ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/02 rup. 1
  • “Bazokwumva Bate?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Bazokwumva Bate?”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • ‘Icabona ku mahanga yose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Mwibuke muka Loti
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Dukwiye kubona abantu gute uko umusi wa Yehova wegereza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwizigire wa «Mucamanza w’isi yose» yuzuye imbabazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 1/02 rup. 1

“Bazokwumva Bate?”

1 Yezu yavuze ashimitse ati: “Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose.” (Mrk. 13:10) Naho tugira utwigoro dukomeye, haracariho abantu imiliyoni amajana ubwabo batarashingirwa intahe. Intwaro zimwezimwe ziraburabuza igikorwa cacu. Ibihugu vyinshi bifise abanyagihugu benshi baguma bagwirirana ningoga na ningoga. Ku bw’ivyo none, “bazokwumva bate?”—Rom. 10:14.

2 Niwizigire Yehova: Dutegerezwa kwibuka yuko Yehova azi ingene imitima y’abantu bose imeze. Uko ivy’umuntu vyifashe kwose, nimba arondera ata buryarya ukuri kwerekeye Imana, azokuronka.—1 Ngo. 28:9.

3 Aburahamu yarababazwa n’ababa i Sodoma n’i Gomora. Mugabo Imana yaramukuye amazinda yuko Sodoma kitosanganguwe naho nyene cobonetsemwo abantu cumi gusa b’abagororotsi. (Ita. 18:20, 23, 25, 32) Yehova ntiyigeze ahonereza hamwe abagororotsi n’abanyakibi, nk’uko vyabonekeye mu kuntu Loti n’abakobwa biwe barokotse.—2 Pet. 2:6-9.

4 Igihe kimwe Eliya yarigeze kwiyumvira yuko yari wenyene gusa mu gusukurira Imana y’ukuri. Ariko rero, Yehova yaramukuye amazinda yuko atari wenyene namba kandi yuko igikorwa yari yaratanguye cosozerewe. (1 Abm. 19:14-18) Ibintu vyifashe gute muri kino gihe cacu?

5 Guma Ufise Vyinshi Ukora mu Murimo w’Imana: Ntidushobora kumenya umwanya usigaye wo kurangura igikorwa c’ugushinga intahe ukuntu ungana. Yehova ni we ajejwe ivy’ico gikorwa kandi ariko arakoresha abamarayika biwe ngo bagicungere. (Ivyah. 14:6, 7) Ni we musa ashinga urugero twogezako mu gushingira intahe amahanga yose. Mu gihe Yehova yobishaka, arashobora kubona ko ubutumwa bw’Ubwami bukwiragijwe uko tutari bwigere twibaza, kugira ngo abantu barushirije kuba benshi bashobore “[kw]umva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.” (Ivyak. 15:7) Ico Yehova akora kizoba gihuye neza n’uko ari, n’ukuvuga Imana y’urukundo, y’ubukerebutsi kandi iroranya.

6 Ni agateka twatewe gukora mu buryo buhuye n’ivyo Yehova agomba, mu gukora uko dushoboye kwose kugira ngo umuntu wese yumve inkuru nziza.—1 Kor. 9:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika