ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
    • Bibiliya iratwiganira ingene vyagenze. Shetani wa Mubesheranyi, akoresheje inzoka bwa muvugizi wayo, yaregereye Eva maze amubaza ati: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?”. Aho Eva amariye gusubiramwo itegeko Imana yabahaye, Shetani yasubijeyo ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”. Ku bw’ivyo, Eva yaciye abona ko ico giti ari ico kwipfuzwa cane, araheza “yamura ku vyo camye, arabirya”. Iyo nkuru ibandanya iti: “Ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:1-6). Adamu na Eva bompi rero barakoresheje nabi uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo, maze baracumura mu kugambararira Imana.

      Woba utegera ukuntu ivyo vyabaye vyari bikomeye? Wa Mubesheranyi yaravuguruje ivyo Imana yari yabwiye Adamu. Ivyo Shetani yavuze vyasobanura ko Adamu na Eva batari bakeneye gufashwa na Yehova mu gufata ingingo y’icari kubabera ciza canke kibi. Ku bw’ivyo, ibihari Shetani yavyuye vyatumye haba ugukekeranya niba Yehova yoba afise uburenganzira bwo gutegeka umuntu. Ikibazo gihambaye kuruta Shetani yavyuye rero, cari ikijanye n’ukuba Yehova yoba ari we abereye kugaba no kuganza. None Imana y’ukuri yishuye gute ivyo bihari?

  • Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
    • Shetani kandi yabwiye Eva ati: “Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko [ni ukuvuga ivyama ku giti cabujijwe], amaso yanyu azokwihweza, mukamera [ni ukuvuga Eva na Adamu bose] nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 3:5). Akoresheje ayo majambo y’urwenge, Shetani yarahenze abantu mu kubereka ko boronka akaryo ko kwitegeka. Mu kubayovya, Shetani yashaka kuvuga ko abantu borushirije kuroranirwa igihe bobayeho batisunga Imana. Ivyo none vyoba ari ko vyagenze?

      Uko ibihe vyagiye birarengana, inganji zagiye zirashirwaho zongera zirakurwaho. Abantu baragerageje ubwoko bwose bw’intwaro umuntu yokwiyumvira. Yamara, ibibi bibishe vyarashikiye umuryango w’abantu akatari gake. Haraciye hafi imyaka 3.000 umwanditsi umwe wa Bibiliya ashitse kuri iki ciyumviro mu buryo buranga ubukerebutsi, ati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9). Umuhanuzi Yeremiya na we yanditse ati: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Eka mbere n’ivyo siyansi n’ubuhinga vyashitseko mu myaka ya vuba ntivyigeze bibeshuza ukuri kw’ayo majambo. Igihe kihaciye cerekanye gusa ko ivyo vyiyumviro ari ivy’ukuri.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika