikintu gisengwa” (mu kigiriki ni seʹba·sma). Ivyo vyotumye uwo mwansi mukuru w’Imana akaba n’igikoresho ca Shetani, ayovya abantu bimwe bidasanzwe kandi agakwegera agatikizo abomuyobotse. Icotumye uwo “muntu w’ubugarariji” yererwa cane, ni uko ububi bwiwe yobukoze yiyambitse ishusho y’ukwihebera Imana.​—2Ts 2:3-12; gereranya na Mt 7:15, 21-23.

(2 Abatesalonika 2:9-12)

it-2 255 ing. 7

Ikinyoma

Yehova Imana arareka ‘ubuzimire bugakorera’ ku bantu bikundira ibinyoma kugira “ngo bemere ikinyoma” aho kwemera inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu. (2Ts 2:9-12) Ivyo turabibonera mu vyashikiye Umwami Ahabu wa Isirayeli, ibinjana nka bingahe imbere y’aho. Abahanuzi b’ikinyoma baremeje Ahabu ko yotsinze Ramoti-gileyadi mu ntambara, ariko umuhanuzi wa Yehova Mikaya wewe yari yavuze ko yoshikiwe n’ivyago. Nk’uko Mikaya yavyeretswe, Yehova yararetse ikiremwa c’impwemu gicika “impwemu ihendana” mu kanwa k’abahanuzi ba Ahabu. Ivyo bisobanura ko uwo mumarayika yakoresheje ububasha bwiwe, ku buryo batavuga ukuri ahubwo bavuga ivyo bashaka be n’ivyo Ahabu ashaka kwumva. Naho Ahabu yari yaburiwe, yahisemwo kwemera ibinyoma vyabo aruhira kuhasiga ubuzima.​—1Bm 22:1-38; 2Ng 18.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(2 Abatesalonika 1:7, 8)

it-1 890 ing. 6

Umuriro

Petero yanditse yuko “amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro.” Turavye amakikuro be n’ibindi vyanditswe, biraboneka ko atari umuriro nya muriro ahubwo ko ari ukurandurwa kw’ibihe bidahera. Kurya nyene umwuzure wo mu gihe ca Nowa utatikije amajuru nya majuru n’isi butaka, mugabo ugatikiza gusa abatibanga Imana, ni ko n’ihishurwa rya Yezu Kristu ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha mu muriro uyingana rizomera. Rizotikiza burundu abatibanga Imana gusa be n’ivy’iyi si mbi yabo.​—2Pt 3:5-7, 10-13; 2Ts 1:6-10; gereranya na Yes 66:15, 16, 22, 24.

(2 Abatesalonika 2:2)

it-1 1188 ing. 1

Guhumekerwa

“Ijambo ry’irihumekano”: Iry’ukuri n’iry’ikinyoma. Ijambo ry’ikigiriki pneuʹma (impwemu) rirakoreshwa mu buryo budasanzwe mu bitabu bimwebimwe vyanditswe n’intumwa. Nk’akarorero, mu 2 Abatesalonika 2:2, intumwa Paulo ahimiriza abavukanyi b’i Tesalonika kudaterwa ubwoba canke kutanyiganyizwa ngo bave ku kwiyumvira kwabo, vyaba biciye “kw’ijambo ry’irihumekano [ijambo ku rindi ni “impwemu”] canke ubutumwa bwo ku munwa canke ikete nk’aho vyoba bivuye iwacu, bivuga ko umusi wa Yehova ushitse.” Biragaragara ko Paulo akoresha ijambo pneuʹma (impwemu) nka bumwe mu buryo bwo guhanahana amakuru, cokimwe n’“ubutumwa bwo ku munwa” canke “ikete.” Ni co gituma igitabu kimwe (Commentary on the Holy Scriptures) kivuga ku bijanye n’uwo murongo giti: “Ng’aha iyo ntumwa ishaka kuvuga ubutumwa bwitwa ko bwahumetswe, imburi z’ibinyoma canke amajambo y’abahanuzi.” Ikindi gitabu canditswe n’uwitwa Vincent (Word Studies in the New Testament) kigira giti: “[Imvugo ngo] ‘biciye ku mpwemu,’ isa n’iyerekeza ku majambo y’ubuhanuzi yavugirwa mu mashengero n’abantu bavuga ko berekwa n’Imana.” Naho rero muri uyu murongo be no mu yindi Bibiliya zimwezimwe zihindura ijambo pneuʹma ngo “impwemu,” hari izindi zirihindura ngo “ubutumwa buva ku Mpwemu” (The Bible​—An American Translation), “kuvuga ibizoba” (The Jerusalem Bible), “guhumekerwa” (D’Ostervald; Segond [Igifaransa]), “ijambo ry’irihumekano” (NW).

22-28 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 TIMOTEYO 1-3

“Nurondere gushikira igikorwa ciza”

(1 Timoteyo 3:1)

w16.08 21 ing. 3

Woba ubona ko ukeneye gutera imbere mu vy’impwemu?

3 Soma 1 Timoteyo 3:1. Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kurondera gushikira’ risobanura kuramvura ukuboko kugira ngo utore ikintu, kumbure kiri kure y’aho ushobora guhamvya. Intumwa Paulo yakoresheje iryo jambo kugira ngo yerekane ko iterambere ryo mu vy’impwemu risaba akigoro. Dufate ko hari umuvukanyi ariko arazirikana kuri kazoza kiwe mw’ishengero. Naho ashobora kuba ataraba umukozi w’ishengero, arabona ko akeneye kuryohora kamere zo mu vy’impwemu. Abanza kwihatira gukwiza ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero. Mu nyuma, arizigira ko azokwiza ibisabwa akaba umukurambere. Muri ivyo bihe vyompi, aragira akigoro kugira ngo akwize ibisabwa bizotuma yitwararika amabanga yiyongereye mw’ishengero.

(1 Timoteyo 3:13)

km 9/78 4 ing. 7

‘Abironsa impagararo nziza’

7 Biroroshe rero kubona igituma Paulo yavuze ko mwene abo bagabo baba ‘bariko barironsa impagararo nziza.’ Ukwo si ukuduzwa igiti mw’ishengero, nk’uko bamwe bavyiyumvira. Ahubwo, abakozi b’ishengero “bakora neza” barironkera imihezagiro iva kuri Yehova na Yezu, kandi abagize ishengero bose barabubaha bakongera bakabashigikira. Birabereye kubona baronka “umwidegemvyo wo kuvuga mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu.” Kubera ko barangura iryo banga n’ubwizigirwa barashimwa ku bw’igikorwa ciza bakora. Bafise ukwizera gukomeye kandi barashobora kukubwira abandi ata bwoba kandi ata gutinya ko bohava batorwa amahinyu.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(1 Timoteyo 1:4)

it-1 980

Amamuko

Kwiga no kugira ubushakashatsi ku bijanye n’ivyo bintu nta co vyari bimaze, na canecane igihe Paulo yandikira Timoteyo. Kubika inzandiko zokwemeza umuryango umuntu akomokamwo ntivyari bigihambaye, kuko ico gihe imbere y’Imana ata tandukaniro ryariho hagati y’Umuyuda n’Umunyamahanga. (Gl 3:28) Kandi inzandiko z’ivy’amamuko zari zaramaze kwerekana ko Kristu yokomotse mu muryango wa Dawidi. Vyongeye, inyuma y’igihe gito Paulo atanze iyo mpanuro, Yeruzalemu yosanganguwe be n’inzandiko zose z’Abayuda. Kandi Imana ntiyazizigurije. Ni co gituma Paulo yashaka ko Timoteyo be n’abagize ishengero badata umwanya mu bintu bidahambaye bagira ubushakashatsi n’impari ku bintu vy’amamuko, kandi ata na kimwe bifasha umukirisu mu kwizera. Urutonde rw’ivy’amamuko dusanga muri Bibiliya rurakwiye kugira rwemeze ko Kristu ari we Mesiya, urwo akaba ari rwo ruhambaye cane ku bakirisu. Izindi nkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’amamuko ni ikimenyamenya c’uko ibivugwa muri yo ari ivy’ukuri, kandi ko bihuza neza n’inkuru z’ivya kahise.

(1 Timoteyo 1:17)

cl 12 ing. 15

‘Ehe Iyi Ni yo Mana Yacu’

15 Irindi zina ry’icubahiro rikoreshwa kuri Yehova wenyene ni “Umwami w’ibihe bidahera.” (1 Timoteyo 1:17; Ivyahishuriwe 15:3) None iryo risobanura iki? Ubwenge bwacu bufise aho bugarukira birabugora gutahura ukuntu Yehova yamyeho muri kahise n’ukuntu azokwamaho muri kazoza. Zaburi ya 90:2 igira iti: “Uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.” Rero, Yehova ntiyigeze agira intango; yamyeho. Mu buryo bukwiriye yitwa “Uwa mbere na mbere,” kubera yuko yabayeho ibihe vyose ata muntu n’umwe canke ikintu na kimwe kirabaho! (Daniyeli 7:9, 13, 22) Ni nde yovuga ko afise imvo yumvikana yo gukekeranya ku burenganzira Yehova afise bwo kuba Umukama Segaba?

29 MUKAKARO–4 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 TIMOTEYO 4-6

“Kwihebera Imana canke ubutunzi”

(1 Timoteyo 6:6-8)

w03 1/6 9 ing. 1-2

Kumenya akabanga ko kubumbwa n’ivyo ufise

Ikintu ahanini catumye Paulo agira agahimbare be n’ugushira akanyota, ni ukuntu yatahura ico ari co kubumbwa n’ivyo umuntu afise. None kubumbwa n’ivyo ufise bisobanura iki? Tubivuze mu buryo bworoshe, bisobanura kumarwa ipfa n’ibintu vy’ishimikiro ufise. Ku bijanye n’ivyo, Paulo yabwiye Timoteyo, uwamuherekeza mu busuku ati: “Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ufise kuvamw’inyungu nyinshi koko: kukw ata co twazanye mw isi kand’ata co dushobora kuyivanamwo. Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye”.​—1 Timoteyo 6:6-8.

Urabona ko kubumbwa n’ivyo umuntu afise Paulo yabisanishije n’ukwubaha Imana. Yaremeye icese yuko ubuhirwe nyakuri buva ku kwubaha Imana, ni ukuvuga gushira umurimo turangurira Imana mu kibanza ca mbere, atari ugushira imbere ivy’umubiri canke ubutunzi. ‘Ivyo yarya n’ivyo yambara’ ni bwo buryo bwonyene yari afise bwamufasha kubandanya akurikira ukwubaha Imana. Kuri Paulo rero, akabanga ko kubumbwa n’ivyo umuntu afise kwari ukwiheka kuri Yehova, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.

(1 Timoteyo 6:9)

g 6/07 6 ing. 2

Ingene kwiyemeza kuba umutunzi vyokugirako ingaruka

Ego ni ko, abantu benshi biruka inyuma y’ubutunzi si bose bahasiga ubuzima. Ariko ubuzima burashobora kubaca mu myanya y’intoke bariko bariruka inyuma yabwo. Vyongeye, barashobora kugira amagara mabi nka hamwe umwitwarariko w’akazi canke ihungabana mu vy’ubutunzi bitumye bahagarika cane umutima, babura itiro, bama bamenetse umutwe canke barwara umushishito, izo zikaba ari ingorane zituma umuntu ataramba. Vyongeye, naho umuntu yokwikubita agashi kugira ahindure ibintu, hari igihe asanga ata co agikiza. Kumbure uwo bubakanye ntakimwizigira, abana ntibakimwiyumvamwo, canke akaba atagifise amagara meza. Hari aho zimwe muri izo ngorane zoshobora gutunganywa, ariko bizosaba akigoro gakomeye cane. Mu vy’ukuri, mwene abo bantu baba ‘baritobekeranishije hose imibabaro myinshi.’​—1 Timoteyo 6:10.

(1 Timoteyo 6:10)

g 11/08 6 ing. 4-6

Ibintu bitandatu vyodufasha kuroranirwa mu buzima

Nk’uko twabibonye mu kiganiro gitangura, abantu biruka inyuma y’ubutunzi bibaza ko ari co cotuma baroranirwa, baba bariko bariruka inyuma y’umuyaga. Bagira kuvunika umutima bakongerako n’imibabaro myinshi. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe, kubera kwiruka inyuma y’ubutunzi, kenshi barata imiryango yabo n’abagenzi. Abandi na bo ntibaba bakiryama bikwiye. Baraheba agatiro kubera akazi kenshi, ahandi na ho bakakabura kubera amaganya n’imyitwarariko. Mu Musiguzi 5:12 hagira hati: “Agatiro k’uwukora karasosa, yaba arya bike canke vyinshi; mugabo umukimba w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro.”

Amahera si mabi gusa, aranahendana. Yezu Kristu yaravuze ivy’“ububasha buhendana bw’ubutunzi.” (Mariko 4:19) Mu yandi majambo, ubutunzi bwereka umuntu ko azohimbarwa ariko ako gahimbare nta ko yigera aronka. Ahubwo aguma yipfuza kuronka n’ibindi. Mu Musiguzi 5:10 hagira hati: “Inkunzi y’amahera ntizohazwa n’amahera.”​—Bibiliya Yera.

Muri make, gukunda amahera ntivyigera bidushikana ku co twipfuza, ahubwo amaherezo bituma ducika intege, duta umutwe canke mbere tugakora ikibi. (Imigani 28:20) Agahimbare no kuroranirwa biva nyabuna ku gutanga, ku kubabarira abandi, ku kuba tudahumanye mu nyifato runtu, ku rukundo be no ku kwitaho ivy’Imana.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(1 Timoteyo 4:2)

lvs 23-24 ing. 17

Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza

17 Intumwa Petero yanditse ati: “Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.” (1 Petero 3:16) Ikibabaje ni uko iyo abantu bagumye birengagiza ingingo ngenderwako za Yehova, ijwi ryabo ryo mu mutima ritaba rikibaburira. Paulo yavuze ko ijwi ryo mu mutima nk’iryo riba rimeze nk’‘iryokeshejwe icuma kirungurije.’ (1 Timoteyo 4:2) Woba umaze gusha gushika n’aho urukoba rutimba ku buryo aho hantu ata na kimwe hasubira kwumva? Iyo umuntu agumye akora ibintu bibi, ijwi ryiwe ryo mu mutima rirashobora gutimba, rigashika n’aho ritaba rigikora.

(1 Timoteyo 4:13)

it-2 122 ing. 1-2

Gusomera imbere y’abantu

Mw’ishengero rya gikirisu. Mu kinjana ca mbere, ni bake wasanga bafise imizingo itandukanye ya Bibiliya. Ivyo rero vyatuma hakenerwa uwusomera imbere y’abantu. Intumwa Paulo yategetse ko amakete yiwe asomerwa imbere y’abantu mu gihe c’amakoraniro y’ishengero, ategeka n’uko ayo makete aca arungikwa mu yandi mashengero kugira ngo na ho nyene bayasome. (Kl 4:16; 1Ts 5:27) Paulo yahanuye Timoteyo umucungezi yari akiri muto ngo yijukire ‘gusomera imbere y’abantu, guhimiriza, no kwigisha.’​—1Tm 4:13.

Uwusomera imbere y’abantu akwiye gusoma atadidinganya. (Hab 2:2) Kubera ko ukwo gusoma gufise intumbero yo kwigisha abandi, uwusoma ategerezwa kuba atahura neza ivyo asoma be n’ico umwanditsi yashaka guserura, akaba maso mu gusoma kugira ngo ntatange iciyumviro kitari co canke ngo ayovye abumviriza. Nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 1:3, abasoma ubwo buhanuzi n’ijwi ryumvikana be n’abumva ayo majambo kandi bakayubahiriza, barahiriwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika