26 GITUGUTU–1 MUNYONYO 2026
URURIRIMBO RWA 62 Rwa ruririmbo rushasha
Nukenguruke ‘iteka watewe ryo gukorera Imana igikorwa ceranda ata bwoba’
‘Yaturonkeje umukiza ahambaye kugira idutere iteka ryo kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba.’ —LUKA 1:69, 74.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza kudufasha gukenguruka akaryo Imana yaturonkeje ko kuzoronka ubukiriro, kidufashe no guha agaciro agateka n’ibanga biva kuri ako karyo Imana yaduhaye.
1. Ubuhanuzi Zakariya yavuze bwerekeza ku ki?
«NONE uyu mwana azovamwo iki?» (Luka 1:57-66) Ico kibazo cabajijwe n’incuti n’ababanyi igihe Zakariya na Elizabeti bavyara umwana ku gitangaro mu busaza bwabo, bagaca bamwita Yohani. Ico kibazo kirerekana ko abo bantu bari bashashaye kumenya vyinshi ku vyerekeye uwo mwana. Zakariya yarishuye ico kibazo ahumekewe na Yehova. Yarasiguye ko Yohani yofashije abantu kwigaya kugira ngo bitegurire kuzokurikira Mesiya yari yimirije gushika. (Am. 3:7; Luka 1:67-79) Ariko rero, Zakariya ntiyagarukirije gusa ku vyo Yohani yokoze.a Nk’uko tuza kubibona, ivyo Zakariya yavuze bwari ubuhanuzi bwerekeye n’iki gihe cacu. Tugiye kuraba ibintu bitatu yavuze muri ubwo buhanuzi dukwiye guha agaciro: (1) akaryo twahawe ko kuronka ubukiriro, (2) iteka twatewe ryo gukorera Imana igikorwa ceranda, (3) ibanga dufise ryo kwamamaza inkuru nziza.
AKARYO TWAHAWE KO KURONKA UBUKIRIRO
2. (a) Twisunze Luka 1:67-73, ni ingabire iyihe Imana isezeranira abasavyi bayo? (b) «Umukiza ahambaye» avugwa muri Luka 1:69 ni nde?
2 Soma Luka 1:67-73. Imana yasezeraniye abasavyi bayo ingabire idasanzwe, na yo akaba ari ukubaha ubukiriro. None boburonse biciye kuri nde? Zakariya yavuze ati: «[Yehova] yaturonkeje umukiza ahambaye akomoka mu muryango w’umusavyi wiwe Dawidi.» (Luka 1:69) Uwo «mukiza ahambaye» yari Mesiya. Abayuda bo mu gihe ca Zakariya bari basanzwe biteze Mesiya yari yarasezeranywe, kandi bari bazi ko yokomotse kuri Aburahamu biciye mu muryango wa Dawidi. (Ita. 22:17, 18; Mat. 22:42) Kubera iki none Yehova yahumekeye Zakariya kumenyesha ibijanye n’ukuza kw’uwo «mukiza ahambaye»? Ni kubera ko hari hasigaye igihe gito cane ngo Mesiya ashike. Mu mezi atandatu gusa, inkumi yitwa Mariya yokwibarutse Yezu. Umumarayika Gaburiyeli yavuze ko yokwiswe «Umwana w’Imana» be n’uko yoganje ari ku «ntebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi.» (Luka 1:30-35) Igihe Yezu yabatizwa afise imyaka 30, wa «mukiza ahambaye» yari abonetse. Ico gihe, Yehova yaramurobanuje impwemu nyeranda aca aba Mesiya. (Mat. 3:16, 17) Ico kintu cari giteye umunezero cane.
3. Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bakeneye gukizwa ibiki?
3 Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bakeneye gukizwa. None bari bakeneye gukizwa ibiki? Zakariya yishura ati: «Uwo mukiza azodukiza abansi bacu n’abatwanka bose.» (Luka 1:71) None Zakariya yoba yashatse kuvuga ko Yezu yobakijije agahahazo k’Abaroma? Habe namba. Ahubwo bari bakeneye gukizwa Shetani we soko ry’agahahazo. (Heb. 2:14, 15) Shetani ni we yatumye abantu bose, ushizemwo n’Abayuda ba kera, baba abaja b’icaha n’urupfu. Vyongeye, Abayuda barananiwe gukurikiza ya mategeko ya Musa ata gahaze. Ivyo vyaciye bibakwegera umuvumo, na wo nyene bakaba bari bakeneye kuwukurwako. (Rom. 3:20; Gal. 3:10, 13) Ku bw’ivyo rero, bari bakeneye ikintu Yehova yasezeranye biciye kuri Zakariya, na co akaba ari uko «[yobakijije] mu kubabarira ibicumuro vyabo.»—Luka 1:77.
4. Dukeneye gukizwa ibiki muri iki gihe?
4 Ni abansi abahe dukeneye gukizwa muri iki gihe? Cokimwe n’Abayuda bo mu gihe ca Yezu, na twebwe turi abaja b’icaha n’urupfu. (Rom. 5:12) Vyongeye, Shetani n’amadayimoni yiwe ni bo bari inyuma y’amagorwa ariko aradushikira. Baragerageza kuduhenda kugira ngo badukure ku gusenga kw’ukuri. Baraheba mbere bagakoresha n’«abatwanka», ni ukuvuga abantu bamwebamwe n’amashirahamwe amwamwe, kugira baburabuze ugusenga kwacu. Ivyo bintu vyose, ni abansi dukeneye gukizwa.
5. Yezu adukiza gute igicumuro?
5 None Yezu adukiza gute abo bansi bacu? Raba nk’akarorero ingene adukiza igicumuro. Igihe yari ng’aha kw’isi, yarigishije abigishwa biwe ingene bosenga Yehova mu buryo yemera. Mu nyuma yaratanze incungu «kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» (Yoh. 3:16; Mat. 20:28) Turihatira rero gukurikiza ivyo Yezu yigishije ku bijanye no gusenga Yehova mu buryo yemera. Ariko kubera ko tukiri abanyagasembwa, bishitse ntidukurikize neza ingingo ngenderwako ziwe duca tumusaba imbabazi, na we agaca yemera ugusenga kwacu yisunze incungu ya Yezu. (1 Yoh. 2:1, 2) Ni muri ubwo buryo rero wa mukiza wacu Yezu adukiza igicumuro.
6. Ni ibiki Yezu azorangura kubera ko ari Umwami yicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi? (Raba n’ifoto)
6 None Yezu azodukiza gute burundu icaha n’urupfu, Shetani n’amadayimoni yiwe, be n’«abatwanka» bose? Kuva mu 1914, Yezu araganza mw’ijuru ari ku «ntebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi.» (Luka 1:32, 33) Vuba, uwo Mwami w’Ubwami bw’Imana be n’abantu 144.000 bazofadikanya na we kuganza be n’abamarayika beranda, bazohonya abansi b’Imana bose bari kw’isi kuri Harumagedoni. Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka 1.000 na ho, Yezu azoca azura abapfuye yongere afadikanye na bamwe 144.000 mu gufasha abantu intambwe ku yindi gushika babaye abatunganye. (Yoh. 5:28; Ivyah. 22:1, 2) Iyo Ngoma y’imyaka 1.000 izorangira bamaze gukuraho burundu icaha n’urupfu twarazwe. (1 Kor. 15:26, 55-57) Ubukurikira, bazoca bakuraho Shetani n’amadayimoni yiwe be n’abantu bose bazoba bahemutse muri ca kigeragezo ca nyuma. (Ivyah. 20:7-10) Emwe, bizoba biza vyakunda ko abasavyi ba Yehova bamukorera batagicumura, batagipfa, kandi ata n’umwe akibarwanya. Tuzoca dushemeza Imana yacu ibihe bidahera twongere duhe agaciro ‘ingabire ya gusa itagira uko yovugwa’ yaduhaye, iyirimwo n’ubukiriro turonka biciye kuri Yezu Kristu.—2 Kor. 9:15.
Akaryo Yehova yaduhaye ko kuronka ubukiriro biciye kuri Yezu Kristu (Raba ingingo ya 6)
ITEKA TWATEWE RYO GUKORERA IMANA IGIKORWA CERANDA
7. Twisunze Luka 1:74, 75, ni iteka irihe Yehova atera abasavyi biwe?
7 Soma Luka 1:74, 75. Incungu Imana yaduhaye iratuma turonka ikintu kidasanzwe. Ico kintu Zakariya yacise «iteka ryo kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba.» «Igikorwa ceranda» dukorera Yehova, kirimwo ibintu vyose dukora bijanye n’ugusenga kwacu. Kwamamaza inkuru nziza, gusenga, kwiga Ijambo ry’Imana, kwitaba amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro, ivyo vyose biri mu bigize igikorwa ceranda dukorera Yehova. Muri ico gikorwa ceranda, harimwo n’ibindi bikorwa bijanye n’ugusenga kwacu, nko gukorera kuri Beteli, kwubaka Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro be no kuzibungabunga.
8. Ni ibiki tudakwiye gutinya?
8 Ni mu buryo ki dukorera Yehova igikorwa ceranda «ata bwoba»? Ubwa mbere hoho, ntidutinya urupfu. Kubera ko twizigiye kuzobaho ibihe bidahera, tugwa tuvyuka kugira ngo duhimbare Yehova, aho kuguma twiruka inyuma y’ubuzima bugufi bwo muri iyi si. Mbere n’igihe abaturwanya badukangishije kutwica, ntiduca dutekerwa n’ubwoba. Tuguma turi intahemuka kuri Yehova, kubera ko tuzi yuko naho twopfa Yezu azotuzura. (Yoh. 6:39, 40) Ubwa kabiri, ntidutinya ko Yehova azoduta kubera ko turi abacumuzi. Kuba tuzi ko Yehova atubabarira yisunze incungu ya Yezu, biratuma duhera amazinda ko adukunda be n’uko adushima.—1 Yoh. 4:9, 10.
9. Ni igiki kigora abakirisu bamwebamwe?
9 Ariko rero, abakirisu bamwebamwe birashobora kubagora kwemera ko Yehova ashima ivyo bamukorera. Boshobora kwumva umengo ntakibakunda kubera ikintu kibabaje cabashikiye muri kahise. Canke na ho boshobora kuguma biyagiriza biyumvira ko Yehova atabahariye ibicumuro bakoze muri kahise, mbere naho boba baramusenze bamusaba imbabazi bakongera bakitura abakurambere. Wokora iki none nimba nawe ivyawe bimeze gutyo?
10-11. Wokora iki nimba wumva umengo icaha wakoze muri kahise caragusizemwo imvune, ku buryo n’ubu wumva ko ugituntuye? Tanga akarorero.
10 Raba aka karorero. Umuntu aravunitse igufa maze agaca aja kwa muganga. Umuganga ahejeje kwunga iryo gufa, yoshobora kumwandikira ivyo azoza arakora kugira ngo ukwo kuguru kuzosubirane, amaherezo asubire kukugenderako. None uwo murwayi yokora iki nka hamwe wewe yoba abona ko ukwo kuguru kutakivayo? Akwiye kwizigira uwo muganga, akabandanya akora n’ivyo yamwandikiye. Haciye igihe ukwo kuguru kwoshobora gukira agasubira kukugenderako, eka mbere no kwiruka akiruka.
11 Muri ubwo buryo nyene, nimba nawe wumva ko icaha wakoze muri kahise cagusizemwo imvune ku buryo n’ubu ugituntuye, urakwiye kwizigira Yehova. Numenye ko ubuntu buhebuje bwiwe be n’imbabazi agufitiye, bituma akuvura mu vy’impwemu yishimikije incungu. (Yoh. 1:16, 17; Rom. 3:23, 24; 1 Yoh. 3:19, 20) Nugume ukora rero ibintu twovuga ko yakwandikiye vyogufasha gusubirana, na vyo akaba ari isengesho, ukwiyigisha, no kugira uruhara mu bindi bikorwa vy’impwemu. (Zab. 1:2; 1 Tes. 5:17; Heb. 10:25) Cokimwe n’indwara nya ndwara, indwara yo mu vy’impwemu yoshobora guteba gukira, kandi mu ntango hari aho wobona umengo nta kiriko kiravamwo. Naho ari ukwo, nta nkeka ko iteba igakira. Ntukigere wihebura rero. Ahubwo riho nugume ukora ibintu bituma wiyegereza Yehova. (Flp. 3:16) Vyongeye, niwame ushimira Yehova buri musi ku bw’inkomezi akuronsa kugira ugume umukorera udahemuka. Emwe, twese turakengurukira cane Imana na Kristu ku bw’iteka ridasanzwe baduteye ryo kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba.
IBANGA DUFISE RYO KWAMAMAZA INKURU NZIZA
12. Yohani Umubatizi yateguriye gute Yehova inzira? (Luka 1:76-79)
12 Soma Luka 1:76-79. Amajambo Zakariya yavuze ubukurikira yayerekeje ku mwana wiwe ati: «Uzogendera imbere ya Yehova kugira umutegurire inzira.» None ivyo Yohani Umubatizi yabikoze gute? Amaze gukura, yaramamaje abigiranye umwete. Yarahimirije Abayuda kwigaya ivyaha vyabo no kubatizwa be no kwitegurira kwakira Mesiya. Yohani ahejeje kubatiza Yezu, yaciye amenyesha icese ko Yezu yari yaje aserukira Imana. Yavuze ati: «Raba Umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho igicumuro c’isi!» Yohani yaciye aremesha abigishwa biwe gukurikira Yezu, we Mesiya yari yarasezeranywe.—Yoh. 1:29, 34-36, 40, 41.
13. Zakariya yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko ukuza kwa Mesiya kwobereye abasavyi b’Imana nk’«umutwenzi»?
13 Naho Yohani yatomoye neza ko Yezu yari Mesiya, hari hagikenewe ibindi vyabona bishingira intahe ico kintu. Uti kubera iki? Zakariya yavuze ko ukuza kwa Yezu kwobaye nk’«umutwenzi.» Ivyo bisobanura ko Mesiya yobaye intango y’ikiringo gishasha, ikiringo cohinduye cane ubuzima bw’abantu. Mu vy’ukuri, ako gakuru keza vyokenewe ko kamenyeshwa abantu benshi bashoboka, ico gikorwa Yohani akaba atogishoboye wenyene. None uretse Yohani, ni bande kandi bogize uruhara mu gutangaza ubwo butumwa buhambaye bwerekeye agakiza?
14. Ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu n’abigishwa biwe bakoze? (Yesaya 61:1, 2)
14 Yezu yaramamaje cane inkuru nziza. Yarashikije amajambo Zakariya yavuze mu «kumurikira abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu.» Yezu yaragaragarije impuhwe zidasanzwe abantu batobato bahahazwa. Yarabamurikiye mu kubamenyesha ubutumwa buhumuriza bwerekeye «umwaka wo gushimwa na Yehova.» (Soma Yesaya 61:1, 2; Luka 4:16-21) Yaguma atangaza abigiranye umwete ati: «Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.» Ariko ntiwumve, yari azi ko hokenewe n’abandi bamamaji benshi. Ni co gituma yaciye amenyereza n’abigishwa biwe gukora ico gikorwa.—Mat. 4:16, 17; 10:7; 28:19, 20.
15. Kubera iki igikorwa co kwamamaza gihambaye cane ubu kuruta ikindi gihe cose?
15 Abigishwa ba Kristu bo muri iki gihe, turaha agaciro cane ibanga twashinzwe ryo gutangaza inkuru nziza yerekeye ubukiriro. Nkako, kumenyesha abantu ibijanye n’incungu ya Yezu be n’Ubwami bw’Imana birahambaye cane ubu kuruta ikindi gihe cose. Uti kubera iki? Kubera ibintu vyimirije gushika. Vuba, isi izokwinjira mu kiringo c’«amakuba akomeye atigeze kubaho kuva isi itanguye kubaho.» (Mat. 24:21) Muri ico kiringo, abenshi barashobora kuzokwibuka inkuru nziza y’ubukiriro twari twarababwiye maze bakayemera, bakizera Yehova. Mu nyuma, Yezu na bamwe bafadikanya kuganza hamwe n’abamarayika, bazorwanya abantu bose barwanya Imana. Abasavyi b’Imana b’ukuri bobo, bazobarokora baheze bibere mw’isi nshasha. (Mat. 25:34; Ivyah. 16:16; 19:19) Uca wumva rero ko bihambaye cane ko twamamaza inkuru nziza ubu.—Mat. 24:14; Mrk. 13:10.
16. Wiyemeje gukora iki? (Raba n’amafoto.)
16 Ivyo Zakariya yavuze muri Luka 1:68-79 biratwibutsa ibintu bitatu dukwiye gukenguruka, na vyo akaba ari akaryo kadasanzwe Yehova yaduhaye ko kuronka ubukiriro, agateka twatewe ko kumukorera ata bwoba, hamwe n’ibanga dufise ryo kwamamaza ubutumwa buhumuriza. Woba none uriko urungukira kuri ako karyo Yehova yaduhaye, mu kwizera incungu ya Kristu no mu kwiyegurira Yehova? Woba uha agaciro agateka watewe ko kumukorera? Nimba ari ko biri, nubandanye kwamamaza n’umwete «umwaka wo gushimwa na Yehova.» Nubwire abandi inkuru nziza yerekeye «umusi w’ukwihora w’Imana» uriko uraza, aho Ubwami bw’Imana buzokuraho abansi bayo ari na bo bansi bacu, maze butume isi iba iparadizo. Nutumire abo bose bakunda Imana ngo bifatanye natwe mu «kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba, tudahemuka kandi turi abagororotsi imbere yayo, imisi yose y’ubuzima bwacu.»—Luka 1:74, 75.
Gukenguruka ingabire Yehova yaduhaye no guha agaciro agateka twatewe, biratuma twitwararika gushitsa ibanga tujejwe (Raba ingingo ya 16)b
URURIRIMBO RWA 159 Nuninahaze Yehova
b INSOBANURO Y’AMAFOTO: Kw’ifoto ya mbere, bashiki bacu babiri bariko baramamaza inzu ku nzu. Kw’ifoto ya kabiri, umuvukanyi ariko arabwira inkuru nziza uwo bakorana mu gihe c’akaruhuko. Kw’ifoto ya gatatu, mushiki wacu umwe ariko arashikiriza ikiganiro mw’ishure. Ariko aratanga ibimenyamenya vyerekana ko ibiriho vyaremwe, umwigisha wiwe n’abanyeshure bagenziwe bakaba bariko baramwumviriza bitonze.