Yesaya
Yehova yampamagaye ntaravuka*+.
Yavuze izina ryanje kuva nkiri mu nda ya mama.
Yangize umwampi usenye,
ampisha mu gasaho kiwe k’imyampi.
3 Yambwiye ati: «Ewe Isirayeli, uri umusavyi wanje+.
Ni wewe nzokwerekanirako ubwiza bwanje buhebuje+.»
4 Mugabo navuze nti: «Nacumukuriye ubusa.
Inkomezi zanje nazimariye ku bitabaho, ku bintu ata co bimaze.
5 None ubu Yehova, Umwe yambumba nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe,
yambwiye ngo ngarukane Yakobo kuri we,
kugira ngo Isirayeli ndayikoranirize kuri we+.
Nzoninahazwa imbere ya Yehova,
kandi Imana yanje izoba yacitse inkomezi zanje.
6 Yambwiye ati: «Nturi umusavyi wanje gusa
wo guhagurutsa imiryango ya Yakobo
no kugarukana Abisirayeli bazigamwe.
7 Ibi ni vyo Yehova, Umucunguzi wa Isirayeli akaba n’Umweranda wiwe+, abwiye wa wundi asuzugurwa+, wa wundi ihanga ryanka urunuka, umwe akorera abategetsi:
«Abami bazobibona bahaguruke,
abatware na bo buname,
kubera Yehova umwe yama ari umwizigirwa+,
wa Mweranda wa Isirayeli, umwe yagutoye+.»
8 Yehova avuze ati:
«Mu gihe c’ugushimwa* narakwishuye+,
kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.
Nagumye ndakuzigama kugira ndagutange ngo ubere abantu isezerano+,
ngo igihugu gisubizwe umutamana,
ngo ntume basubira ku ntoranwa zabo zacitse umusaka+.
Abari mu mwiza+ na bo bazobwirwa ngo: “Nimwiyerekane!”
Bazogenda bararisha iruhande y’amabarabara,
baronke uburagiro iruhande y’inzira zose zinoze*.
13 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we, nawe wa si we nunezerwe+.
Imisozi nivuze impundu inezerwe+,
14 Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo:
«Yehova yarampevye+, Yehova yaranyibagiye+.»
15 Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka,
canke ntiyumvire akagongwe umwana yavyaye?
Naho vyoshika abo bagore bakibagira, jewe sinzokwigera ndakwibagira+.
16 Raba! Nakwanditse* mu biganza vyanje.
Inzitiro zawe zama imbere yanje.
17 Abana bawe bihutiye kugaruka.
Abagusambuye bakagutikiza bazova iwawe bagende.
18 Raramura amaso urabe irya n’ino.
Bariko bakoranira hamwe bose+.
Baje iwawe.
«Ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova avuze,
«bose uzobambara nk’uko bambara udusharizo,
ubibohereko nk’uko umugeni yiboherako udusharizo.
19 Naho ibibanza vyawe vyatikijwe bigasigara ari akahebwe, igihugu cawe kigacika umusaka+,
hazokwagira abahaba+.
20 Abana bavutse igihe wahekurwa bazokubwira bati:
“Aha hantu haratwagiye.
Nutwagurire turonke ikibanza tubamwo+.”
21 Uzokwibwira mu mutima uti:
“Aba ni nde yabamvyariye
ko ndi umugore yahekuwe kandi w’ingumba,
yajanywe mu bunyagano ari imbohe?
Aba ni nde yabareze+?
22 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
Bazokwunamira mu maso habo hashike hasi+,
barigate umukungugu wo ku birenge vyawe+.
Uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.
Abanyizigira ntibazomaramara+.»
24 Mbega abafashwe n’umugabo w’inkomezi hari uwoshobora kubamwaka?
Canke abafashwe n’umuntu atwaza umukazo hari uwoshobora kubarokora?
25 Mugabo Yehova avuze ati:
Nzorwanya abakurwanya+,
kandi nzokiza abana bawe.
26 Abagufata nabi nzobarisha inyama zabo bwite,
baborerwe amaraso yabo bwite nk’ababorejwe n’umuvinyu usosa.