1 Samweli 2:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Yamara, hariho umugabo wo mu bawe ntazorandura kugira abe hafi y’igicaniro canje, kugira ngo ntume amaso yawe agwabira nongere ntume ugoyagoya; mugabo benshi mu nzu yawe, bose bazokwicwa n’inkota y’abantu+. 1 Samweli 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Isandugu y’Imana irafatwa+, ba bahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi, na bo barapfa+. 1 Samweli 22:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino.
33 Yamara, hariho umugabo wo mu bawe ntazorandura kugira abe hafi y’igicaniro canje, kugira ngo ntume amaso yawe agwabira nongere ntume ugoyagoya; mugabo benshi mu nzu yawe, bose bazokwicwa n’inkota y’abantu+.
18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino.