Umusiguzi
8 Ni nde yogereranywa n’inkerebutsi? Ni nde azi inyishu y’ibibazo vyose*? Ubukerebutsi bw’umuntu butuma mu maso hiwe haba ahakeye, kandi buragabanya umujinya yari afise.
2 Ico mvuga ni iki: «Gamburuka amategeko y’umwami+ kubera ivyo warahiye Imana+. 3 Ntiwihutire kuva imbere yiwe+. Ntushigikire ikibi na kimwe+, kuko ashobora gukora ico ashatse cose, 4 kandi ijambo ry’umwami ni ntaharirizwa+. Ni nde none yomubaza ngo: “Uriko ukora iki?”»
5 Uwubahiriza amabwirizwa ntazoshikirwa n’ingorane+, kandi umutima w’umunyabwenge uramenya umwanya ubereye wo gukora ikintu n’uburyo bwo kugikora*+. 6 Ikintu cose kirafise umwanya waco n’ingene gikorwa+, kubera ko ingorane zihanze abantu ari nyinshi cane. 7 Ko ata n’umwe azi ibizoba, none ni nde yovuga ingene bizogenda?
8 Kurya nyene ata wufise ububasha ku mpwemu* canke ngo ashobore kuyitangira, ni na ko ata wufise ububasha ku musi w’urupfu+. Kurya nyene ata wurekurwa ngo ave ku rugamba mu gihe c’intambara, ni ko n’ububisha butazorekura ababukora*.
9 Ivyo vyose narabibonye, kandi narihweje ibikorwa vyose bikorerwa munsi y’izuba, mu gihe umuntu aganza uwundi mu kumugirira nabi+. 10 Kandi narabonye ababisha bahambwa, abahora binjira bongera basohoka mu kibanza ceranda, ariko bagaca bibagirwa ningoga mu gisagara bahora bakoreramwo ayo mabi+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
11 Kubera ko urubanza rwaciriwe inkozi y’ikibi rutashizwe mu ngiro ningoga+, abantu ntibagitinya gukora ikibi+. 12 Naho umucumuzi yokora ikibi incuro ijana kandi akaramba, ndazi ko bizogendera neza abatinya Imana y’ukuri, kuko bayitinya+. 13 Ariko umubisha ntibizomugendera neza+. Imisi yiwe imeze nk’igitutu+, ntizokwongerekana kuko adatinya Imana.
14 Hari ikintu kibabaje* kiba kw’isi: hari abagororotsi bafatwa nk’inkozi z’ikibi+, hakaba n’inkozi z’ikibi zifatwa nk’abagororotsi+. Ivyo na vyo nyene novuga ko ari ubusa.
15 Naciye ndemesha abantu kunezerwa+, kuko munsi y’izuba ata coza kirutira umuntu kurya, kunywa no kunezerwa. Ivyo ni vyo bikwiye kumuherekeza mu gikorwa kitoroshe arangura mu misi y’ubuzima bwiwe+, iyo Imana y’ukuri yamuhaye munsi y’izuba.
16 Nariyemeje kurondera ubukerebutsi no kwihweza ibikorwa vyose bikorerwa kw’isi+, mbere nkiyima n’agatiro ku murango no mw’ijoro*. 17 Narihweje ibikorwa vyose Imana y’ukuri yakoze, nsanga abantu ntibashobora gutahura ibibera munsi y’izuba+. Naho bogerageza gute, ntibashobora kubitahura. Naho bokwibwira ko bafise ubwenge buhagije kugira babimenye, ntibashobora kubitahura vy’ukuri+.