27 Igiti co mu gahinga kizotanga koko ivyamwa vyaco+, n’igihugu gitange umwimbu waco+, kandi zizokwibera ku butaka bwazo mu mutekano+. Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninavunagura imitambikwa y’ingǒgo yazo+, nkazirokora mu kuboko kw’abahora bazikoresha nk’abashumba+.