2 Ngoma
34 Yosiya+ yari afise imyaka umunani+ igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itatu n’umwe aganza i Yeruzalemu+. 2 Atangura gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+ kandi agendera mu nzira za Dawidi sekuruza+; ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu+.
3 Mu mwaka ugira umunani w’ingoma yiwe, igihe yari akiri agahungu+, atangura kurondera+ Imana ya Dawidi sekuruza wiwe; mu mwaka ugira cumi na kabiri na ho, atangura guhumanura+ Yuda na Yeruzalemu abikuramwo ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe. 4 Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro+ vya za Bayali+; ibishirwako imibavu+ vyari hejuru arabitema biva kuri ivyo bicaniro; ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe arabimenagura abigira ifu+, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+. 5 Amagufa+ y’abaherezi ayaturirira ku bicaniro vyabo+. Ukwo ni ko yahumanuye Yuda na Yeruzalemu.
6 Vyongeye, mu bisagara vya Manase+ na Efurayimu+ na Simeyoni no gushika muri Nafutali, mu bibanza vyavyo vyatikijwe irya n’ino, 7 egome, atangura gusiturira hasi ibicaniro+ n’ibikingi vyeranda+; ibishusho bibajwe+ arabijanjagura abigira ifu+; ibishirwako imibavu+ vyose na vyo arabitemagura mu gihugu cose ca Isirayeli, hanyuma agaruka i Yeruzalemu.
8 Mu mwaka ugira cumi n’umunani+ w’ingoma yiwe, amaze guhumanura igihugu n’inzu, atuma Shafani+ mwene Azaliya na Mayaseya umukuru w’igisagara na Yowa mwene Yowahazi umukarani, kugira ngo basanasane+ inzu ya Yehova Imana yiwe. 9 Nuko baza kuri Hilikiya+ umuherezi mukuru maze batanga amahera yari azanywe ku nzu y’Imana, ayo Abalewi abarinzi b’imiryango+ bari begeranije avuye mu kuboko kwa Manase+ na Efurayimu+ n’ahasigaye hose muri Isirayeli+ no muri Yuda yose no muri Benyamini no mu baba i Yeruzalemu. 10 Maze bayashira mu kuboko kw’abakora igikorwa bari bagenywe ku nzu ya Yehova+. Bano na bo, abari ku gikorwa mu nzu ya Yehova, bayakoresha mu gusanura no gusanasana iyo nzu. 11 Nuko bayaha abahinguzi b’utugenegene n’abubatsi+ kugira ngo bagure amabuye abajwe+ n’ibiti vyo gukoramwo ibidadizo no kugira ngo bubakishe ibigiga amazu abami+ ba Yuda bari barasambuye.
12 Kandi abo bagabo bakorana ubwizigirwa+ muri ico gikorwa; abari baragenywe ngo babe abacungezi babo bari Yahati na Obadiya Abalewi bo muri bene Merari+, na Zekariya na Meshulamu bo mu bahungu b’Abakohati+. Abalewi na bo, umwe wese muri bo akaba yari umuhanga mu bijanye n’ibicurarangisho vy’ururirimbo+, 13 bari bajejwe abatwara imizigo+, bakaba n’abacungezi+ b’abakora igikorwa bose ku bijanye n’ibikorwa bitandukanye; kandi mu Balewi+ harimwo abanyamabanga+ n’abarongozi n’abarinzi b’amarembo+.
14 Mu gihe bariko basohora amahera+ yazanwa ku nzu ya Yehova, Hilikiya+ umuherezi yubura igitabu+ c’itegeko rya Yehova+ ryatanzwe biciye ku kuboko kwa Musa+. 15 Nuko Hilikiya abwira Shafani+ umunyamabanga ati: “Ca gitabu c’itegeko nacubuye mu nzu ya Yehova.” Hilikiya aca aha ico gitabu Shafani. 16 Maze Shafani azanira ico gitabu umwami, yongera abwira umwami ati: “Ivyashizwe mu kuboko kw’abasuku bawe vyose bariko barabikora. 17 Barasuka amahera ari mu nzu ya Yehova, bakayashira mu kuboko kw’abagabo bagenywe no mu kuboko kw’abakora igikorwa+.” 18 Shafani umunyamabanga abandanya kumenyesha umwami ati: “Hari igitabu+ Hilikiya umuherezi yampaye+.” Nuko Shafani atangura gusomera imbere y’umwami ibiri muri ico gitabu+.
19 Umwami ngo yumve amajambo ya nya tegeko, aca atantamura impuzu ziwe+. 20 Maze umwami ategeka Hilikiya+ na Ahikamu+ mwene Shafani na Abudoni mwene Mika na Shafani+ umunyamabanga+ na Asaya+ umusuku w’umwami, ati: 21 “Gende munsigurize+ Yehova, twe+ n’abasigaye muri Isirayeli no muri Yuda, ku vyerekeye amajambo yo muri ico gitabu+ cubuwe, kuko ubushangashirwe bwa Yehova+ butegerezwa gusukwa kuri twebwe ari bwinshi, kubera ko ba sogokuruza bacu batagumije ijambo rya Yehova ngo bakore bisunze ivyanditswe muri iki gitabu vyose+.”
22 Nuko Hilikiya ari kumwe n’abo umwami yari yavuze baja kuri Hulida+ umuhanuzikazi+, umugore wa Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi, uwitwararika impuzu+, kuko yaba i Yeruzalemu mu gice ca kabiri c’igisagara; maze batangura kumubwira gutyo. 23 Na we ababwira ati:
“Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Mubwire uwo mugabo yabantumyeko muti: 24 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira nteze ivyago+ aha hantu n’abahaba+, imivumo yose+ yanditswe muri ico gitabu basomeye imbere y’umwami wa Yuda+, 25 kubera ko bampevye+ bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+, kugira ngo bambabarishe+ ibikorwa vyose vy’amaboko yabo+. Ku bw’ivyo, ubushangashirwe bwanje+ buzosukwa aha hantu, ntibuzime+.’” 26 Nayo umwami wa Yuda abatumye gusiguza Yehova, mumubwire muti: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Ku bijanye n’amajambo+ wumvise, 27 kubera ko umutima wawe+ waciye woroha ku buryo wicisha bugufi+ kubera Imana aho wumviye amajambo yayo yerekeye aha hantu n’abahaba, maze ukicisha bugufi imbere yanje+, ugatantamura+ impuzu zawe hanyuma ukaririra imbere yanje, nanje numvise+, ni ko Yehova avuze. 28 Ehe nguhaye guhamvya ba sogokuruza bawe; ata gukeka uzohamvya imva yawe amahoro+, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose+ ngira nteze aha hantu n’abahaba+.’”’”
Nuko bazanira iyo nyishu umwami. 29 Maze umwami atuma gukoranya abagabo b’inararibonye bose ba Yuda n’aba Yeruzalemu+. 30 Umwami aduga rero ku nzu ya Yehova+ ari kumwe n’abagabo ba Yuda bose n’ababa i Yeruzalemu n’abaherezi+ n’Abalewi be n’abantu bose, uwuhambaye n’umuto; atangura gusomera+ mu matwi yabo amajambo yose yo muri nya gitabu c’isezerano cari cubuwe mu nzu ya Yehova+. 31 Umwami aguma ahagaze mu kibanza ciwe+ maze agira isezerano+ imbere ya Yehova yuko azokurikira Yehova be n’uko azogumya n’umutima wiwe wose+ be n’ubuzima bwiwe bwose+ amabwirizwa yiwe+ n’ibishingantahe vyiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+, kugira ngo ashitse+ amajambo y’isezerano yari yanditswe muri ico gitabu+. 32 Vyongeye, atuma abari i Yeruzalemu bose no muri Benyamini barishigikira. Nuko ababa i Yeruzalemu bakora bisunze isezerano ry’Imana, Imana ya ba sekuruza babo+. 33 Inyuma y’ivyo, Yosiya akura ibintu biteye ishishi+ vyose mu bihugu vyose vyegukira bene Isirayeli+, kandi atuma ababa muri Isirayeli bose batangura igikorwa, kugira ngo bakorere Yehova Imana yabo. Mu misi yiwe yose ntibakevya ngo bareke gukurikira Yehova Imana ya ba sekuruza babo+.