ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/6 rup. 31
  • Ico inyoni zishobora kutwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico inyoni zishobora kutwigisha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/6 rup. 31

Ico inyoni zishobora kutwigisha

“NI MURĀBE ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane?” (Matayo 6:26). Yezu Kirisitu yavuze ayo majambo mu nsiguro rurangiranwa yatangiye ku musozi hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya. Abamwumviriza ntibari abayoboke biwe gusa. Hari hakoraniye isinzi ry’abantu boshoboye kuvamwo abigishwa, abo bantu bakaba bari baje bava mu mihingo yose y’ico gihugu. Benshi muri bo bari abakene bari baje bazaniye Yezu abarwayi ngo abakize.​—Matayo 4:23–5:2; Luka 6:17-20.

Yezu amaze gukiza abarwaye bose, yaciye yitwararika ibintu bihambaye kuruta vyo mu vy’impwemu. Mu vyigwa yatanze, harimwo ico duhejeje kubona.

Inyoni ziguruka mu kirere zabayeho kuva kera. Zimwe muri zo zirya udukoko, izindi na zo zikirira ivyamwa n’udutete. Niba Imana yaratunganirije inyoni izo mfungurwa zose, irashoboye koko gufasha abasavyi bayo b’abantu kuronka ivyo bafungura ku musi. Ivyo ishobora kubikora mu kubafasha kuronka akazi kabaronsa amahera yo kugura ibiribwa. Canke ishobora gutuma baroranirwa mu kwirimira ibiribwa. Mu gihe ibintu vyifashe nabi, Imana irashobora gutuma ababanyi canke abagenzi b’umutima mwiza basabikanya ibifungurwa bafise n’abakenye.

Hariho vyinshi dushobora kwiga twihweje twitonze ukuntu inyoni zibayeho. Imana yaremanye inyoni itima ridasanzwe rituma zarika ivyari zishobora kurereramwo ivyana vyazo. Raba ubu bwoko bubiri butandukanye bw’ivyari. Ico ubona ibubamfu ni icari c’inyoni yo muri Afirika yitwa intamba. Icubaka ku gitandara c’ibuye canke ku ruhome rw’inzu. Ivyari nk’ivyo usanga biri munsi y’igitandara c’ibuye canke nk’uko ubibona kuri iyo foto, ukabisanga hanze munsi y’igisenge c’inzu. Mu kwubaka icari cayo, iyo nyoni iza irahomahoma utwondo gushika aho gifukura nk’umubehe. Inyoni y’ingabo be n’ingore zompi zirakora cane mu gukorakoranya utwondo, kandi bishobora gutwara ukwezi kurenga kugira ngo nya cari cuzure. Hanyuma zica zisasa muri co utwatsi be n’amubi. Zompi zirafashanya mu kugaburira ivyana vyazo. Ico ubona hepfo ni icari c’inyoni yitwa intwenzi. Iyo nyoni yo muri Afirika ifise umwete, yubaka icari cayo ikoresheje ivyatsi. Ishobora kurangiza ico cari ku musi umwe, kandi irashobora kwubaka ivyari birenga 30 mu kiringo izomara nya hantu!

Ni icigwa ikihe tuhakura? Nimba Imana ironsa inyoni ubuhanga nk’ubwo be n’ibikoresho vyinshi nk’ivyo vyo kwubaka ivyari, nta gukeka ko ishobora gufasha abasavyi bayo kuronka uburaro bakeneye. Ariko rero, Yezu yarerekanye ko hari ikindi kintu gikenewe nimba twipfuza ko Yehova Imana adufasha kuronka ibintu vy’umubiri dukeneye. Yezu yasezeranye ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:33). Ushobora kwibaza uti: “‘Kubanza kurondera Ubwami bw’Imana’ bisigura iki”? Ivyabona vya Yehova ari na bo bagenda baratanga iki kinyamakuru, bazohimbarwa no ku kwishura ico kibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika