ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 87
  • Antikristu ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Antikristu ni nde?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ukuntu twomenya ba antikristu
  • Antikristu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Antikristo ashirwa ku kabarore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni kubera iki tworondera kumenya antikristo uwo ari we?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 87
Umuntu ariko aravuga ubutumwa kuri televiziyo

Antikristu ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

Antikristu si umuntu umwe canke ishirahamwe, kubera ko Bibiliya ivuga ko hari “ba antikristu benshi.” (1 Yohani 2:18) Ahubwo nyabuna, ijambo “antikristu,” rino rikaba rikomoka mw’ijambo ry’ikigiriki risigura ngo “kurwanya Kristu,” ryerekeza ku muntu wese akora ibi bikurikira:

  • Ahakana ko Yezu ari Kristu (Mesiya) canke ahakana ko ari Umwana w’Imana.—1 Yohani 2:22.

  • Arwanya Kristu, uwarobanuwe n’Imana.​—Zaburi 2:1, 2; Luka 11:23.

  • Yigira Kristu.​—Matayo 24:24.

  • Arwanya abayoboke ba Kristu, kubera ko Yezu abona ko ivyo bagirirwa ari we aba abigiriwe.​—Ivyakozwe 9:5.

  • Yivugisha ko ari umukirisu ariko akaba akora ivy’ubugarariji canke ivy’ubuhendanyi.​—Matayo 7:22, 23; 2 Abakorinto 11:13.

Bibiliya ivuga ko umuntu wese akora ivyo bintu ari antikristu, ariko kandi ibafatiye hamwe bose ibita ba “antikristu.” (2 Yohani 7) Antikristu yatanguye kuboneka mu gihe c’intumwa kandi kuva ico gihe yagumyeho. Bibiliya yari yaravuze ko ari ukwo vyobaye.​—1 Yohani 4:3.

Ukuntu twomenya ba antikristu

  • Barakwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Yezu. (Matayo 24:9, 11) Nk’akarorero, abigisha Ubutatu canke bakigisha ko Yezu ari Imana Mushoboravyose baba vy’ukuri bariko bigisha ibinyuranye n’ivyo Yezu yigishije. We yavuze ati: “Data a[ra]nduta.”—Yohani 14:28.

  • Ba antikristu ntibemera ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’ingene Ubwami bw’Imana bukora. Nk’akarorero, hari indongozi z’amadini zivuga ko Kristu akorera mu bategetsi. Ariko, iyo nyigisho irateye kubiri n’ivyo Yezu yavuze, ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”​—Yohani 18:36.

  • Bavuga ko Yezu ari Umukama wabo, ariko ntibagamburuka amategeko yiwe, harimwo na rya rindi ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.​—Matayo 28:19, 20; Luka 6:46; Ivyakozwe 10:42.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika