-
Ibibazo vy’AbasomyiUmunara w’Inderetsi—2001 | 1 Gitugutu
-
-
Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere ati: “Haracarih’uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana. Kuk’ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo. Nuko tugire umwete wo gushika mur’ubgo buruhukiro.”—Abaheburayo 4:9-11.
-
-
Ibibazo vy’AbasomyiUmunara w’Inderetsi—2001 | 1 Gitugutu
-
-
Dusubiye kuri ya majambo Paulo yavuga mu Baheburayo, turabona yuko yadoma urutoke ku vy’uko “ha[kiriho] uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana,” kandi yahimirije Abakirisu bagenziwe gukora uko bashoboye kwose kugira ngo “[ba]shik[e] mur’ubgo buruhukiro.” Ivyo vyerekana yuko igihe Paulo yandika ayo majambo, “umusi w’indwi” w’uburuhukiro bw’Imana, uwari umaze nk’imyaka 4.000 utanguye, wari ukiriko urabandanya. Umugambi w’Imana werekeye umuryango w’abantu hamwe n’isi ntuzorangira utarangutse bimwe bishitse ku mpera y’Ingoma ya Yezu Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, Yezu akaba ari nawe “Mwami w’isabato.”—Matayo 12:8; Ivyahishuriwe 20:1-6; 21:1-4.
-