Kuvayo 32:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Nitegereje aba bantu: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. 2 Ngoma 30:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 None rero ntimudadaze izosi+ nk’uko ba sogokuruza banyu bagize. Nimworohere Yehova+, muze aheranda hiwe+ yejeje+ gushika igihe kitagira urugero, mukorere+ Yehova Imana yanyu, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba+ ribaveko. Imigani 29:1 Bibiliya y’isi nshasha 29 Umuntu akangirwa+ kenshi mugabo agakomantaza izosi+ azovunagurwa giturumbuka, kandi ata gukira+. Ivyakozwe 7:51 Bibiliya y’isi nshasha 51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+. Yuda 16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Abo bantu ni abidodomvyi+, abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+, kandi iminwa yabo ivuga ibintu vyo kwivyimvya+, mu gihe batangarira abahambaye+ ku bw’inyungu yabo bwite.
8 None rero ntimudadaze izosi+ nk’uko ba sogokuruza banyu bagize. Nimworohere Yehova+, muze aheranda hiwe+ yejeje+ gushika igihe kitagira urugero, mukorere+ Yehova Imana yanyu, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba+ ribaveko.
51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+.
16 Abo bantu ni abidodomvyi+, abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+, kandi iminwa yabo ivuga ibintu vyo kwivyimvya+, mu gihe batangarira abahambaye+ ku bw’inyungu yabo bwite.