Kuvayo 16:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ehe ngira ndabacuncuburire umukate uvuye mu majuru+; kandi abantu baze basohoke umwe wese atore urugero rwiwe ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogendera canke batazogendera mw’itegeko ryanje+. Gusubira mu vyagezwe 8:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije. 1 Petero 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu.
4 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ehe ngira ndabacuncuburire umukate uvuye mu majuru+; kandi abantu baze basohoke umwe wese atore urugero rwiwe ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogendera canke batazogendera mw’itegeko ryanje+.
2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije.
7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu.