Kuvayo 16:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’” Abalewi 11:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 Kuko ndi Yehova Imana yanyu+; kandi mutegerezwa kwiyeza, kandi mutegerezwa kuba beranda+, kuko jewe ndi mweranda+. Ntimuze mwihumanishe ibiremwa bigwirirana na bimwe bigendagenda kw’isi. Abalewi 20:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “‘Kandi mutegerezwa kwiyeza no kwerekana ko muri beranda+, kuko ndi Yehova Imana yanyu.
12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’”
44 Kuko ndi Yehova Imana yanyu+; kandi mutegerezwa kwiyeza, kandi mutegerezwa kuba beranda+, kuko jewe ndi mweranda+. Ntimuze mwihumanishe ibiremwa bigwirirana na bimwe bigendagenda kw’isi.