ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Nzogaruka ng’aha mu mwaka uza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu.»

  • Zaburi 135:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Ico Yehova ashatse cose aragikora+,

      haba mw’ijuru, kw’isi, mu biyaga, mbere no mu kuzimu hose.

  • Yesaya 43:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Vyongeye, nama ndi wa wundi nyene+,

      kandi nta wonshikura ikintu mu kuboko+.

      Ngize ico nkoze, ni nde yombuza+?»

  • Yesaya 55:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kurya nyene imvura na shelegi* bikoroka bivuye mw’ijuru,

      ntibisubireyo bitanywesheje isi, bigatuma yimbuka ikamera,

      uwubiba akaronka imbuto, n’uwurya akaronka ibifungurwa,

      11 ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje rizomera+.

      Ntirizongarukako ata co rishitseko+,

      ahubwo rizoshitsa vy’ukuri ikimpimbara* cose+,

      riroranirwe ata kabuza mu co naritumye.

  • Yeremiya 32:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Erega ni wewe waremye* ijuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye+ n’ukuboko gukomeye*. Nta kintu c’agatangaza kuri wewe.

  • Mariko 10:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana si ko biri. Ku Mana vyose birashoboka+.»

  • Luka 18:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Aca abishura ati: «Ibidashoboka ku bantu ku Mana birashoboka+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika