Zaburi
ל [Lamedi]
10 Ewe Yehova, kubera iki uhagaze kure?
Kubera iki winyegeza mu gihe c’amagorwa+?
2 Ubwibone bw’umubisha butuma ahiga umuntu atagira gitabara+,
ariko azogwa mu mutego kubera imigambi yiwe mibi+.
3 Umubisha arirata kubera ivyipfuzo vyiwe bibi+,
agahayagiza abarondera inyungu mbi*,
נ [Nuni]
kandi agasuzugura Yehova.
5 Yama aroranirwa mu vyo akora vyose+,
ariko amategeko yawe ntashobora kuyatahura+.
Abansi biwe bose arabasuzugura.
פ [Pe]
7 Akanwa kiwe kuzuyemwo imivumo, ibinyoma n’iterabwoba+.
Munsi y’ururimi rwiwe hari ivyago n’ibintu bibabaza+.
ע [Ayini]
Amaso yiwe aguma areretse umuntu yigorewe+.
9 Arindirira aho yinyegeje nk’intambwe ibunze mu mwobo*+,
akarindira gucakira umuntu atagira gitabara.
Aramucakira, agaca akwega urusenga akarwugara+.
10 Aramutura hasi akamufyonyanga.
Abantu bigorewe ni bo bagwa mu vyara vyiwe.
11 Mu mutima wiwe yibwira ati: «Imana yaravyibagiye+.
Yarahindukiye yirabira hirya.
Nta na kimwe yigera ibona+.»
ק [Kofu]
12 Haguruka Yehova+! Ewe Mana, duza ukuboko kwawe+!
Ntiwibagire abantu batagira gitabara+.
13 Kubera iki umubisha asuzugura Imana?
Mu mutima wiwe yibwira ngo: «Imana nta co izombaza.»
ר [Reshi]
14 Ariko wewe urabona ivyago n’amagorwa.
Uritegereza kandi ukifatira ibintu mu minwe+.
ש [Shini]
15 Nuvune amaboko y’umubisha n’inkozi y’ikibi+,
kugira ngo niwarondera ibikorwa vyiwe vy’ububisha
ntusubire kubibona.
16 Yehova ni Umwami gushika ibihe bidahera+.
Amahanga y’ababisha yarazimanganye kw’isi+.
ת [Tau]