ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w20 Munyonyo rup. 8-11
  • Abasubira mu gihugu cabo c’amavukiro barironkera imihezagiro myinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasubira mu gihugu cabo c’amavukiro barironkera imihezagiro myinshi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “MU KIBANZA CIZA CO ‘KUROBERAMWO’”
  • UMUNEZERO WO KURONKA ABANA BO MU VY’IMPWEMU
  • BARIBONEYE INGENE YEHOVA ABASHIGIKIRA
  • UMUNEZERO WO GUFASHA ABANTU KWIYEGURIRA YEHOVA
  • “TWAKOZE NEZA NA NEZA IVYO TWIPFUZA GUKORA”
  • “Narigiye ku bandi ibintu vyinshi cane!”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ubuzima buhimbaye mu murimo wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Baritanze babikunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ingene wokwagura umurimo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
w20 Munyonyo rup. 8-11
Onésime na Géraldine bariko barabwira inkuru nziza umudandaza wo mu karere iwabo.

Onésime na Géraldine

Abasubira mu gihugu cabo c’amavukiro barironkera imihezagiro myinshi

ABAVUKANYI na bashiki bacu batari bake bava mu bihugu bikenye bari barimukiye mu bihugu vya Buraya na Amerika kurondererayo ubuzima, baragarutse mu gihugu cabo c’amavukiro. Urukundo bakunda Yehova na bagenzi babo, rwaratumye bimukira mu turere aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. (Mat. 22:37-39) None ni ibiki bemeye guheba kandi ni ivyiza ibihe bironkeye? Kugira tubimenye, reka dufate akarorero k’igihugu ca Kamerune kiri mu burengero bwa Afrika.

“MU KIBANZA CIZA CO ‘KUROBERAMWO’”

Mu 1998, umuvukanyi yitwa Onésime yaravuye mu gihugu ciwe c’amavukiro ari co Kamerune, aja mu kindi gihugu. Yamazeyo imyaka 14. Umusi umwe ari kw’ikoraniro, yarumvise akarorero katanzwe kajanye n’igikorwa co kwamamaza. Uwariko aratanga ico kiganiro yavuze ati: “Hamwe abantu babiri boba bariko barobera mu bibanza bitandukanye, umwe akaronka ifi nyinshi kuruta uwundi, uwo yaronse nkeyi, ntiyoca aja kurobera aho hari amafi menshi?”

Ako karorero kaciye gatuma Onésime yiyumvira ivyo gusubira iwabo muri Kamerune aho igihugu cimbuka amafi menshi mu buryo bw’impwemu, kugira afashe abamamaji baho. Ariko rero, yari afise amakenga. Yoba yari gushobora ubuzima bwo muri Kamerune inyuma y’iyo myaka yose yari amaze hanze? Kugira Onésime arabe ko yobishobora, yaragiye muri Kamerune kumarayo amezi atandatu gusa. Mu nyuma mu 2012, yahavuye yimukirayo burundu.

Onésime avuga ati: “Vyabaye ngombwa ko nsubira kumenyera ubushuhe n’ubuzima bwaho. Mu Ngoro y’Ubwami, nabwirijwe gusubira kumenyera kwicara ku ntebe z’imbaho.” Yongerako amwenyura ati: “Uko narushiriza kwitunira kuri porogarama, ni ko ivyo kwicara ku ntebe nziza vyagenda biramvamwo.”

Mu 2013, Onésime yarubakanye na Géraldine, uwari yagarutse muri Kamerune inyuma y’imyaka icenda yari amaze aba mu Bufaransa. None ni ivyiza ibihe uwo mugabo n’umugore bironkeye kubera bashingiye ubuzima bwabo ku gukorera Yehova? Onésime avuga ati: “Twaritavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, twongera turakorera kuri Beteli. Mu mwaka uheze, abantu 20 biga Bibiliya bo mw’ishengero iwacu barabatijwe. Ubu ndabona ko ndi mu kibanza ciza co ‘kuroberamwo.’” (Mrk. 1:17, 18) Géraldine na we yongerako ati: “Narironkeye imihezagiro iruta iyo niyumvira.”

UMUNEZERO WO KURONKA ABANA BO MU VY’IMPWEMU

Judith na Sam-Castel bariko barabwira inkuru nziza umuntu ari ku nkengera y’ikiyaga.

Judith na Sam-Castel

Judith yari yarimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mugabo akaba yaripfuza cane kwagura umurimo. Avuga ati: “Igihe cose naba mvuye kugendera umuryango wanje muri Kamerune, nararira kubera ko naba ntandukanye n’abo twaba twatanguye kwiga Bibiliya.” Ariko rero Judith yaragize amakenga yo gusubira kuja kuba muri Kamerune. Yari afise akazi keza katuma aronka amahera yo kuvuza se wiwe yari yasigaye muri Kamerune. Ariko rero Judith yarizigiye Yehova arasubira muri Kamerune kubayo. Ariyemerera ko hari ibintu vyizavyiza atari akironka nk’ivyo muri Amerika. Yarasenze Yehova ngo amufashe kumenyera ubwo buzima, yongera araremeshwa n’umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe.

Judith asubije amaso inyuma, avuga ati: “Mu myaka itatu, naragize umunezero wo kwironkera abana bane bo mu vy’impwemu.” Judith yahavuye aba umutsimvyi adasanzwe. Muri iki gihe, we n’umugabo wiwe Sam-Castel bakora igikorwa co kugendera amashengero. None se wa Judith wewe vyahavuye bimugendera gute? Judith be n’abo mu muryango wiwe bahavuye baronka ibitaro vyo mu kindi gihugu vyemera kurihira se wiwe amahera yo kumubaga. Igishimishije, baramubaze arakira.

BARIBONEYE INGENE YEHOVA ABASHIGIKIRA

Victor na Caroline bariko barabwira inkuru nziza umuntu ari mu kibanza co kwisamarizamwo.

Caroline na Victor

Umuvukanyi yitwa Victor yarimukiye muri Kanada. Amaze gusoma ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi kivuga ivyerekeye amashure ahanitse, yaciye azirikana ku bijanye n’amashure yokwiga. Yaciye ahagarika kwiga kaminuza, aca yiga ishure ry’imyuga rimara igihe gito. Avuga ati: “Ivyo vyatumye ntateba kuronka akazi vyongera bituma nkora ikintu nari maze igihe nshashaye, na co kikaba ari ubutsimvyi.” Victor yahavuye yubakana na Caroline, mu nyuma baja gutembera muri Kamerune. Igihe bagendera ibiro vy’ishami vyaho, bararemeshejwe kuzirikana ivyo gukorera muri Kamerune. Victor avuga ati: “Ntitwabona icari kutubuza kwemera ubwo butumire, kubera ko twari twagumye tworoheje ubuzima.” Naho Caroline yari afise ingorane z’amagara, barafashe ingingo yo kwimukirayo.

Victor na Caroline baratanguye gukora ubutsimvyi busanzwe, kugira bafashe abantu benshi bipfuza kwiga Bibiliya. Bamaze igihe babeshwaho n’amahera bari baraziganije. Mu nyuma barasubiye muri Kanada barakora amezi makeyi, ivyatumye bagaruka muri Kamerune kubandanya ubutsimvyi. None bironkeye ivyiza ibihe? Baritavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, baraba abatsimvyi badasanzwe, ubu na ho bakaba bakorera mu bwubatsi. Victor avuga ati: “Guheba ubuzima bwiza twari tumenyereye, vyaratuma twibonera ingene Yehova adushigikira.”

UMUNEZERO WO GUFASHA ABANTU KWIYEGURIRA YEHOVA

Stéphanie na Alain bahagaze iruhande ya twa tuntu tw’amapine, bakaba bariko barabwira inkuru nziza umugore umwe.

Stéphanie na Alain

Mu 2002, uwitwa Alain, akaba yiga muri kaminuza imwe yo mu Budagi, yarasomye ka gapapuro kavuga ngo Rwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu? Ivyo yasomye vyaratumye yishingira imigambi mishasha. Mu 2006, yaritavye rya Shure rimenyereza abasuku aca arungikwa gukorera muri Kamerune, igihugu ciwe c’amavukiro.

Aho muri Kamerune Alain yararonse akazi k’igihe gitogito. Yahavuye aronka akazi k’amahera menshi, mugabo mu nyuma aragira amakenga ko katomuhaye umwanya ukwiye wo gukora indimiro. Igihe yaterwa agateka ko kuba umutsimvyi adasanzwe, yaravyemeye ata guhigimanga. Umukoresha wiwe yaciye amubwira ko yomwongeye umushahara, ariko Alain yagumye yumiye ku ngingo yari yafashe. Mu nyuma, Alain yarubakanye na Stéphanie, uwari yaramaze imyaka itari mike aba mu Bufaransa. None Stéphanie yahuye n’ingorane izihe amaze kwimukira muri Kamerune?

Stéphanie avuga ati: “Naho nagiye ndarwara uturwara dutandukanye, hakagira n’ibintu vyankana n’umubiri wanje, nagumye nivuza kandi narorohewe.” Ukwihangana kw’uwo mugabo n’umugore wiwe kwaravuyemwo ivyiza. Alain avuga ati: “Igihe twaja kwamamaza mu kigwati kiri kure cane citwa Katé, twararonse abantu benshi bipfuza kwiga Bibiliya. Mu nyuma twaza turabayoborera inyigisho ya Bibiliya biciye kuri terefone. Babiri muri bo barabatijwe, maze mu nyuma harashingwa umugwi mutoyi w’abamamaji.” Stéphanie yongerako ati: “Nta coza gitera umunezero kuruta gufasha abantu gutera imbere gushika biyeguriye Yehova. Gukorera ng’aha vyatumye tuza turironkera umunezero nk’uwo.” Ubu Alain na Stéphanie bakora igikorwa co kugendera amashengero.

Ivyiza vyo gukorera mu gihugu c’amavukiro

“Twari dusanzwe tumenyereye imico yaho be n’ukuntu abantu baho biyumvira. Abantu ntibatwikeka cokimwe n’abanyamahanga, kandi kuyaga na bo vyaratworohera cane.”—Alain

“Twaragendagenda aho dushaka hose, mbere tugashika no mu bibanza bigoye ko abanyamahanga bashikamwo.”—Stéphanie

“TWAKOZE NEZA NA NEZA IVYO TWIPFUZA GUKORA”

Léonce na Gisèle bariko barabwira inkuru nziza umugore ari ku kiraro.

Léonce na Gisèle

Gisèle yabatijwe igihe yari kwiga ivy’ubuganga mu Butaliyano. Yarakozwe ku mutima n’ingene umugabo n’umugore b’abatsimvyi bamwigisha Bibiliya bari baroroheje ubuzima, aca yipfuza kurushiriza kugira uruhara mu ndimiro. Igihe rero Gisèle yariko arasozera amashure, yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe.

Gisèle yaripfuza ko asubiye muri Kamerune yokora vyinshi mu murimo wa Yehova, ariko yari afise amakenga. Avuga ati: “Vyasaba ko mpeba uburenganzira bwo kuba mu Butaliyano, nkongera ngatandukana n’incuti be n’abagenzi babayo.” Naho ari ukwo, muri Rusama 2016, Gisèle yarasubiye muri Kamerune kubayo. Haciye igihe Gisèle yarubakanye na Léonce, mu nyuma ibiro vy’ishami vyo muri Kamerune birabasaba kwimukira mu gasagara kitwa Ayos, kari gakeneye cane abamamaji.

None ubuzima bwari bumeze gute i Ayos? Gisèle avuga ati: “Akenshi twaramara indwi zitari nke tutagira umuyagankuba, ntidushobore no gusharija amaterefone yacu. Yaramara igihe adakora. Narize gutekesha inkwi, kandi twaja kuvoma amazi ku mugezi mw’ijoro igihe abantu baba bagabanutse, dukoresheje inkorofani n’amatoroshi.” None ni ibiki vyabafashije kumenyera ubwo buzima? Gisèle avuga ati: “Icabidufashijemwo, ni impwemu ya Yehova, gushigikirana uko twubakanye, be n’incuti n’abagenzi baza baraturemesha bakongera bakadushigikira mu vy’amahera.”

None Gisèle yoba ahimbawe n’uko yasubiye mu gihugu ciwe c’amavukiro? Avuga ati: “Ntiworaba ingene vyampimbaye! Mu ntango twaragize ingorane twongera turacika intege, mugabo tumaze kubimenyera, twabonye ko twakoze neza na neza ivyo twipfuza gukora. Turizigira Yehova kandi twumva turushirije kumwiyegereza.” Léonce na Gisèle baritavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, ubu bakaba ari abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito.

Cokimwe n’abarovyi bahangana n’ibihe bitandukanye kugira barobe ifi nyinshi, abasubira mu gihugu cabo c’amavukiro, baremera kugira ivyo bahevye kugira bafashe abafise agatima kabereye bakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Nta nkeka ko Yehova atazokwigera yibagira abo bamamaji bakora bagatama ku bw’urukundo berekanye ko bafitiye izina ryiwe. (Neh. 5:19; Heb. 6:10) Nimba uba mu mahanga, mugabo mu gihugu cawe c’amavukiro hakaba hakenewe abamamaji b’Ubwami, ubona wosubirayo? Niwabigira, uzokwironkera imihezagiro myinshi.—Imig. 10:22.

Babigenjeje gute?

Nimba uriko uriyumvira ivyo gusubira mu gihugu cawe c’amavukiro, raba ivyafashije abavukanyi na bashiki bacu bavuzwe muri iki kiganiro.

  • Ni ibiki wokwitega?

    “Niwitege ko hari incuti n’abagenzi bazokuremera kandi bakagerageza kuguca intege. Niwiheke kuri Yehova.”—Alain

  • Wokwitegura gute?

    “Sinari bwigere nsenga cane nk’ico gihe.”—Gisèle

    “Naraziganije amahera kugira ntihagire uwo nzoza ndagora.”—Géraldine

    “Naragiye kwisuzumisha kugira menye ingene amagara yanje yifashe.”—Stéphanie

  • Wokwibeshaho gute?

    “Mu ntango nikora ku mahera nari naraziganije. Nahavuye ntangura kwigisha kw’ishure rimwe ryisumbuye, mu nyuma ndiga gukora amasabuni no kuyagurisha.” —Géraldine

    “Kugira twunganire agashahara twaronka, twarakora imbombo zirimwo amata tukazigurisha ku mabutike.”—Gisèle

    “Narakora akazi ko guhindura ibisomwa mu zindi ndimi biciye kuri internet.”—Onésime

  • Wokwikingira gute?

    “Nahisemwo kuba ahantu hatekanye hafi y’abavukanyi na bashiki bacu.”—Géraldine

    “Sinigera nja mu ndimiro ndi jenyene.” —Gisèle

    “Nta ho nja mw’ijoro ndi jenyene. Vyongeye, sinitwaza ikintu na kimwe c’agaciro.” —Stéphanie

    “Sinaza ndavuga ko nabaye hanze, kandi kugira mpuze na bo, nakora ibintu nk’uko abandi bose babikora.”—Judith

  • Wokora iki kugira ngo ugumane umunezero wongere ube kirumara?

    “Twarize guhuza n’uko ibintu vyifashe. Twagumiza umutima ku catumye dusubirayo hamwe no ku bintu vyiza twibonera.”—Victor

    “Nategerezwa kwiga kubumbwa n’ivyo mfise.”—Alain

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika