Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
BIBILIYA ivuga iti: “Uhoraho [Imana] agororoka mu nzira ziwe zose” (Zaburi 145:17; Ivyahishuriwe 15:3). Ku vyerekeye Yehova, umuhanuzi Musa yavuze ati: “Igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Muri Yakobo 5:11 (NW), havuga hati: “Yehova [ni] umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi”. Imana ntishobora guteza ubukozi bw’ikibi kandi ntiyigera ituma buba.
Intumwa Yakobo yanditse ati: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana’. Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we igerageza” (Yakobo 1:13, NW). Yehova Imana nta na rimwe yigera agerageresha abantu ubukozi bw’ikibi canke ngo abaremeshe gukora ibibi. Ni nde none yobazwa ubukozi bw’ikibi be n’imibabaro buteza?
Ni nde yobibazwa?
Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo avuga ko ku rugero runaka abantu bafise ico bobazwa ku bijanye n’ubukozi bw’ikibi. Avuga ati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo, iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co, iyo kiranguwe, kivyara urupfu” (Yakobo 1:14, 15, NW). Abantu boshobora gukora ibintu bisunze ivyipfuzo vyabo bitabereye. Nuzirikane kandi ku caha abantu barazwe. Ububasha bwaco burashobora gutuma ivyipfuzo bibi vyongerekana maze bigakwega ingaruka ziteye agahinda (Abaroma 7:21-23). Nkako, icaha twarazwe “ca[ra]ganje nk’umwami” mu muryango w’abantu, gituma abantu bajakarira gukora ibibi bitera umubabaro mwinshi (Abaroma 5:21, NW). Vyongeye, abantu babi barashobora kwosha abandi bagacika abononekaye.—Imigani 1:10-16.
Ariko rero, uwobazwa ubukozi bw’ikibi kuruta abandi bose ni Shetani wa Mubesheranyi. Ni we yazanye ubukozi bw’ikibi mw’isi. Yezu Kristu yise Shetani “wa mubi” yongera amwita “umutware w’isi”, ni ukuvuga ikibano c’abantu kitagororotse. Abantu muri rusangi bagamburukira Shetani mu kumwumvira igihe abahimiriza kwirengagiza inzira nziza za Yehova Imana (Matayo 6:13, NW; Yohana 14:30, NW; 1 Yohana 2:15-17). Muri 1 Yohana 5:19 (NW), havuga ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubi”. Nkako, Shetani n’abamarayika biwe ni bo “[b]azimiza isi yose”, akaba ata kindi bayikwegera atari ‘amagorwa’ (Ivyahishuriwe 12:9, 12, NW). Ku bw’ivyo rero, uwobazwa ahanini ivyerekeye ubukozi bw’ikibi ni Shetani wa Mubesheranyi.
Mu kwerekana iyindi mpamvu ituma haba imibabaro canke ugucumukura, mu Musiguzi 9:11 havuga hati: ‘Ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kutuzako twese’. Yezu Kristu yaravuze ibijanye n’icago kimwe cahitanye abantu 18 igihe umunara wabagwako (Luka 13:4). Bazize kuba vyahuriranye n’uko uwo mwanya bari aho hantu. Ibintu bisa n’ivyo birashika no muri kino gihe. Nk’akarorero, itafari ryoshobora gukoroka rivuye hejuru kw’igorofa maze rikamena umutwe uwirenganira. None ivyo vyobazwa Imana? Oya nawe ntu! Ico ni ikintu kiba kitateguwe kandi kitari citezwe. Akenshi ibintu nk’ivyo vyoshobora kuvugwa igihe hari indwara iteye mu muryango canke igihe urupfu ruje giturumbuka rugasiga impfuvyi n’abapfakazi.
Gutyo rero, biragaragara ko Imana atari yo ituma haba ubukozi bw’ikibi; eka kandi ntiyigera ituma haba imibabaro. Ahubwo riho, Yehova afise umugambi wo gukuraho ubukozi bw’ikibi hamwe n’ababutera (Imigani 2:22). Nkako, azokora n’ibiruta ivyo. Ivyanditswe bivuga ko umugambi Imana ifise biciye kuri Kristu ari “kugira ngo asambure ibikorwa vya wa Mubesheranyi” (1 Yohana 3:8, NW). Ivy’iyi si, ibishingiye ku mwina, urwanko, n’ibikorwa bibi, bizoca bikurwaho. Ndetse Imana “izohanagura amosozi yose ku maso” yose, gutyo izobe ikuyeho imibabaro (Ivyahishuriwe 21:4, NW). Ariko rero woshobora kubaza uti: ‘Ni kubera iki none Imana itarabikora? Ni kubera iki yaretse ubukozi bw’ikibi n’imibabaro bikabandanya kubaho gushika n’ubu?’. Icodufasha kuronka inyishu tugisanga mu nkuru yo muri Bibiliya yigana ivyerekeye Adamu na Eva.
Havyurwa ikibazo gihambaye
Imvo yatumye Imana iba irareka ubukozi bw’ikibi bukabandanya kubaho gushika n’ubu ijanye n’ivyabaye mu ntango y’ukubaho kw’abantu. Ikintu cabaye muri ico gihe caravyuye ikibazo gihambaye ku vyerekeye Umuremyi ubwiwe, ico kibazo kikaba kitari gushobora kwishurwa mu buryo bwihuta canke bworoshe. Reka twihweze ukuntu ibintu vyagenze.
Yehova Imana yaremye umugabo n’umugore ba mbere batagira agasembwa, araheza abashira mw’Iparadizo. Bari baremanywe ingabirano yabatandukanya n’ibikoko, ni ukuvuga ingabirano yo kwihitiramwo iciza n’ikibi (Itanguriro 1:28; 2:15, 19). Kubera ko Adamu na Eva bari abantu bashobora kwihitiramwo iciza n’ikibi, bari bashoboye gukoresha ubwenge bwabo mu guhitamwo gukunda Umuremyi wabo, kumukorera no kumugamburukira. Atari uko naho, bari gushobora kwihitiramwo kubaho batisunga Imana, gutyo bakaba bayigambarariye n’ibigirankana.
Kugira ngo Imana y’ukuri ironse Adamu na Eva akaryo ko kwerekana urwo bayikunda, yababujije ikintu kimwe. Yategetse Adamu iti: “Igiti cose co mur’iryo tongo ukiryek’uk’ugomba; arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza” (Itanguriro 2:16, 17). Kugira ngo Adamu na Eva bagume batoneshwa n’Imana, ku bw’ineza yabo be n’iy’umuryango wobakomotseko, botegerejwe kwirinda kurya ku vyamwa vy’ico giti kidasanzwe. None boba bokwubahirije iryo tegeko?
Bibiliya iratwiganira ingene vyagenze. Shetani wa Mubesheranyi, akoresheje inzoka bwa muvugizi wayo, yaregereye Eva maze amubaza ati: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?”. Aho Eva amariye gusubiramwo itegeko Imana yabahaye, Shetani yasubijeyo ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”. Ku bw’ivyo, Eva yaciye abona ko ico giti ari ico kwipfuzwa cane, araheza “yamura ku vyo camye, arabirya”. Iyo nkuru ibandanya iti: “Ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:1-6). Adamu na Eva bompi rero barakoresheje nabi uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo, maze baracumura mu kugambararira Imana.
Woba utegera ukuntu ivyo vyabaye vyari bikomeye? Wa Mubesheranyi yaravuguruje ivyo Imana yari yabwiye Adamu. Ivyo Shetani yavuze vyasobanura ko Adamu na Eva batari bakeneye gufashwa na Yehova mu gufata ingingo y’icari kubabera ciza canke kibi. Ku bw’ivyo, ibihari Shetani yavyuye vyatumye haba ugukekeranya niba Yehova yoba afise uburenganzira bwo gutegeka umuntu. Ikibazo gihambaye kuruta Shetani yavyuye rero, cari ikijanye n’ukuba Yehova yoba ari we abereye kugaba no kuganza. None Imana y’ukuri yishuye gute ivyo bihari?
Igituma hari hakenewe igihe gikwiye
Yehova yari afise ubushobozi bwo kurandura abo bagarariji batatu ari bo Shetani, Adamu na Eva. Mu buryo budaharirizwa, Imana yarabarusha inkomezi kure n’iyo. Ariko rero Shetani ntiyavyuye ibihari ku bijanye n’ububasha Imana ifise. Ahubwo riho, yavyuye ibihari ku bijanye n’uburenganzira Yehova afise bwo gutegeka. Ico kibazo caragize ico gikoze ku biremwa vyose bifise uburenganzira bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi. Ivyo biremwa vyari bikeneye gutahura ko iyo ngabirano y’ubushobozi bwo kwihitiramwo itegerezwa gukoreshwa mu buryo bubereye, ni ukuvuga mu kutarenga akarimbi ku buyobozi buva ku Imana haba mu vy’umubiri, mu vy’inyifato runtu, no mu vyo gusenga. Ahandi ho, hobaye ingaruka zibabaje, nka kurya nyene umuntu ashobora kumererwa nabi cane igihe asimvye avuye hejuru kw’igorofa atabanje kurimbura ibijanye na za nguvu isi ifise zo kwikwegerako ibintu (Ab’i Galatiya 6:7, 8). Ibiremwa vyose bifise ubwenge vyobaye bishoboye kugira ico vyigiye ku ngaruka mbi zavuye ku guhitamwo ingendo yo kutisunga Imana. Ivyo vyasavye igihe.
Kuba bisaba igihe kugira ngo ibibazo bimwebimwe vyishurwe vyoshobora kugereranywa muri ubu buryo: Dufate ko Serugo umwe aharirije uwundi Serugo mu kumuhigisha ku bijanye n’uwoba akomeye kuruta uwundi. Ico kibazo coshobora kwishurwa mu kanya gato. Inguvu zoshobora kurabirwa ku guterura ibibuye. Serugo yateruye ikibuye kiremereye gusumba uwundi ni we yoba ari we mugabo akomeye. Ariko, dufate ko ivyo bihari vyoba ari ibijanye no kumenya sebibondo yoba vy’ukuri akunda abana biwe kandi na bo nyene bakaba bamukunda. Canke, bite hoho hamwe ivyo bihari vyoba bivyura ikibazo co kumenya sebibondo afata umuryango wiwe mu buryo bwiza kuruta? Kwaba ukuvyerekanira mu nguvu canke mu majambo gusa, nta na kimwe coba gihagije. Hokenerwa guca igihe gihagije n’ukwihweza ibintu witonze, maze bikaba ngombwa ko ushika ku vyiyumviro bibereye kugira ngo ca kibazo cishurwe.
