ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 4
  • Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico muri Matayo 6:34 hasobanura
  • Amakikuro ya Matayo 6:34
  • Nubeho witwararika kazoza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ntimwiganyire
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Amaganya
    Be maso!—2016
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 4

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—Matayo 6:34, Bibiliya y’isi nshasha.

“Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.”​—Matayo 6:34, Bibiliya Yera.

Ico muri Matayo 6:34 hasobanura

Igihe Yezu yavuga ayo majambo yariko araremesha abamwumviriza ko badakwiye kwiganyira birenze kubera ingorane zoshitse muri kazoza. Ahubwo bari bakwiye kwitwararika ingorane z’umusi umwumwe ukwawo.

Yezu ntiyashaka kuvuga ko tudakwiye kwiyumvira ivy’ejo canke gutegekanya ivya kazoza. (Imigani 21:6) Ahubwo, yashaka ko twirinda kugira amaganya arenze ku bijanye n’ivyoshobora gushika ejo. Mwene ayo maganya yoshobora gutuma dutakaza umunezero kandi ntitube tucitunira ku vyo twategerezwa gukora. Kwiganyira ku bintu bitaraba ntibica bitorera umuti ivyo bintu. Kandi, akenshi usanga ibintu bidutera amaganya bidashika canke ngo bimere nabi nk’uko twavyiyumvira.

Amakikuro ya Matayo 6:34

Ayo majambo Yezu yayavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku musozi iri muri Matayo ikigabane ca 5-7. Muri iyo nsiguro, Yezu yarerekanye ko kwiganyira bidaca bituma duhimbarwa canke turushiriza kuramba. (Matayo 6:27) Yarerekanye kandi ko igihe dushira Imana imbere, bitaba ari ngombwa ko twamiza umutima mu kirere twiyumvira ibizoba ejo. None ko Imana yitwararika ibiterwa n’ibikoko, wumva yoreka kwitwararika abasavyi bayo?​—Matayo 6:25, 26, 28-33.

Nusome Matayo ikigabane ca 6 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika