Zaburi 55:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nayo jewe, nzosemerera ntakambira Imana+;Kandi Yehova ubwiwe azonkiza+. Abaroma 12:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Munezerwe mu cizigiro+. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. Abanyefeso 6:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Kandi ku bw’ivyo, mugume murikanuye mudatezura mwongera mutakamba ku bw’aberanda bose, Abafilipi 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba+ hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana+; Abakolosayi 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Mushishikare gusenga+, muguma murikanuye muri ivyo hariko n’ugukenguruka+, 1 Abatesalonika 5:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Musenge ubudahengeshanya+.
18 mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Kandi ku bw’ivyo, mugume murikanuye mudatezura mwongera mutakamba ku bw’aberanda bose,
6 Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba+ hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana+;