Ivyo igihe kihaciye cagaragaje
Haraciye hafi imyaka 6.000 Shetani avyuye ibihari ku vyerekeye uburenganzira Imana ifise bwo kuganza. None kahise kahishuye iki? Rimbura ibintu bibiri bigize ikinyoma Shetani yagirije Imana. Ata n’ubwoba, Shetani yabwiye Eva ati: “Haba n’intete ntimuzopfa” (Itanguriro 3:4). Mu kuvuga ko Adamu na Eva batari gupfa baramutse bariye ku camwa babujijwe, neza na neza Shetani yari yise Yehova umubeshi. Mbega ikirego gikomeye! Iyo Imana itaba inyakuri muri ivyo vyabaye, mbega yoshoboye kwizigirwa mu kindi kintu na kimwe gute? Igihe kihaciye coco cagaragaje iki?
Adamu na Eva bategerejwe gushikirwa n’indwara, imibabaro, ubusaza, maze amaherezo barapfa. Bibiliya ivuga iti: “Imisi yose Adamu yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitatu: araheza arapfa” (Itanguriro 3:19; 5:5). Vyongeye, iryo ragi ribi rikomoka kuri Adamu ryarandukiye abantu bose (Abaroma 5:12). Igihe kihaciye rero caragaragaje ko Shetani ari “umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma” be n’uko Yehova ari “we Mana y’ukuri”.—Yohana 8:44, NW; Zaburi 31:5.
Shetani kandi yabwiye Eva ati: “Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko [ni ukuvuga ivyama ku giti cabujijwe], amaso yanyu azokwihweza, mukamera [ni ukuvuga Eva na Adamu bose] nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 3:5). Akoresheje ayo majambo y’urwenge, Shetani yarahenze abantu mu kubereka ko boronka akaryo ko kwitegeka. Mu kubayovya, Shetani yashaka kuvuga ko abantu borushirije kuroranirwa igihe bobayeho batisunga Imana. Ivyo none vyoba ari ko vyagenze?
Uko ibihe vyagiye birarengana, inganji zagiye zirashirwaho zongera zirakurwaho. Abantu baragerageje ubwoko bwose bw’intwaro umuntu yokwiyumvira. Yamara, ibibi bibishe vyarashikiye umuryango w’abantu akatari gake. Haraciye hafi imyaka 3.000 umwanditsi umwe wa Bibiliya ashitse kuri iki ciyumviro mu buryo buranga ubukerebutsi, ati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9). Umuhanuzi Yeremiya na we yanditse ati: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Eka mbere n’ivyo siyansi n’ubuhinga vyashitseko mu myaka ya vuba ntivyigeze bibeshuza ukuri kw’ayo majambo. Igihe kihaciye cerekanye gusa ko ivyo vyiyumviro ari ivy’ukuri.
Ugiye gukora iki?
Kuba Imana yararetse hagaca igihe vyarerekanye ko Shetani ari umubeshi ku vyerekeye ca kibazo kijanye n’uburenganzira Yehova afise bwo kugaba no kuganza. Yehova Imana ni we Segaba ruheta w’ijuru n’isi. Ni we afise uburenganzira bwo gutegeka ibiremwa vyiwe kandi uburyo ategeka ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Mu kwiyemerera ivyo, ibiremwa vyo mw’ijuru, ivyamaze igihe kirekire bitegekwa n’Imana, bivuga biti: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye ibintu vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, kandi vyararemwe”.—Ivyahishuriwe 4:11, NW.
Wewe uri ku ruhande uruhe ku bijanye n’ikibazo cerekeye ubutegetsi bw’Imana? Woba wemera ko Imana ikwiye kukuganza? Niba ari uko, utegerezwa kwemera ububesegaba bwa Yehova. Ivyo urashobora kubigira mu gushira mu ngiro ukuri be n’impanuro vy’akaroruhore dusanga mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, mu mice yose y’ubuzima bwawe. “Imana [ni] urukundo”, kandi ivyagezwe vyiwe n’amategeko yiwe abitanga bivuye ku rukundo afitiye ibiremwa vyiwe (1 Yohana 4:8, NW). Yehova ntiyigera yima umuntu n’umwe muri twebwe icotubera ciza. Urashobora rero gufata nka nkama iyi nkeburo ya Bibiliya igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.—Imigani 3:5, 6.
[Ifoto ku rup. 7]
Urashobora guhitamwo ubutegetsi bw’Imana mu kwiga Bibiliya be no mu gushira mu ngiro ivyo ivuga mu buzima bwawe
[Abo dukesha ifoto page 4]
© Jeroen Oerlemans/Panos Pictures