Ico ukwicisha bugufi kwa Yehova gusobanura kuri twebwe
DAWIDI yari umuntu yahuye n’ivyago mu buzima. Yarafashwe nabi n’Umwami Sauli, akaba yari sebukwe wiwe w’umunyeshari. Incuro zitatu zose, Sauli yarageregeje kwicisha icumu Dawidi, kandi yamaze imyaka n’iyindi amuhiga buhongo, bica bituma Dawidi yama ariko arahunga (1 Samweli 18:11; 19:10; 26:20). Yamara Yehova yagumanye na Dawidi. Yehova ntiyamukuye mu vyara vya Sauli gusa, ariko kandi yaramukuye no mu vyara vy’abandi bansi. Turashobora rero gutahura inyiyumvo Dawidi yagize, izo yaseruye igihe yaririmba ati: “Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje. . . . Wampaye inkinzo, ni yo gakiza kawe, ukwicisha bugifi kwawe kwanshize hejuru” (2 Samweli 22:2, 36). Dawidi yarabaye umuntu ahambaye muri Isirayeli. None ukwicisha bugufi kwa Yehova kwagaragaye gute muri ivyo?
Igihe Ivyanditswe bivuga ivy’uko Yehova yicisha bugufi, ntibiba bishaka kuvuga yuko yoba ari n’aho agarukiriza canke ko hari abandi bantu bamutegeka. Ahubwo riho, iyo kamere nziza cane yerekana yuko yumvira imbabazi zigera kure abantu binanata ata buryarya kugira bemerwe na we, ikanerekana yuko abamvira ikigongwe. Muri Zaburi 113:6, 7, tuhasoma duti: ‘Yehova yicishiriza bugufi kuraba ivyo mw’ijuru n’ivyo mw isi. Akura umugorwa mu mukungugu’. Ngaha ‘ukwicisha bugufi’ kwiwe, gusobanura yuko “yunama kugira arabe” canke ko “aca bugufi kugira yitegereze” (Today’s English Version; Young’s Literal Translation of the Holy Bible). Rero, Yehova ubwiwe ari mw’ijuru ‘yarunamye’ canke ‘yaricishije bugufi’ kugira ngo atege yompi Dawidi, umuntu w’umunyagasembwa mugabo yicisha bugufi yipfuza gukorera Imana. Ni co gituma Dawidi aduhumuriza ati: “Nah’Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku [“wicisha bugufi”, NW]” (Zaburi 138:6). Ukuntu Yehova yafashe Dawidi mu buryo buranga imbabazi, ukwihangana be n’ikibabarwe, bikwiye kuremesha abantu bose barondera gukora ivyo Imana igomba.
Naho Yehova ari hejuru ya vyose kw’isi no mw’ijuru kubera yuko ari we Segaba, aremera n’umutima ukunze kugiranira imigenderanire n’umwumwe wese muri twebwe. Ivyo bituma twizigira yuko dushobora kwiheka ku mfashanyo yiwe itananirwa mbere no mu bintu bigoye kuruta ibindi vyose. Nta cotuma duhagarika umutima ngo azotwibagira. Ku biraba abasavyi biwe bo muri Isirayeli ya kera, Yehova adondorwa mu buryo bubereye ko ari umwe ‘yabibutse aho bari mu bufafara, kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira’.—Zaburi 136:23.
Bwa basavyi ba Yehova bo muri iki gihe, twoshobora gushikirwa n’ivyago nk’uko vyashikiye Dawidi. Ushobora gusanga abantu batazi Yehova badutwengera mw’ijigo, canke kumbure ugasanga turiko tunyinyana n’ingorane y’amagara kibure tukagira umubabaro uvuye ku kubura abacu. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, nimba umutima wacu utagiramwo uburyarya, turashobora kwegera Yehova mw’isengesho, tugatakamba dusaba imbabazi ziwe. Yehova ‘azokwunama’ kugira aturabe hanyuma yumvirize amasengesho yacu. Umwanditsi w’amazaburi yarahumekewe kwandika ati: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo” (Zaburi 34:15). None ntukorwa ku mutima no kuzirikana kuri kamere ntangere ya Yehova y’ukwicisha bugufi?
[Amafoto ku rup. 30]
Yehova ariteguriye kwumviriza amasengesho yacu muri iki gihe, nk’uko nyene yumvirije amasengesho ya Dawidi